Angola: MPLA yatsinze Unita mw'ihiganwa rya mbere rikomeye

Ahavuye isanamu, Reuters
Umugambwe umaze imyaka myinhsi ari wo wiganje muri Angola watsinndiye iyindi myaka itanu y’ubutegetsi bw’ico gihugu, ariko kuri iyi ncuro amajwi yawo yaragabanutse cane, nk’uko vyatangajwe n’umugwi ujejwe amatora.
MPLA, ku burongozi bwa prezida João Lourenço, waronse 51.2% mu matora yabaye ku ndwi iheze. Umugambwe wawukurikiye hafi mu majwi, Unita, waronse 44%.
Unita yari yavuze iriko iraraba niba yokwanka ivyavuye mu matora.
MPELA, uri ku butegetsi kuva Angola ikironka intahe yo kwikukira mu 1975, yaraneguwe cane kubera urugero runini rw’ubukene n’ubushomeri mu gihugu.
Amajwi yaronse ubu yagabanutse kuva ku 61% mu matora yaheruka mu 2017 mu gihe aya Unita yo yaduze kuva ku 27%.
Umukuru wa Unita, Adalberto Costa Júnior, ku ndwi iheze yaranse ivyavuye mu matora vy’imfatakibanza, avuga ko bidahuye n’ivyo umugambwe wiwe waharuye.
Uburongozi bwa MPLA bwo buja bwatanguye kwigina intsinzi mw’ikoraniro ry’umugambwe ku cicaro cawo ku murwa mukuru, Luanda, nk’uko umunyamakuru Israel Campos yabibwiye ikiganiro ca BBC Focus on Africa.
MPLA iri ku butegetsi bwa Angola kuva ico gihugu kironse ubwigenge kuri Portugal mu 1975.
MPLA na Unita yarwanye intambara ndende gushika mu 2002 ariko imyaka 20 y’amahoro nta vyinshi yazaniye abanyagihugu nk’uko bari bavyiteze.
Hafi 50% y’abanyagihugu babayeho ku mafaranga adashika ama dorari abiri ($2) ku munsi n’ubwo igihugu gitunze ibitoro n’amabuye y’agaciro.
Lourenço yabaye umukuru w’igihugu mu 2017 asubiriye uwari amaze imyaka myinshi atwara Amgola, José Eduardo dos Santos.
Kwiyemeza kurwanya ibiturire vyatumye yitandukanya n’umuryango wa Dos Santos n’abawushigikiye, bamwe bakaba baranapfunzwe.
Dos Santos ubwiwe yapfiriye muri Espagne mu kwezi guheze, ku myaka 79. Ishingurwa ryiwe ryabaye ku wa mungu muri Angola n’ubwo habaye impari za poritike kubera umukobwa wiwe, Tchizé dos Santos, yari yanse ko ashingurwa mu gihugu.
Ariko sentare yo muri Espagne yafashe ingingo ko ikiziga ca Dos Santos gitahanwa kigashikirizwa umupfakazi wiwe.










