Gaza ibandanya icucagirwa ibibombe, abapfuye muri Israel barenze 1200, amakuru yo muri iki gitondo
Israel yarunze abasirikare ibihumbi amajana ku rubibe na Gaza “biteguriye urugamba” nk’uko amakuru abivuga.
Inyuma y’imisi ine umuhari Hamas utanguje igitero kitari bwigere kibaho kuri Israel, intambara ku mpande zompi zabaye urutavanako, aho Israel yirahiye abategetsi bakuru ba Hamas babiri.
Abamaze kumenyekana ko bapfuye muri Israel bageze ku 1200 nk’uko bitangazwa na KAN, radiyo na tereviziyo vya Israel, ikavuga ko benshi muri bo ari abasivire, ni mu gihe muri Gaza naho abamaze gupfa bageze kuri 950.
Umushikiranganji wa Israel ajejwe kwivuna abansi, Yoav Gallant, avuga ko yakuye “inzitizi zose” ku ngabo ziwe, aca yongerako y’uko Gaza itazokwigera “isubira kumera nk’uko yari isanzwe imeze”.
Isura nyayo y’ubugome bwakorewe abasivire ba Israel iratanguye kuja ahabona. Intwazangabo ya Israel yo ku rwego rwa jenerali yavuze ingene inzoya zagandaguriwe mu vyumba vyazo, mu gihe bamwe mu basirikare bakerewe amazosi.
Mu gatondo ko kuri uno wa gatatu, umuvugizi w’igisirikare ca Israel (IDF), Daniel Hagari, yatangaje ko abarwanyi ba Hamas 18 baraye bishwe n’ingabo za Israel. Ni inyuma y’aho ejo igisirikare ca Israel gitangarije ko catoye ibiziga vy’abarwanyi ba Hamas 1500 ku butaka bwa Israel bishwe kuva intambara yaduka ku wa gatandatu.
Ati: “Aba ni babicanyi nyene batasubiye muri Gaza. Nico gituma igenzura ririko rirakorwa n’igitigiri kinini c’ingabo”.
Israel nayo iriko iragirizwa ubwicanyi ku basivile benshi muri Gaza ku bisasu vyayo iriko isukira urutavanako muri Gaza.

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Getty Images

Ahavuye isanamu, Reuters

Ahavuye isanamu, Reuters
Perezida Joe Biden wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, mw’ijambo ryiwe yaraye ashikirije kuri ino ntambara, yavuze ko Amerika ifashe mu mugongo Israel, aho avuga ko igitero ca Hamas ari “igikorwa c’ubugome ntagereranywa”.
Ni mu gihe ibikoresho vya gisirikare vya Amerika vyamaze gushika muri Israel.
Abategetsi ba Israel bavuga ko indege ya mbere yuzuye ibikoresho vya gisirikare iherutse gushika ku kigo c’ingabo zirwanira mu kirere c’ahitwa Nevatim mu bumanuko bwa Israel.
Ubwato bw’intambara buzwi nka USS Gerald R Ford bwo mu gisirikare ca Amerika kirwanira mu mazi bwarashitse mu buseruko bw’ikiyaga Mediterane (Méditerranée/Mediterranean).
'Vyari ibintu bitangaje kubona bwongeye guca'

Ahavuye isanamu, Reuters
Urukurikirane rw’ibisasu vyaraye birasirana ijoro ryose vyatumye Najla Shawa wo mw’ishirahamwe Oxfam n’abana biwe bahunga inzu yabo mu gisagara ca Gaza.
Yabwiye ikiganiro Today ca Radiyo 4 ya BBC ko yari yabanje kwibaza ko aho bari batuye hari hatekanye.
Ati: “Abantu baraduhungiyeko”.
Shawa avuga ko agatiro kamutwaye akanya gato, ariko akangurwa n’induru zavuga ko bose bariko barahunga bava muri ako karere kandi ko n’inzu y’imbere yiwe yagomba iterwe amabombe.
Ari kumwe n’abandi 18, bose bava mu miryango itandukanye, bahungiye mu nzu y’uburiro, ari naho bagumye gushika mu gatondo.
Asubiye ku muhana, Shawa avuga ko inzu y’imbere yiwe yari yabaye umunyota, amaridisha y’inzu yiwe nayo akaba yari yajanjaguritse.
Avuga ko kuvyura abana mu bwoba nk’ubwo vyari “amahano”.
Ati: “Si nibaza ko nzokwigera nibagira ibi bihe mu buzima bwanje. Vyari ibintu bitangaje kubona bwongeye guca”.
'Hamas yaratanguje iyi ntambara. Tuzoyirangiza'

Ahavuye isanamu, Reuters
Umuhanuzi mukuru wa Perezida Benjamin Netanyahu wa Israel yabwiye ikiganiro Newsnight ca BBC ko Israel itegerezwa "kwishura n’inguvu" Hamas.
Ari i Yerusalemu, Mark Regev, yigeze no kuba umuserukizi wa Israel mu Bwongereza, yavuze ko igihugu kiri mu mubabaro, akavuga ko cipfuza amahoro nyayo mu karere kose
Yabwiye BBC Newsnight ati: "Hamas yaratanguje iyi ntambara. Tuzoyirangiza, kandi tuzoyirangiza mu buryo bwacu.
"Ico nobaza abandi bantu, abanyagihugu b’Ubwongereza, canke ab’igihugu ico ari co cose, wewe wokora iki ubonye abanyagihugu bawe 1.000 bishwe ku musi umwe?
"Umushikiranganji wa mbere yagereranije ibi na ca gitero co ku wa 11 Nyakanga (9) muri Amerika. Ariko uravye igitigiri c’abanyagihugu ba Israel ukakigereranya n’ic’Abanyamerika…kirasumba kure cane ica 11 Nyakanga.
"Mu gihe Israel itokwishura n’inguvu zose, mfise ubwoba ko akarere kose koca kahakura icigwa kimwe: urashobora gukubita Israel ukirenganira – ibi ntibishobora kwihanganirwa."

Muri iri joro ryakeye, Israel yaraye icacucagira ibibombe kuri Gaza ikoresheje indege z’intambara, umuvugizi wa Hamas akavuga ko abantu nibura 30 bishwe.
Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanza 200 mu karere ka Al-Furqan muri Gaza muri iri joro ryo ku wa kabiri buca ari ku wa gatatu. Aka karere kazwi ko ari ho Hamas itegurira igatunganiriza ibitero vyayo.
Isoko ntanganguvu rimwe rudende rya Gaza rirashobora guhagarika ibikorwa mu masaha atarenga abiri. Umukuru w’igisata kijejwe amasoko ntanganguvu ca Gaza (Gaza Energy Authority), Jalal Ismail, avuga ko riza guhagarara Burundi isaha umunani (14h:00) mu masaha yo muri ako karere.
Nayo umuganga w’intambara w’Umwongereza akomoka muri Palestina agabisha ko igisata kijejwe amagara y’abantu muri aka karere gishobora gutembagara mu ndwi imwe gusa.
Ni mu gihe igisirikare ca Israel kigabisha ko "intambara zizokwiyongera", n’aho ibitigiri vy’abapfa muri Gaza na Israel bibandanya biduga.
"Twaratakaje abantu benshi cane…ariko ibi ntibizodutera ubwoba kandi ntibizoduca intege", niko Liyetena Koroneri Jonathan Conricus wo mu gisirikare c’integabizoza avuga mu butumwa yacishije kuri videwo.
Avuga kandi ko yizeye y’uko Israel izobandanya ifatwa mu mugongo n’aho intambara zizoba zimaze gukomera.
Ati: "Turizeye ko ibi bizobandanya uku n’igihe intambara zizoba zimaze gukomera, n’ibiva mu karere ka Gaza bitoroshe gutahura no guhangana na vyo."
Abacikacumu muri Gaza na Israel bavuga ko ivyo bariko barabona ari ibintu batari bwigere babona mu myaka mirongo y’indyane izi mpande zompi zimazemwo.
Syria yateye ibisasu muri Israel, nayo ica yihora mu kurungika vya muzinga - igisirikare
Igisirikare ca Israel kivuga ko carashe ibisasu vya muzinga inyuma y’amabombe yatewe mu misozi ya Golan (plateau du Golan/Golan Heights), akarere Israel yigaruriye kuva mu 1967.
Itangazo ry’igisirikare ca Israel rivuga riti: "Abasirikare bariko barasubiza igitero bakoresheje vya muzinga ahavuye igitero muri Syria."
Igisirikare kivuga ko hari "ibisasu bitari bike vyatewe ku butaka bwa Israel bivuye muri Syria."
Ni bwo bwa mbere Israel na Syria birasaniye kuva Hamas itanguye igitero kuri Israel ku wa gatandatu kivuye mu Karere ka Gaza













