Umwe yaraye apfuye mu ntureka yadutse mu myiyamamazo ya Katumbi muri Congo

Yatangajwe

Umuntu umwe yaraye apfiriye mu myiyamamazo y’umunyaporitike Moïse Katumbi atavuga rumwe n’ubutegetsi muri Repubulika ya Demokarasi ya Congo, nk’uko bitangazwa n’umugambwe wiwe.

Urupfu rw’uno muntu rwabaye ejo ku wa kabiri igihe Katumbi n’abiwe bariko batera baja mu kibanza c’imyiyamamazo, mu gisagara ca Kindu kiri mu bumanuko bushira ubuseruko, n’uko bitangazwa n’abategetsi.

Hervé Diakiese, umuvugizi w’umugambwe Ensemble pour la République, avuga ko abari muri iyi myiyamamazo batewe amasasu n’amabuye, kandi ko bamwe mu banywanyi bakomeretse.

Ni we wa mbere apfiriye muri ino myiyamamazo mu matora y’umukuru w’igihugu imaze imisi icenda itanguye ikazomara ukwezi kwose. Aya matora ategekanijwe ku wa 20 Kigarama (12).

Aciye ku rubuga rwa X (rwahoze rwitwa Twitter), Katumbi avuga ko uwaraye apfuye Me Dido Kakisingi yari umuhuzabikorwa w’urwaruka rw’umugambwe wiwe mu ntara ya Maniema.

Abategetsi b’ako karere ntaco baravuga kuri uru rupfu. Hagati aho, Peter Kazadi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati, asaba abiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu kwubahiriza ivyo basabwa n’abarongoye uburere mu gihe c’imyiyamamazo.

Abiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu 23 baratanguye kuzunguruka iki gihugu kinini cane co muri Afrika yo hagati, kingana n’Ubulaya bw’Uburengero.

Katumbi, umurwizatunga akomeye yahoze anarongoye intara ya Katanga itunze ubutare bw’umujumbu, aboneka nk’umwe mu banyaporitike bakomeye bariko biyamamariza iki kibanza c'umukuru w'igihugu.

Muri Gitugutu (10), sentare nkuru yaratesheje agaciro urubanza rwarondera kumuzibira muri ano matora ku kibazo c’ubwenegihugu bwiwe.

Hari haciye imisi itanu Perezida Félix Tshisekedi akoreye imyiyamamazo yiwe muri Kindu, ni mu ntara ya Maniema.