Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
RD Congo irahakana kuba yumvikanye ku masezerano ya gisirikare n’Uburusiya
Reta ya Repuburika ya Demokarasi ya Congo irahakana ibivugwa ko hari amasezerano yashizeko umukono n’Uburusiya mu gufashanya mu vya gisikare.
''Gushika uyu munsi, nta masezerano yo gufashanya mu vya gisirikare yasinywe ubu vuba hagati y’Uburusiya na Repuburika ya Demokarasi ya Congo.''
Ivyo biri mw’itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bwa Congo bujejwe kumenyesha amakuru mw’itangazo bwasohoye ku wa kane.
Iryo tangazo rije inyuma y'ivyanditswe ku wa kabiri n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta y’Uburusiya, TASS, aho ryavuze ko reta y’Uburusiya yemeye integuro y’amasezerano yo gufashanya mu vya gisirikare na Repuburika ya Demokarasinya Congo.
Isubiramwo ibiri mu nyandiko ya reta, TASS yavuze ko iyo nteguro y'amasezerano ayo masezerano ategekanya gukorera hamwe imyimenyerezo ya gisirikare, inyigisho za gisirikare hamwe ''n’ingendo z’ubwato n’indege vy’intambara ku butumire canke bisabwe.''
Ariko Congo ivuga ko iyo nteguro y’amasezerano ivugwa yatangujwe n’ivyo bihugu vyompi mu 1999, ariko ko gushika ubu itarasinywa.
Itangazo ry’ubushikiranganji bwo kumenyesha amakuru muri ico gihugu rivuga riti:
''Muru iki gihe, nta biganiro bihari hagati y’ibihugu vyompi kw’ishirwa mu bikorwa ry’ayo masezerano. Uko ibintu vyifashe gushika ubu, Congo nta n’ivyo iriko iriyumvira.''
Abakeba bari muri 'Have ndahasubire'
Uko biri kwose, ivyanditswe na TASS bihurirannye n’ibihe bidasanzwe mu migenderanire ya Congo n’ibihugu vy’i Buraya na Amerika ku ruhande rumwe, n’igihagararo Uburusiya buriko burarondera gukomeza muri Afrika ahahora Uburaya ku rundi ruhande.
Mu kwezi guheze, i Kinshasa ku murwa mukuru wa Congo, harabaye imyiyerekano y’abantu biyamiriza Amerika n’ibihugu vya Buraya, baturira amabendera ya bimwe muri vyo bihugu -nk’Ububirigi na Amerika. Basambuye kandi iduka ry'igitangazamakuru Canal+ co mu Bufaransa.
Abari mu myiyerekano bagiriza ivyo bihugu kunanirwa gukoresha ijambo bifise ku Rwanda mu rwego rwo guhagarika intambara y’imgwi yitwaje ibigwanisho mu buseruko bwa Congo.
Urwanda rwagirizwa mu vyegeranyo bitandukanye hamwe n’ibihugu bimwe bimwe vy’i Buraya na Amerika gushigikira M23, umuhari wa mbere ukomeye mu yigwanya reta ya Congo. Urwanda rurahakana uruhara urwari rwo rwose.
Ivyabaye i Kinshasa bisa n’ivyabaye mu bihugu bimwe bimwe vyahoze bikoronijwe n’Ubufaransa aho bwari bwagumanye ikibanza gikomeye mu migenderanire ya gisirikare n’ubutunzi.
Ubu Ubufaransa bwaravuye muri ivyo bihugu, ikibanza cabwo mu gufashanya mu vya gisirikare gisubirirwa n’umugwi w’abacangero w’Uburusiya, Wagner.
Mu kiringo c’imyaka itari mike uwo mugwi ukorera mu bihugu bitandukanye vyo muri ako karere, reta y’Uburusiya yavuga ko ari umugwi wigenga.
Ariko kuva aho umutegetsi wawo, Yevgeny Prigozhin apfiriye mw’isanganya ry’indege mu kwezi kw’umunani mu 2023, agapfana na benshi mu bo bafatanya kuwurongora, ubu uwo mugwi usigaye utegekwa n’inzego za reta y’Uburusiya.
Mu bihugu Wagner ukoreramwo, ibikorwa vya gisirikare ufasha ubikaba ubutunzi kama hamwe no kwimba ubutare, vyose bigwiriye muri ivyo bihugu.
Congo -nayo irangwamwo bene ubwo butunzi n’ubutare ku bwinshi - nayo vyigeze kuvugwa ko Wagner yahashitse ariko reta y'ico gihugu irabihakana.
Kuba amasezerano ya gisirikare hagati ya Congo n’Uburusiya asubiye kuvugwa muri ibi bihe, biba vyo bitaba vyo, bijanye n'ibihe.