'Amatike yaradugijwe, igitoro kiraduzwa igiciro ariko n'ubu ntikiboneka' - Abanyagihugu

Yatangajwe

Mu kigoro ko kurangiza ikibazo c'igitoro kiri mu Burundi, reta iherutse gufata ingingo yo kwongereza igiciro, aho ilitiro imwe yongeweko amafaranga y'amarundi 700.

Amatike yo kwiyunguruza na yo nyene yaradugijwe igiciro.

Abashoferi batwara imodoka zunguruza abantu hamwe n'abanyagihugu babandanya kwidoga ko n'inyuma y'izo ngingo, n'ubu igitoro kitaboneka.

Prezida Evariste Ndayishimiye avuga ko igitoro cuzuye mu bubiko i Dar Es Salaam ku mugwa w'ubutunzi wa Tanzania, ariko ko bafise ingorane yo kugishikana mu Burundi.

Yagiriza bamwe mu bagwizatunga atavuga amazina, kubigiramwo uruhara, ngo kugira bahungabanye ubutunzi bw'igihugu.