Angola – UK: Cesar Kimbirima yigeze kuba umusirikare yabaye rurangiranwa i London inyuma yo kurusimba

Cesar Kimbirima

Ahavuye isanamu, JEFF OVERS / BBC

Insiguro y'isanamu, Cesar Kimbirima, hanze ya Brockley Barge, yo mw'ishirahamwe ry'ubunywero rya Wetherspoons
    • Umwanditsi, Na Owen Amos
    • Igikorwa, BBC News
  • Yatangajwe

Urusoro rwari rwamuciye mu kanwa no ku gikanu. Cesar Kimbirima aho yariko aragaragurika mu vyatsi, yiyumvira umuryango wiwe mu kurindira ko acikana.

Si ubwa mbere yari arashwe. Yari amaze kuraswa incuro zitatu - ku kuguru no ku kuboko. Ariko ico gihe ni ho yababaye cane.

Ico gihe, ijuru ritanguye kuzunguruka, atanguye no gutakaza ubwenge, yibajije ko birangiye. Ubuzima bwiwe ko bugira burangirire muri ivyo vyatsi birebire, mu gihe amaraso yariko araseseka ari menshi kw'isi yumye.

Inyuma y'imyaka 20, uwo musirikare yagira asezere isi, asuka inzoga mu birahure mu kabare abereye umukozi mukuru mu bumanuko bwa Londres. Igihe aba ariko araganira n'abakina akamari anakinisha abana bari muri "poussettes" zabo, nta kimenyetso na kimwe ubona c'ubuzima bwa kera bwa Cesar Kimbirima.

Nta kimenyetso na kimwe ubona, kiretse uravye neza izosi ryiwe. Kuko aho, hejuru y'ibitugu, hari inkovu: yibutsa urusoro, ikiringo yamaze muri 'koma', hamwe no guhunga kwiwe.

Short presentational grey line

Cesar Kimbirima yavukiye muri Angola, mu bumanuko bushira uburengero bwa Afrika, akaba avukana n'abana 11. Nyina wiwe yari umwigisha mw'ishure ry'intango; se na we yakora akazi ko kuvura no gukora amatara.

Umuryango wiwe waba i Huambo, igisagara kigira gatatu, hamwe no mu bindi bice vy'igihugu. N'aho hariko haraba intambara ndende, yarakunda kwiga, kandi yari umwana amerewe neza. Ariko mu 1990, igihe Cesar yari afise imyaka 17, ubwana bwiwe bwaramuvuyeko.

Avuga ko "Igisirikare canshize mw'ibarabara". "Ni ko vyari bimeze ubwa mbere. Ukuze, waca ufatwa bakagutwara ku nguvu. Ata ruhusha basavye so wawe, ata kintu na kimwe usabwe."

Nta n'akanya yahawe ko gutwara utwiwe. Nta ruhusha yahawe rwo gusezera umuryango - atasubiye kubona mu kiringo c'imyaka itatu. Ariko nta kintu na kimwe muri ivyo cari gitangaje.

"Nk'umwana ico gihe, twakunda kuvuga 'Bakamfata, ivyanje bizoba biheze'. Kuko twari tuzi uko bigenda. Urumva, bamaze kugucakira, vyaba biheze."

Yari gushobora guhunga? "Unabigerageje, wari gushobora kwicwa. Wapfuma uguma hamwe, ukicara hasi ukarindira ikamyo."

Igisirikare ca Angola nticitaho - canke nticashobora kwitaho - abasirikare baco. Mu mezi atandatu y'imyimenyerezo, abayirimwo baronka indya rimwe ku musi. Inyuma y'imyimenyerezo, barungitswe mu butumwa bw'akazi, barashobora kuronka ipaki zibiri z'ibisuguti, ibwate y'amata hamwe n'akabido k'amazi.

Izo mfungurwa zategerezwa kumara imisi 30.

Yibuka ko "Twarahigiye kubaho ku musi ku musi". "Mufise agasaho ka plastike, mwaca muboha ivyatsi n'inguvu gushika aho bitangura kuvamwo amazi. Atanguye gukoroka, mwaba muronse amazi."

Yarashwe ubwa mbere afise imyaka 18. Avuga ko "hari mu kuguru". "Twakunda kurarira abanyagihugu mu ntambara. Abasirikare bagwanya reta baramanutse baradutera. Twari abana, nta burambe mu kazi twari dufise."

Cesar yaciye afatwa n'ayandi masase abiri, mu bitero bitandukanye, imbere y'uko haba igitero cahatswe kumutwara ubuzima.

Cesar asuka inzoga

Ahavuye isanamu, JEFF OVERS / BBC

Cesar Kimbirima yagize ati: "Mu bisanzwe badutera hagati mu gicugu (mw'ijoro cane)."

"Ico gihe baje nk'isaha zibiri z'ijoro [20h]. Twari twumvise ibintu bikomye. Umwe mu bo twari kumwe yaciye yiruka, baca batangura kurasa. Hanyuma turabasubiza. Hanyuma nca numva ndakanye cane."

N'aho atashotse abibona mu ntango, yari yarashwe mu kanwa.

Yaciye ata inkoho yiwe - kuko yari azi ko bayimusanganye yaca yicwa - aca abandanya yiruka. Inyuma y'imetero 15 canke 20, yaciye aryama mu vyatsi aca yumva amaraso ariko arashororoka mu mugongo.

Yavutse ati: "Nariyumviriye umuryango wanje - ntashoboye gusezera. Numva ko vyose birangiye - ko ubuzima bwanje buheze. Niyumvira nti uwundi mwana arapfuye. Ni ko nibwira. Ni co kintu ca nyuma nibuka."

Cesar yasubiye kwikangura ari mu bitaro - "Sinemera ko nkiri muzima" - hanyuma aca abandanya kuvurwa imisi ibiri canke itatu. Ariko mu nyuma, yaciye aja muri 'koma', yamazemwo amezi atanu. Yikanguye, umuganga yaciye amubwira ko atagisubira gutambuka.

Hariho n'inkuru nziza. Inyuma y'imyaka icenda ari mu gisirikare, yaciye asubizwa mu buzima busanzwe - ntibashaka umusirikare adashobora gutambuka.

Ariko kandi hari n'inkuru atari nziza. Yari afise imyaka 26, nta faranga na rimwe yari afise kandi ntiyari azi uko ashobora gutora umuryango wiwe - wari ugizwe n'umugore n'umwana wiwe w'umukobwa w'imyaka itatu. Yavuye mu bitaro ata kintu na kimwe afise kiretse imbago (béquilles) zikozwe mu biti.

Agira ati: "Kwari ugupfa canke gukira. Nagenda ndasabiriza indya n'amafaranga, hamwe n'aho nkika umusaya."

Mu nyuma yahuye n'abasirikare bari mu butumwa bwo kugarukana amahoro ba ONU. Yibajije ko "bari abanye Amerika - bavuga icongereza."

"Bose bari bazi abana bakiri bato bari muri izo ngorane. Bari bazi ko nakomeretse. Barambajije, baramenya ivyanshikiye."

Abo banye Amerika baciye bandonderera uburaro mu kigo c'abasirikare bakomeretse: "Hari abantu barenga ijana, abakomeretse bikomeye n'abatagira amaguru".

Amaze guhura n'umuryango wiwe, yababwiye ko afise umugambi wo kuva muri Angola.

Cesar yagize ati: "Ubu sinshobora kuguma ngaha. Ivyo muvuga vyose mwagiriza reta, ntimuzobasiga."

Ni ko abanye Amerika basubiye kumurokora.

Agira ati: "Bavuze, ati urabizi, tuzobafasha kuva muri iki gihugu. Barateguye vyose - nta n'urumeya natanze."

Ntazi ido n'ido y'uko vyagenze - canke ko vyakozwe bizwi. Ntiyari anazi iyo aroye - muri Afrika, i Buraya canke ahandi. Ariko ivyo nta co vyari bimaze. Inyuma y'amezi atandatu asohotse ibitaro, yaciye asezera Angola n'intambara yahabera. N'ubu Cesar aracibuka amajambo y'umunye Amerika yamufashije.

Cesar avuga ati: "Ubu ndatahura ico yashaka kuvuga".

Yavuze ati: "Ubuzima bw'abakiri bato ntibushobora kubandanya kubangamirwa nk'uku."

Vyagaragaye ko Cesar, umugore n'umwana wiwe baronse amatike y'indege yo kuja mu Bwongereza baciye Lubango (muri Angola) no muri Kenya.

Bari mu mutekano nta ngere.

Ariko igihe bagira batangure urugendo rubashikana mu Bwongereza, hadutse ibibazo bitatu.

Nta mahera bari bafise. Nta congereza bavuga kandi nta muntu n'umwe bari bazi muri ico gihugu.

Short presentational grey line

Umaze gushika mu Bwongereza, uwo muryango - ubu w'impunzi - waciye ujanwa mu kigo bakiramwo ubuhungiro ca Croydon, mu bumanuko bwa Londres.

Baciye bajanwa mu mahoteli, imbere y'uko abarongoye ico kigo babaronderera aho baba.

Cesar ntiyashobora kuvuga icongereza - avuga ati "nari mfise kazinduzi (dictionnaire) ntoyi mu mufuko" - uko ni ko yatanguye icigwa c'icongereza kuri Ambassador House i Thornton Health.

Kuva ngaho, yarakurikiranye icigwa c'icongereza muri Croydon College, imbere y'uko atangura ivyigwa vyo kwimenyereza gukora mu mazu y'uburiro (restaurants).

Yashaka akazi - "Nsinshaka imfashanyo ya reta, si ko jewe meze" - hanyuma aciye mu kigo kiranga ubuzi, yaramenye ko hariho ibibanza bigaragara mu bunywero bwa Richmal Crompton, buri mu vyegukira Wetherspoons, i Bromley. Ariko ntiyari amenyereye ivyo guteka neza.

Cesar agira ati: "Nari nagiye ntwaye ibikoresho vyo guteka mw'isakosi - imbugita n'ibindi."

"Umugore yambajije yagize ati: 'Ivyo n'ibiki?' Naciye ndamubwira ko ari ibikoresho vyanje vyo mu gikoni, araduka aratwenga, sinatahura igituma.

"Yaciye anjana mu gikoni aca ambwira -'Raba, iki n'igikoni cacu'. Aha na ho bashusha indya zikanye, iki ni co guteka ifiriti. Mu ntango, naguye igihumura! Hanyuma nariyumviriye - meze neza, ndaza kubishobora."

Ntiyari afise urupapuro rumwemerera kuba mu Bwongereza, rero yari akeneye uruhusha rw'ubushikiranganji bw'intwaro yo hagati mu gihugu. Ariko mu kwez kwa mbere mu 2004, yaciye atangura gukora mu gikoni ca Wetherspoons - ibikoresho vyiwe vyo mu gikoni yabigumije muhira.

Avuga ko "yiyumvise nk'uwisanze. Akabare keza, haryoshe n'abantu beza."

Inyuma y'imyaka itatu, yaciye yimuka, araduga amapeta hanyuma mu 2014, ashingwa amabanga yo kurongora Brockley Barge Wetherspoons.

Joe, umuhungu wiwe w'imyaka 17, na we nyene akora muri ubwo bunywero (igihe atagiye kwiga muri kaminuza), co kimwe n'umukobwa wiwe Duanie w'imyaka 23. Mbere uwo we ahejeje kuronka impamyabushobozi muri politike muri kaminuza ya Aberystwyth.

Mu mpera z'umwaka wa 2020, nyene Wetherspoons, Tim Martin, yaragendeye ubwo bunywero, aratangazwa cane na kahise ka Cesar, aca asaba ikinyamakuru c'iryo shirahamwe kwandika iyo nkuru.

Incuro ya mbere, abakiriya ba Barge baramenye ubuzima bw'uwo mugabo akora muri ako kabare. Bamwe muri abo bantu baraje bava mu bundi bunywero kugira bamukeze.

Agira ati: "Narakiriye abantu batari bwigere baza ngaha. Barasomye ico kinyamakuru, bashaka gusa kunkeza bamaze kumenya kahise kanje."

Inkuru ye ku rubuga Wetherspoons News

Ahavuye isanamu, Wetherspoons News

Insiguro y'isanamu, Kahise ka Cesar kanditswe mu kinyamakuru Wetherspoons News, ikinyamakuru c'iryo shirahamwe, mu ntango z'uyu mwaka

Kuva ashitse mu Bwongereza, Cesar amaze gusubira muri Angola rimwe gusa, mu 2014, agiye guhiga ivyangombwa.

Avuga ati: "Ni kimwe mu bintu vyanteye ubwoba. Indege yadushikanye neza, ariko ikibuga c'indege cari giteye ubwoba - abasirikare hirya no hino n'ibigwanisho hose. Ninjiye mu ndege ngaruka, nariruhukije."

Kazoza kiwe rero kari mu Bwongereza - kandi asa n'ufite umugambi wo kubandanya akora muri Wetherspoons mu gufasha umuryango wiwe, harimwo abana biwe bane, muto muri bo akaba afise imyaka ine.

Cesar agira ati: "Uri umwana, ufise ubuzima bwiza, ushobora kutabibona. Ariko ufise ibibazo - canke hagize ikigushikira, nk'igihe ninjizwa mu gisirikare ku nguvu - uca ubimenya. Sinshaka ko abana banje bagira ingorane nk'izo. Ndashaka kubakorera ivyiza vyose."

Inyuma y'aya majambo, uyu arongoye Brockley Barge yaciye ava mu biro vyiwe, amanuka ingazi aca asubira mu bunywero: aca abandanya aganira n'abakina akamari, aramutsa abana; inkovu yiwe kw'izosi itaboneka cane.