Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Kane, Rice, Mbappe, Maddison, De Gea, Lukaku, De Jong

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umusatirizi wa Tottenham Harry Kane w’imyaka 29 yipfuza kwimukira muri Bayern Munich ariko amafaranga ya mbere atangwa n’uno murwi wo mu Budagi, imiriyoni 60 z’amapawundi hongeyeko n’utundi turusho, ni make cane bakazotegerezwa gushikana nibura imiriyoni 100 z’amapawundi kugira baronke amahirwe yo gushika ku masezerano yo kugura uno kizigenza w’Ubwongereza. (Guardian)
Arsenal yegereye ku ncuro igira gatatu umurwi West Ham mu rugamba rwo kurondera umukinyi wawo wo hagati Declan Rice w’imyaka 24, aho yagiye yitwaje imiriyoni 100 z’amapawundi hamwe n’utundi turusho dushikana imiriyoni zitanu z’amapawundi. (Athletic)
Tottenham iri hafi yo kuronka umukinyi wo hagati wa Leicester Umwongereza James Maddison w’imyaka 26, ku miriyoni 40 z’amapawundi, bikaba vyitezwe ko afatwa ibipimo kwa muganga kuri uno wa gatatu. (Sky Sports)
Umunyegori wa Espagne David de Gea w’imyaka 32 yarateye igikumu ku masezerano yo kwongereza ikiringo kugira abandanye akinira Manchester United ariko uno murwi wa Old Trafford wisubiyeko muri ano masezerano, ahubwo uca umwemerera umushahara muto ugereranije n’uwo bari bamwemereye mu ntango. (Athletic)
Amakenga y’umumenyereza Erik ten Hag kuri De Gea ni yo yatumye Manchester United yisubirako ku bijanye n’ano masezerano mashasha n’uno munyegori wa Espagne. (Mail)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Icipfuzo ca Porto co kwegeranya amahera kugira ngo ijane n’amabwirizwa ngenderwako ya Fair Play catumye yemera kugurisha umunyegori wayo umunya-Portugal Diogo Costa w’imyaka 23 ku mirwi itari mike yo muri Premier League, Chelsea na Manchester United ikaba ari imwe mu yimaze kwiturwa. (90min)
Liverpool iriteguye guhangana na Real Madrid mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Paris St-Germain Umufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 ku giciro c’imiriyoni zirenga 300 z’ama-euro, nk’uko bivugwa n’intumwa ya FIFA Marco Kirdemir. (Marca)
Manchester United nayo nyene ishobora kwinjira muri uru rugamba rwo kurwanira Mbappe, mu gihe PSG yiteguriye kwakira imirwi yo muri Premier League imurondera. (Sun)
Inter Milan iriteguye gusubira kurondera umusatirizi wa Chelsea ku ntizo, Umubirigi Romelu Lukaku w’imyaka 30, mu masezerano hakabamwo ingingo yemeza ko mu gihe vyoba ngombwa yomugura burundu ku miriyoni 25.8 z’amapawundi. (Telegraph)
Arsenal iri hafi yo kuronka umukinyi w’inyuma wa Ajax umunya-Hollande Jurrien Timber w’imyaka 22, hamwe n’umusatirizi wa Chelsea Umudagi Kai Havertz w’imyaka 24. (Sky Sports)
Manchester United iracipfuza umukinyi wo hagati wa Barcelona umunya-Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 26, mu gihe Bayern Munich nayo nyene iriko irihweza ingene yomugura. (90min)
West Ham iri mu biganiro na Juventus kugira irabe ko yogumana burundu umukinyi wo hagati w’Ubuswisi Denis Zakaria w’imyaka 26, akaba yari amaze umwaka yaratijijwe muri Chelsea. (Sky Italia)
Brighton ntirigera ironka umurwi n’umwe urondera umukinyi wo hagati wa Equateur Moises Caicedo w’imyaka 21, ukaba wipfuza cane umunya-Ghana akina hagati muri Ajax Mohammed Kudus w’imyaka 22. (Talksport)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Ajax irondera imiriyoni 40 z’amapawundi ku mukinyi wayo wo hagati Kudus, Manchester United, nayo nyene ikavugwa ko iri mu mirwi imurondera. (Mail)
Liverpool na Newcastle United ziri mu mirwi ya Premier League ikanuriye amaso umusatirizi wa Juventus Umutaliyano Federico Chiesa w’imyaka 25 afise agaciro k’imiriyoni 51 z’amapawundi. (Corriere dello Sport)
Chelsea yanse amahera atangwa na Galatasaray ku mukinyi Pierre-Emerick Aubameyang w’imyaka 34 kuko ishaka kugaruza igice kimwe c’imiriyoni 10.3 z’amapawundi yamutanzeko mu kw’icenda guheze. (Telegraph)
Leeds United iripfuza umukinyi w’inyuma wa Liverpool Umwongereza Nat Phillips w’imyaka 26. (Athletic)
Jesse Lingard w’imyaka 30 yahoze akina hagati mu murwi nserukiragihugu w’Ubwongereza ariko arihweza “inzira zose zishoboka” kandi ntashira ku ruhande ukwimukira muri Arabia Saoudite inyuma y’aho asezereye muri Nottingham Forest. (Sky Sports)









