Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Partey, Havertz, Mbappe, Palhinha, Scamacca, Walker
Arsenal iripfuza kugurisha umukinyi wayo wo hagati, umunya-Ghana Thomas Partey w’imyaka 30, muri rino ci mu gikorwa co gutunganya gushasha uruhande rwo hagati. (Telegraph)
Chelsea igiye kwongereza akariro mu biganiro ku munya-Equateur akina hagati Moises Caicedo w’imyaka 21 inyuma y’aho Brighton yankiye imiriyoni 60 z’amapawundi, ikaba imuronderako imiriyoni zirenga 80 z’amapawundi. (Mail)
Umusatirizi wa Chelsea Umudagi Kai Havertz w’imyaka 24 ariteguye kwimukira muri Arsenal, mu gihe Bayern Munich yabaye irihoza ivyo kumurondera. (Sky Sport Germany)
Umusatirizi w’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 avuga ko azoguma muri Paris St-Germain mu mwaka w’inkino uza hanyuma akazofata ingingo kuri kazoza kiwe mu 2024 igihe amasezerano yiwe n’uno murwi azoba arangiye. (Telefoot, iciye kuri 90min)
Real Madrid ivuga ko muri ino ndwi izotangaza ko yamaze kugura umusatirizi wa Espagne Joselu w’imyaka 33 akinira Espanyol, inyuma y’aho ikuriye akarenge mu vyo kurondera Mbappe muri rino ci. (Sport)
West Ham iriko irategura umubonano wa mbere n’umukinyi wo hagati wa Fulham umunya-Portugal Joao Palhinha w’imyaka 27, ikaba imubona nk’uwushobora kuzosubirira Declan Rice. (Fabrizio Romano)
Umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 24 yashitse ku mwumvikano na Roma, mu gihe West Ham yipfuza kumutiza, bibaye ngombwa umurwi womutwara ugashobora kuzomugura. (Football Insider)
Bayern Munich iri mu biganiro bigeze kure irondera kugura Umwongereza Kyle Walker w’imyaka 33 akina inyuma muri Manchester City . (Sky Sports)
Umukinyi w’inyuma wa Monaco Umufaransa Axel Disasi w’imyaka 25 aracaronderwa cane na Manchester United mu gihe umukinyi w’inyuma wa Korea y’Epfo Kim Min-jae w’imyaka 26 aboneka ko yiteguye kwimukira muri Bayern avuye muri Napoli. (Fabrizio Romano)
Uwahoze amenyereza Barcelona n’umurwi nserukiragihugu wa Espagne Luis Enrique yiteze kuba umumenyereza wa Paris St-Germain. (L'Equipe)
Umukinyi wo hagati wa Chelsea na Maroc Hakim Ziyech w’imyaka 30 ari mu biganiro mu ntumbero yo kwimukira muri Al-Nassr yo muri Arabia Saoudite, akaba yipfuza cane gukinana n’umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 38. (Fabrizio Romano)
Chelsea iracipfuza kugura umusatirizi wa Nigeria Victor Osimhen w’imyaka 24 asanzwe akinira Napoli, n’aho iri hafi yo gushika ku masezerano n’umurwi wa Villarreal kugira ngo uyihe umusatirizi wa Senegal Nicolas Jackson w’imyaka 21. (90min)
Newcastle United iriteguriye kurondera umukinyi wo hagati wa Nice Umufaransa Khephren Thuram w’imyaka 22 inyuma y’aho iburaburijwe mu rugamba rwo kurondera umukinyi wo hagati wa Inter Milan Umutaliyano Nicolo Barella w’imyaka 26. (Football Insider)
Newcastle iboneka ko yiteguye kugura umunyegori wa West Bromwich Albion Umwongereza Josh Griffiths w’imyaka 21. (Sun)
Umukinyi w’inyuma wa Borussia Dortmund Umufaransa Soumaila Coulibaly w’imyaka 19 ari mu biganiro bigeze kure mu ntubero yo kwimukira muri Burnley ku ntizo. (L'Equipe)
PSG irabandanya ibiganiro na Real Mallorca mu ntumbero yo kurondera kugura umukinyi wo hagati wa Korea y’Epfo Lee Kang-in w’imyaka 22. (Marca)
Barcelona yemeye kugura umusatirizi wa Athletico Paranaense umunya-Brezili Vitor Roque w’imyaka 18, mu masezerano y’imyaka itanu. (Sport)
Inyuma yo kuva muri Barca muri rino ci, umukinyi wo hagati wa Espagne Sergio Busquets w’imyaka 34 ari hafi yo gushika ku masezerano na Inter Miami azomusubiza hamwe n’uwo bahoze bakinana Lionel Messi. (Mundo Deportivo)
Umusatirizi wa Atletico Madrid Umufaransa Antoine Griezmann w’imyaka 32 avuga ko indoto ziwe ari uko umusi umwe azoja gukinira umurwi wo mw’ihiganwa rya Amerika, Major League Soccer (MLS). (Goal)