Igikombe c'isi 2022: Ihiganwa muri Qatar rigira ritangure

Argentine

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Impuzu z'umugwi nserukiragihugu wa Argentine ni zo abantu benshi bambaye i Doha
Yatangajwe

By Shamoon Hafez

BBC Sport in Doha, Qatar

Inyuma y'imyaka 12 y'ibibazo no kunebagurwa, inkino z'igikombe c'isi mu mupira w'amaguru muri Qatar ziratangura kuri uyu w'Imana.

Imyiteguro y'iryo higana rya mbere ribereye mu gihugu c'aba Islam co mu burasirazuba bwo hagati, ntiryavuzwe cane nk'ivyo barivugako.

Ariko Fifa yasavye imigwi y'ibihugu 32 izitaba iryo higanwa "gushira inguvu gusa ku rukino", abakiriye iryo higanwa muri Qatar bakaza gutana mu mitwe na Equateur ku kibuga ca Al Bayt (16h00 GMT).

Ku musi ukurikira hazokina Ubwongereza na Iran (13:00) imbere y'uko Reta zunze Ubumwe za Amerika zihura na Wales (19:00).

Qatar 2022 kizoguma ari kimwe mu bikombe vy'isi vyateye impari n'umwumvikano muke muri kahise k'inkino.

Ico gihugu co mu kigobe catsinze ibihugu vya Korea y'Epfo, Ubuyapani, Australia na Amerika vyashaka gutunganya izo nkino, ariko hakaba haravuzwe ko hatanzwe ibiturire kugira Qatar ihabwe ayo mahirwe, ivyo ico gihugu kiguma gihakana.

Mu kwezi kwa kabiri 2021, ikinyamakuru The Guardian canditse ko abakozi b'abimukira 6.500 bava mu bihugu vy'Ubuhindi, Nepal, Bangladesh na Sri Lanka bapfiriye muri Qatar kuva ico gihugu gitsindiye gutunganya inkino z'igikombe c'isi.

Ivyo biharuro vyegeranijwe hisunzwe ivyo abaserukira ibihugu vyabo muri Qatar.

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Ariko Qatar ivuga ko ivyo biharuro atari vyo kubera ko abapfuye bose batari abakozi bo mu nyubakwa zo kwitegurira igikombe c'isi.

Reta ivuga ko ibiharuro ifise ari impanuka zahitanye abantu 37 mu bakozi bubaka ibibuga bikokinirwako igikombe c'isi hagati ya 2014 na 2020, batatu gusa akaba ari bo "bazize akazi bakora".

Ariko ishirahamwe mpuzamakungu ry'abakozi, International Labour Organisation (ILO) rivuga ko bagabanije ico gitigiri cane.

Hari ubwoba ku bakunzi b'umupira w'amaguru bahuza ibitsina babisangiye ku kungene bazofatwa ufatiye ko ico gihugu kigendera kw'itegeko rya 'Shari', guhiza ibitsina rero mu bisangiye bikaba bitemewe muri ico Qatar.

Amashirahamwe akorana na Fifa mu gutegura iryo higanwa yavuze ko "ibiganiro vyagiye buhoro buhoro" kandi ko " ibintu biteye umutima uhagaze" bikiriho.

Ku musi umwe imbere y'uko iryo higanwa ritangura, prezida wa Fifa Gianni Infantino yagirije ibihugu vya Buraya "ubwiyorobetsi" mu vyo bagiye baravuga ku bijanye n'agateka ka zina muntu muri Qatar.

Amezi atatu imbere y'uko iryo higanwa riba, akana ka Fifa karemeye ivyasabwa n'imigwi yo mw'ishirahamwe rya Amerika y'epfo, Conmebol, vyo kwungururiza intango y'iryo higanwa ku musi umwe imbere y'aho ryotanguriye.

Hanyuma, imisi ibiri imbere y'uko ihiganwa ritangura, abariteguye bamenyesheje abafana ko badashobora kugura no kunwera inzoga ku bibuga vyose ko ari umunani, no mu micungararo yavyo.

Ku misi 29 gusa iryo higanwa rizomara, kuva ihiganwa ritanguye gushika rihere (kuva itariki 20 z'ukwezi kwa Munyonyo [11] gushika itariki 18 z'ukwezi kwa Kigarama[12]), ni ryo higanwa ry'igikombe c'isi rigufi kuva kuryabere muri Argentine mu 1978.

Ibi bisigura ko abateguye iri higanwa bagiye bategekanya inkino zine zine imisi yose mw'ijonjora, kandi nta mwanya ucamwo hagati y'inkino z'injonjora n'izo gukuranamwo ubwo nyene, ku buryo imigwi 16 izoba isigaye izotangura gukina bukeye haraye haheze inkino z'ijonjora.