Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa kuri uno wa Mungu: Mac Allister, Kimmich, Richarlison, Gundogan, Cancelo
Tottenham yasubiriye gutangura ibiganiro n’uwahoze ari umumenyereza wa Bayern Munich Julian Nagelsmann, ariko uyu nawe ashaka kubanza kumenya uwuzoba arongoye igisata co kwinonora imitsi imbere y’uko hagira ico yiyemeza. (Times)
Liverpool isa n’iyamaze kwumvikana n’umukinyi wo hagati wa Brighton umunya- Argentina Alexis Mac Allister w’imyaka 24. (Fabrizio Romano)
Umumenyereza wa Brighton Roberto de Zerbi yabwiye abarongoye uyu murwi kuzibira umurwi uwo ari wo wose woza urondera Umuyapani akina ku ruhande Kaoru Mitoma w’imyaka 26, mu gihe Mac Allister be n’umunya-Equateur akina hagati Moises Caicedo w’imyaka 21 bashaka kugenda muri rino ci. (Football Insider)
Umumenyereza wa Real Madrid Carlo Ancelotti yasavye umukuru wayo Florentino Perez kugura umusatirizi wa Tottenham umunya-Brezili Richarlison w’imyaka 26. (Defensa Central )
Umumenyereza wa West Ham David Moyes ategura gusezera uyu murwi mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Football Insider)
Arsenal, Liverpool na Barcelona baripfuza kugura muri rino ci Umudagi Joshua Kimmich w’imyaka 28 akinira Bayern Munich. (Marca)
Umukinyi w’inyuma wa Manchester City umunya-Portugal Joao Cancelo w’imyaka 28 ariko arakurikiranirwa hagufi na Barcelona, mu gihe Bayern Munich yatijijwemwo isa n’iyitazobandanya imukinisha. (Mundo Deportivo)
Manchester City iripfuza ko hoba amasezerano na Bayern Munich yotuma baguzanya abakinyi, City ikaronka Kimmich hanyuma Bayern nayo ikagumana Cancelo. (Mirror)
Manchester City igiye guha amasezerano yo gushika mu 2024 amuha n’akaryo ko kuzoshobora kwongezako uwundi mwaka umukinyi wo hagati, Umudagi Ilkay Gundogan w’imyaka 32, mu gihe ariko atera amero Barcelona.(Fabrizio Romano)
Manchester United igiye gukorera ikintu c’iteka umunyegori wayo, umunya-Espagne David de Gea mu ntumbero yo kugerageza kumwumvisha ko yokwemera amasezerano mashasha. (Daily Star on Sunday)
Newcastle United iri imbere mu mirwi irondera kugura umukinyi w’inyuma wa Arsenal umunya-Ecosse Kieran Tierney w’imyaka 25, mu gihe Manchester City na Aston Villa nayo nyene imushaka. (Football Insider)
Chelsea iripfuza kugura umunyegori wa Brentford umunya-Espagne David Raya w'imyaka 27, asanzwe ari ku giciro c’imiriyoni 40 z’amapawundi. (Givemesport)
West Ham iripfuza kurekura umusatirizi w’Umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 24, mu gihe asigaje umwaka umwe inyuma y’aho atijirijwe muri Sassuolo, AC Milan ikaba imwmpfuza. (Gazzetta dello Sport)