Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Tottenham 0-2 Arsenal: aba Gunners boshobora gutsindira Premier League ?
Abafana ba Arsenal baracahimbaza babicishije mu ndirimbo ibihe vy’icubahiro bagize igihe batsindira ihiganwa ku kibuga c’abakeba babo ruhebwa ba Tottenham mu 1971, ico gihe bakaba batsindiye n’igikombe ca FA, bakaba basubiye gukora nk’ivyo ku mumenyereza Arsene Wenger mu 2004.
Abafana ba Arsenal bongeye kuririmba izo ndirimbo nijoro inyuma y’aho berekaniye inguvu zabo mu kwirahira Tottenham nyene ku kibuga cayo 2-0, ivyatumye baronka amahirwe y’amanota umunani basumvya umurwi wa kabiri mw’ihiganwa rya Premier League.
Hagati aho, Arsenal ya Mikel Arteta iracafise urugendo rurerure cane kugira ngo izi ndoto baheruka kera bazishikeko, intsinzi ya nijoro ikaba yabereye ku kibuga gitandutanye na White Hart Lane, icahoze ari ikibuga ca Tot, ariko nimba batizeye ko bashobora gutsindira iri higanwa inyuma y’iyi ntsinzi idasanzwe ya nijoro, nta kindi bazigera basubira gutsindira.
Urukino ruheze, ibintu vyahatswe kuba nabi aho Richarlison w’aba Spurs (Tottenham) ahatswe gushiranako na n’umunyegori wa Arsenal, Aaron Ramsdale, mbere wewe akaba yarakubiswe n’umufana wa Tottenham.
Aba Gunners (ni ukuvuga Arsenal ) bafise ibintu mu minwe muri runo rugamba rwo kurwanira Premier League. Uru rukino hagati y’iyi mirwi y’abakeba rwari ruryoheye ijisho. Arsenal baboneka ko biyemera.
Ni wo murwi wa mbere wa Premier League uboneka ko uhagaze neza inyuma y’inkino 18 zose umaze gukina kandi uravye urukino berekana biraboneka ko bakwiriye iki kibanza.
Arsenal yararushije cane uyu mukeba wayo. Yashitse mu kibuga c’aba Spurs izi neza ko mu gihe yoramuka itsinze yari kuba amahirwe adasanzwe, yari kuba ihaye intambwe nini Manchester City iyisugereje.
Ariko nimba abakinyi ba Arsenal barumva ko bari biremetse umuzigo munini, bagabanije uburemere bwawo mu gice ca mbere ciza cane c’uru rukino, aho igitsindo umunyegori w’aba Spurs Hugo Lloris yitsinze, hamwe n’ikindi ca kabiri ca Martin Odegaard, vyatumye igice ca mbere kirangira bahaye intambwe Tottenham kuri 2-0, mbere uravye bakaba bari n’ugusumvya ng’aho.
Muri uno mwaka w’inkino, Arsenal yagumye yitwara neza imbere y’ibihe bidasanzwe nk’ibi, ku wa Mungu uza ikaba yiteze guhura n’ikindi kigeragezo gikomeye, aho bazokwakira Manchester United, umurwi nawo uboneka ko wambaye urwaga, mbere mu rukino rwa mbere ukaba wareretse Arsenal ingene intama yambarwa, mu kuyinyagira 3-1.
Imbere yayo hari izindi nkino zismba izo imaze gukina gushika ubu kandi ibintu vyinshi bishobora kuba – ariko mu gihe biboneka ko Man City, ari nayo yatsindiye ihiganwa mu mwaka uheze, itiyemera cane, Liverpool ikaba iri mu mageragezwa, Chelsea nayo ikaba itarabona neza iyo ija, Manchester United nayo ikaba ikigerageza kwiyubaka, Arsenal ifise amahirwe menshi yo gutsindira iri higanwa, ubwa mbere kuva mu 2003-2004, umwaka udasanzwe mu mateka ya Arsenal, eka mbere no mw’ihiganwa rya Premier League, aho uyo murwi warangije inkino zose udatsinzwe na rumwe, aho abari bawugize bazwi nka "The Invincibles" (ni ukuvuga abatigeze batsindwa na rimwe).
Rimwe na rimwe ibintu vyiza vyama bishika, amahirwe akabandanya yongerekana. Ibi birasa n’amahirwe Arsenal igenda ironka buri yinga.
Haracariho ibikorwa vyinshi, bimwe muri vyo bikaba vyitezwe muri kuno kwezi kw’igura n’igurishwa ry’abakinyi.
Arsenal yaragize igihamaha kibi co kudashobora kuronka umusatirizi wa Shakhtar Donetsk Mykhailo Mudryk yagiye guhindura inzira giturumbuka akimukira muri Chelsea, mu gihe uruhande rw’abasatirizi rukeneye izindi nguvu kubera Gabriel Jesus agiye kumara igihe kinini adashoboye gukina kubera imvune yanduye mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi, n’aho Eddie Nketiah ariko aravyifatamwo neza.
Mu gihe kandi uruhara rwa Thomas Partey rugenda rwiyongera ku ruhande rwo hagati, umumenyereza Arteta ntiyokworoherwa mu gihe uyu munya Ghana yokwandura iyindi mvune nk’uko vyagihe bishika mu bihe biheze.
Hano, ariko Arsenal yariyerekanye ko ari umurwi wuzuye uravye ingene urukino rwatanguye ku muvuduko, Tottenham isatira, kandi ihererekanya umupira neza ariko mu nyuma Arsenal igaca yivyukiranya idatevye.
Mu gihe vyaba bishitse igasatirwa, umunyegori Ramsdale yakoze igikorwa kidasanzwe maze abakinyi b’inyuma nabo bagahagarara rugabo, maze umurwi urikurako ca ceyi c’uko udashoboye kwihagararako gushika urukino rurangire.
Ni ibintu vyari bitandukanye no mu kwa gatanu, igihe Arsenal ikubitwa 3-0 urukino ruri mu zatumye aba Spurs baronka ikibanza mw’ihiganwa rya Bulaya rihuza imirwi yabaye iya mbere (Ligue des champions/Champions League) ku musi wa nyuma.
Umunezero wa Arsenal kw’ifirimbi ya nyuma warerekanye ico iyi ntsinzi yerekana, atari gusa ukubera ko yari itsinze umukeba wayo ruhebwa i Londres, ariko kandi ufatiye kw’ihiganwa muri rusangi.
Wabaye umusi w’akataraboneka kuri Arteta n’abakinyi biwe, kandi ni babandanya uku, biragaragara neza ko ihiganwa barifise mu minwe.