Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Mbappe, Joao Felix, Lloris, Sancho, Onana

Yatangajwe

Newcastle United yizeye ko ishobora gushika ku masezerano y’imiriyoni 35 z’amapawundi kugira ironke umukinyi wo ku ruhande wa Leicester City Umwongereza Harvey Barnes w’imyaka 25, ikaba yoba itsinze Aston Villa na West Ham ziriko ziramurondera. (Guardian)

Umusatirizi w’Umufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 yibaza ko bishobora kuba ngombwa ko ava muri Paris St-Germain muri rino ci na rirya ata mugambi afise wo gutera igikumu ku masezerano mashasha inyuma ya 2024 kandi akaba yipfuza kwimukira muri Real Madrid. (ESPN)

PSG yemeza ko Mbappe yamaze kwemera kwimukira muri Real Madrid atakirinze gusabwa mu ci riza igihe amasezerano yiwe azoba arangiye kandi ko, mu gihe atotera igikumu mu masezerano mashasha n’uno murwi wo mu Bufaransa watsindiye ihiganwa ry’iki gihugu, uzotegerezwa kumugurisha n’umurwi uzotanga menshi muri rino ci ata kuraba ngo ni nde. (Sky Sports)

Mu gihe Mbappe yokwimukira mw’ihiganwa ryo mu Bwongereza, Premier League, umurwi wa mbere yipfuza kwimukiramwo ni Arsenal ariko ararengeye ubushobozi bw’uno murwi w’aba Gunners kandi nta biganiro birigera biba hagati y’izi mpande zibiri. (Independent)

Umusatirizi wa Portugal Joao Felix w’imyaka 23 aripfuza kwimukira muri PSG ariko ashobora kutazova muri Atletico Madrid na rirya imushakako imiriyoni 100 z’ama-euro. (AS – mu ki-espagnol)

Inter Milan iriko irongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umunyegori wa Tottenham Umufaransa Hugo Lloris w’imyaka 36 asanzwe ari ku rutonde rw’abashobora kuzosubirira Umunyakameruni Andre Onana w’imyaka 27 ariko araronderwa na Manchester United. (Foot Mercato – mu gifaransa)

Manchester United yashitse ku masezerano na Onana ikaba iri hafi yo kwumvikana ku giciro ciwe na Inter.(De Telegraaf – mu giholande)

Borussia Dortmund iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda muri Manchester United ku mukinyi Jadon Sancho w’imyaka 23 wo ku ruhande yahoze akinira uwo murwi wo mu Budagi, naho bizwi ko yipfuza kuguma muri Old Trafford. (Sky Sports Germany)

Umumenyereza wa United Erik ten Hag aripfuza kwikurako Sancho, Umwongereza Harry Maguire w’imyaka 30 akina inyuma, umunya-Brezili Fred w’imyaka 30 akina hagati, hamwe n’umunya-Ecosse Scott McTominay w’imyaka 26 akina hagati. (Independent)

Umumenyereza wa Atletico Madrid Diego Simeone yiteguye kwanka igifyo c’amafaranga yemererwa n’umurwi wo muri Arabia Saoudite Al Ahli kugira ngo yigumanire n’umurwi wiwe wo muri Espagne. (ESPN)

Ubuhungiro Mason Greenwood w’imyaka 21 amazemwo amezi 18 atemerewe gukina mu murwi wiwe wa Manchester United bushobora kurangira, aho Atalanta yipfuza uno musatirizi w’Umwongereza ku ntizo (Mirror)

Amasezerano kuri uno mukinyi Greenwood ashobora gufasha United mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Danemark Rasmus Hojlund w’imyaka 20 asanzwe akinira Atalanta. (Mail)

Umwongereza akina hagati Dele Alli w’imyaka 27 yasubiye mu myimenyerezo na Everton akaba ashaka kunagura umukino wiwe, mu gihe umumenyereza w’aba ba-Toffees Sean Dyche yamumenyesheje ko ari ngombwa "kugaruka ku rubuga". (Mail)

Umwongereza yahoze akina inyuma muri Chelsea John Terry avuga ko yasubiye muri uno murwi wa Stamford Bridge kandi ko ariko arakora mw’ishure ryigisha abana. (John Terry)