Igitero c’imbugita muri Canada: umwe mu bikekwa yatowe yapfuye

Yatangajwe

Igipolisi ca Canada kivuga ko umwe mu bantu babiri bikekwa ko ari bo bakoze igitero c’imbugita bakica bamwe mu bantu bari mu misa ku wa Mungu yatowe yapfuye.

Ikiziga ca Damien Sanderson w’imyaka 31 catowe mu karere ka James Smith Cree Nation, ari nako abatari bake mu bishwe bari batuyemwo, nk’uko igipolisi kibimenyesha.

Aba bantu babiri bikekwa baravukana, igipolisi kikavuga ko Myles Sanderson acinyegeje, akaba azwi ko ari mu gisagara ca Regina.

Ku wa Mungu, abantu cumi barishwe bacumiswe imbugita muri kimwe mu bitero vy’ubugizi bwa nabi bikomeye muri ino myaka ya vuba muri Canada.

Ibi bitero – vyakomerekeyemwo kandi abandi bantu 18 – vyabereye mu karere kari mu mitumba ya kure mu ntara ya Saskatchewan.

Muri Regina, umugwa mukuru w’intara, ari naho aba bikekwa gukora iki gitero babonetse ubwa nyuma, imiryango igandariye abayo mu gihe abanyagihugu baho barangwa n’umujinya.

Hagati aho, mu gisagara hagati  ku mugoroba w’ejo ku wa mbere, nta kintu na kimwe cerekana ko hari abariko baronderwa.

Igisagara cari gitekanye mu gihe imiryango yari yateranye yigina umusi mukuru w’abakozi, umusi urangiza igihe c’ici.

Ku ncuro zitari nke, iri tuze ryagiye rihungabanywa n’amajwi y’igabisha ku materefone ngendanwa, yagabisha ko hari abantu babiri bikekwa bariko bararonderwa, mu nyuma umwe gusa akaba ari we yari akironderwa.

Abapolisi bo mu ntara zitatu - Saskatchewan, Manitoba na Alberta – nibo bari muri uru ruhigi.

Ubwicanyi bw’agahomerabunwa bubandanya buhungabanya iyi ntara yari isanzwe itekanye, aho igipolisi kiriko kirakora amatohoza ku bugizi bwa nabi bwabaye mu turere 13 dutandukanye.

Damien na Myles bose bagiriwe n’icaha c’ubwicanyi, n’aho batarafatwa.

Mu kiganiro n’abanyamakuru, icegera ca komiseri w’igipolisi Rhonda Blackmore yavuze ko "uyu mugabo yapfuye " yatowe ahitwa James Smith Cree Nation ejo ku wa mbere isaha zitanu n’igice zo mu gitondo, (isaha imwe n’igice z’ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda).

Vyahavuye vyemezwa ko “ico kiziga ari ica Damien Sanderson".

Yabwiye abanyamakuru ko iki kiziga catowe mw’ishamba ryinshi hafi y’inzu yariko irakorwako amatohoza”, n’abategetsi.

Umupfasoni Blackmore avuga ko ikiziga ca Damien basanze gifise ibikomere kandi ko “biboneka ko atari we yikomerekeje”.

Igipolisi kivuga ko Myles, mwenewabo wa Damien, akiriko araronderwa, kigasaba abanyagihugu kuguma bameze magabo.

Uyu mugabo w’imyaka 30 yikekwa ko ari we yakoze iki gitero ashobora kuba na we nyene yarakomeretse, igipolisi kikagabisha ko ashobora kurondera ingene yivuza. Ariko igipolisi ntikivuga nimba yoba ari we yishe mwenewabo.

Myles, yigeze kuba azwi mu gipolisi, avugwa ko “azwi cane mu bugizi bwa nabi” kuva mu myaka itari mike aho yagirizwa ubukozi bw’ikibi yakora ku bantu n’ibintu.

Abenshi mu bishwe bava mu karere ko mu mitumba ya kure James Smith Cree Nation gasanzwe gatuwemwo n’abantu bababa 2000 – abanyagihugu b’abasangwabutaka ba Canada bakaba batekewe n’ubwoba. Hatangajwe ibihe bidasanzwe mu ntara ya Saskatchewan.

Ibinyamakuru vya Canada vyamenye bamwe mu bishwe, n’aho ata nsiguro ziratangwa n’ubutegetsi.

Abanyagihugu ba Saskatchewan bangana n’imiriyoni 1.2 bakwiragiye ku butaka bwa kirometero kwadarato 647.497.

Imiryango ifitaniye ubucuti bwa hafi ikwiragiye irya n’ino mu turere tw’indimo dutandukanijwe n’amarabaraba. Twinshi muri utu turere tubona ko turi iyo catawe.