Yeats yanditse amateka muri Liverpool yapfuye ku myaka 86

Yatangajwe
Igihe co gusoma: iminota 2

Rurangiranwa yabaye kapiteni wa Liverpool Rob Yeats yapfuye afise imyaka 86.

Uwo yari myugariro wo muri Ecosse (Scotland) yari mu bakinyi ba Liverpool igihe yatsindira igikombe c'icaro ca kabiri (second division) ku mumenyereza Bill Shankly mu 1962.

Yeats yaratsindiye ibikombe bikomeye bibiri, FA Cup na Charity Shield incuro zitatu, bituma Liverpool iba imwe mu migwi ikomeye cane mu gihugu.

Yakinye inkino 454 imbere y'uko aja muri Tranmere nk'umukinyi-mumenyereza mu 1971.

Muri izo nkino, izirenga 400 yazikinye ari kapiteni, uwumurusha ngaho akaba ari Steven Garrad gusa.

Mu kwezi kwa mbere yatowe indwara ya Alzheimer.

Itangazo ry'umugwi yakiniye rigira riti: ''Liverpool FC iri mu kigandaro c'urupfu rw'uwanditse amateka, uwahoze ari kapiteni Ron Yeats.

''Mu majambo ya Bill Shankly, ''igihangange'' muri kahise k'umugwi.

''Buri wese muri LFC yifatanije n'umugore wa Ron, Ann, umuryango wiwe wose n'abagenzi biwe muri ibi bihe bibabaje cane.''

Amabendera i Ansfield n'ibindi bibuga vyo kwimenyererezako vya Liverpool aramanurwa gushika hagati nk'ikimenyetso c'icubahiro.

Yeats yazaniye Ecosse ibikombe bibiri mu 1964 na 1965.

Yatanguriye muri Dundee United imbere y'uko aja muri Liverpool mu 1961. Yarakiniye kandi Stalybridge Celtic na Barrow yongera arakina muri Amerika.

Yeats yaragarutse mu Bwongereza arakina akanya gato muri Formby na Rhyl imbere y'uko asezera gukina umupira mu 1977.

Mu 1986 yaragarutse muri Liverpool nk'umumenyereza mukuru gushika afate ikiruhuko c'izabukuru mu 2026.

'Intashikirwa z'ibihe vyose muri Liverpool'

Abatari bake mu bakinyi ba Liverpool bashikirije ubutumwa bw'icubahiro bafitiye Yeats.

Uwahoze ari umukinyi w'imbere John Aldridge yavuze ati: ''Navyukiye uyu munsi ku nkuru mbi y'urupfu rw'umwe mu ntashikirwa z'ibihe vyose za Liverpool nk'umukinyi n'umukapiteni, Ron Yeats.

''Mbega umugabo w'abagabo. Ndi n'iteka kuba twarahuye akatari gake,''

Uwundi yigeze kuba umusatirizi wa Reds, Robbie Fowler, yavuze ati: ''Ruhuka mu mahoro mugabo w'abagabo. Nifatanije n'bagenzi n'umuryango ba Ron.''

Uwigeze kuba myugariro wa Liverpool akaba n'umwunganizi w'umumenyereza Phil Thompson, yinjiye muri uwo mugwi umwaka Yeats awuvamwo, yagize ati: ''Birababaje kwumva urupfu rwa Ron Yeats, umwe mu bo nafata nk'intwari nkiri umwana hanyuma nkagira amahirwe yo kuba umugenzi wiwe. Ntacondutira ico. Ruhuka amahoro mugabo w'abagabo.''