Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa ku musi wa nyuma w’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Jorginho, Caicedo, Tielemans, Maguire...
Igihe c’igura n’igurishwa ry’abakinyi mu mahiganwa atari make akomakomeye ya Bulaya kirangira kuri uno wa kabiri imbere y’isaha zitandatu z’ijoro kw’isaha mpuzamakungu (GMT), ni ukuvuga imbere y’isaha indwi z’ijoro mu masaha ya Bujumbura na Kigali.
Umwanya uriko uriruka ku mirwi itariko iroroherwa mu rugamba rwo kurondera abakinyi.
Amasaha iki kiringo kirangirirako ntatandukana kanini:
- Premier League/EFL: 23:00
- Bundesliga: 17:00
- Serie A: 19:00
- La Liga: 23:00
- Ligue 1: 23:59
Hashobora kuba vyinshi gushika ku munota wa nyuma.
None ibintu vyifashe gute?
Brighton yasubiye kwanka igiciro kigira kabiri c’imiriyoni 70 z’amapawundi Arsenal yari yemeye gutanga ku mukinyi wo hagati Moises Caicedo. (BBC)
Arsenal kandi iriko iraraba ko yovuvudikira Umubirigi Youri Tielemans w’imyaka 25 akina hagati muri Leicester. Amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci riza, ariko aba ba Gunners ntibashaka kurindira gushika hiyo kuko bakeneye kurondera abashobora gusubirira abakinyi ubwo nyene habaye ingorane. (90min)
Arsenal kandi iriko irihweza nimba yogura Umutaliyano Jorginho w’imyaka 31 akina hagati muri Chelsea na rirya amasezerano afitaniye n’uyu murwi azorangira mu ci irza. (Football London)
Paris St-Germain irizeye ko ishobora kuronka ku ntizo umusatirizi wa Maroc Hakim Ziyech w’imyaka 29 akina muri Chelsea, mu gihe na we nyene yipfuza kwimukira mu Bufaransa hakuja mu wundi murwi wo mu Bwongereza. (L'Equipe)
Kizigenza wa Manchester United Harry Maguire w’imyaka 29, yanse gutizwa muri Inter Milan kugira ngo ashobore kubandanya arwanira ikibanza ciwe i Old Trafford – ariko avuga ko azosubira kuvyihweza mu ci riza. (Daily Star)
Tottenham iri hafi yo gushika ku masezerano n’umunya-Espagne Pedro Porro w’imyaka 23 akina inyuma ku ruhande rw’i buryo muri Sporting Lisbon ku miriyoni 45 z’ama-euro. (Telegraph)
Sporting Lisbon izosubiriza Porro n’umunya-Espagne mugenziwe Hector Bellerin w’imyaka 27, na we nyene akina inyuma ku ruhande rw’i buryo muri Barcelona. (Fabrizio Romano)
Manchester United yaronse imirwi cumi yose irondera ku ntizo umunya-Suède akina ku ruhande Anthony Elanga, Borussia Dortmund na PSV Eindhoven ikaba iri muri ino mirwi, ariko umumenyereza w’aba Red Devils Erik ten Hag ntarumva ko yorekura uyu mukinyi wiwe w’imyaka 20. (FourFourTwo)
Mu ntumbero yo gukomeza uruhande rwaryo rwo hagati, Liverpool ishobora gutangaza benshi ikagura umufaransa N'Golo Kante w’imyaka 31 akina hagati muri Chelsea mu gihe amasezerano yiwe n’uyu murwi wa Stamford Bridge azorangira mu ci riza. (El Nacional – mu ki-espagnol)
Umukinyi w’inyuma wa Tottenham Djed Spence w’imyaka 22 yiteze gutizwa mu murwi Rennes wo mu Bufaransa gushika mu mpera z’uno mwaka w’inkino. (Athletic)
Bournemouth iri hafi yo kwemera amafaranga atangwa n’umurwi Sassuolo wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A ku kumunya-Côte d'Ivoire Hamed Traore w’imyaka 22 akina hagati. (90min)
Imishwano yadutse bari mu myimenyerezo hagati ya Joao Cancelo w’imyaka 28, n’umumenyereza Pep Guardiola niyo yatumye uyu munya-Portugal akina inyuma ashobora gutizwa muri Bayern Munich avuye muri Manchester City. (Mail)
Newcastle ibona ko umukinyi wo hagati wa Sheffield United umunya- Norvège Sander Berge w’imyaka 24, nk’umukinyi nyawe ashobora gusubirira Jonjo Shelvey w’imyaka 30 ashaka kwimukira muri Nottingham Forest. (Newcastle Chronicle)
Nottingham Forest iriko irasatira kugira ngo ironke umukinyi w’inyuma wa Atletico Madrid umunya-Brezili Felipe w’imyaka 33 inyuma y’aho atakarije ikibanza mu murwi wa Diego Simeone utangura mu kibuga muri uno mwaka w’inkino. (Mail)
Leicester yemeye gutanga imiriyoni 15 z’amapawundi ku munya-Australia Harry Souttar w’imyaka 24 akina inyuma muri Stoke City. Abo ba Foxes kandi baripfuza Jack Harrison w’imyaka 26 akina ku ruhande muri Leeds United, ariko kandi bakaba biteguye kugurisha umunya-Danemark akina inyuma Jannik Vestergaard w’imyaka 30, hamwe kandi n’umunya-Turukiya Caglar Soyuncu w’imyaka 26 na we nyene akina inyuma (Telegraph)
Mu gihe Fulham iri hafi yo kuronka umunya-Serbia akina hagati muri Torino Sasa Lukic w’imyaka 26 ku miriyoni 8,8 z’amapawundi, hari ivyo ibanza gusabwa kwuzuza kugira ngo ironke umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo wa Arsenal, umunya-Portugal Cedric Soares w’imyaka 31. (Evening Standard)