Umwuzukuru wa Brigitte Macron yakubiswe mu bisa n’igitero gushingiye ku mvo za poritike

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Antoinette Radford
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Abantu umunani bamaze guhagarikwa inyuma y’aho umwuzukuru w’umutambukanyi w’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa Brigitte Macron akubitiwe ku wa mbere inyuma y’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’igihugu c’Ubufaransa ku mboneshakure.
Jean-Baptiste Trogneux yakubiswe n’abari mu myiyerekano yo kwiyamiriza reta mu gisagara ca Amiens kiri mu buraruko.
Yakubiswe mu mutwe, ku maboko no ku maguru akaba arindiriye inyishu z’ibipimo vya 'scanner'.
Perezida Emmanuel Macron avuga ko iki gitero "kidashobora kwihanganirwa", akongerako y’uko ubukozi bw’ikibi ata kibanza bufise muri demokarasi.
Jean-Baptiste Trogneux yatewe ari hanze y’iduka rya chocolat ry’umuryango i Amiens, ryama riterwa n’abari mu myiyerekano.
Igipolisi c’akarere kivuga ko kimaze guhagarika abantu umunani inyuma y’iki gitero.
Abamuteye baciye batungwa n’ayo bameze inyuma y’uko ababanyi baje gutabara.
Mw’ijambo yashikirije ejo ku wa kabiri, umupfasoni Macron yavuze ko yifatanije cane n’umuryango wiwe aniyamiriza “ubuhemu, ubujuju n’ubugizi bwa nabi” muri iki gitero.
Ati: "Namye niyamiriza ubu bukozi bw’ikibi ata kindi bushikanako atari ukuzana akarambaraye”.
Se wa Jean-Baptise Trogneux, Jean-Alexandre Trogneux, akaba ari umwishwa w’umupfasoni Macron, yabwiye ibinyamakuru vy’Ubufaransa ko abakoze iki gitero "barenze umurongo" bagatyoza "umukuru w’igihugu, umugore wiwe n’umuryango wacu".
Yongerako ati: "Ndumiwe".

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru w’umugambwe w’abarepubulika, Eric Ciotti, ariyamiriza iki gitero agasaba ko abagikoze bahanwa.
Yanditse kuri Twitter ati: "Ego ku mpari za demokarasi, oya kw’iterabwoba n’ubukozi bw’ikibi”.
Umuryango wa Brigitte Macron umaze ibiserukuru (generations) bitandatu ucuruza iri duka rya Jean Trogneux rya chocolat i Amiens.
Urucuruza rw’umuryango wa Trogneux – rugizwe n’amaduka mu karere kose k’uburaruko bw’Ubufaransa – rwamye ruterwa n’abari mu myiyerekano kuva Perezida Macron ashitse ku butegetsi mu gihe hari ibihuha vy’uko umuryango w’umukuru w’igihugu ufise inyungu muri uru rucuruza – ivyo uhakana.
Jean-Alexandre Trogneux yabwiye ikinyamakuru Courrier Picard ko adatahura igituma urucuruza rw’umuryango wiwe rwatewe.
Ati: "Emmanuel Macron ntaho ahuriye n’urucuruza rwacu”.
Yabwiye iki kinyamakuru ati: "Sintahura aba bantu babandanya baduhohotera. Bamwe muri bo mbere bahamagarira abantu guheba amaduka yacu n’ibicuruzwa vyacu".
Perezida Macron ahanganye n’imwe mu myiyerekano ikomeye cane yatewe n’impinduka ziwe ku karuhuko k’izabukuru, kitezwe kuva ku myaka 62 kakaja kuri 64 mu mpera z’uno mwaka.
Izi mvururu zatumye imwe mu nzu z’uburiro zikunzwe n’umukuru w’igihugu i Paris iturirwa, hamwe n’ibitero ku biro vy’abanyaporitike b’akarere n’abo ku rwego rw’igihugu.










