Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Amabarabara 10 ateje akaga kurusha ayandi kw'isi mu 2026
Muri iki gihe, ingendo nyinshi dufata n'imodoka zisa n'izama zihungabanywa n'urutavanako rw'imiduga, mu gihe ibikorwa vyo gusanura amabarabara canke izindi nzitizi ziza giturumbuka zituma ingendo ziteba. Ariko ibintu vyoshobora kuba bibi gusumba. Bibi cane.
Nk'akarorero, wibaze uriko uragendesha imodoka uca mw'ibarabara ryaga kandi rikikama ahantu ku musozi muremure kandi utemba cane, imbere hakaba hariko haraza iyindi modoka mugira muhure, aho wihenze gatoya gusa hashobora guca haba isanganya ridasanzwe.
Izo ni zimwe mu ngorane abantu bo mu turere twinshi tw'isi bahura. Ni uturere usanga inzira yo kuva mu gace kamwe uja mu kandi ari ugushira ubuzima bwawe mu kaga rwose.
Pfunga umusipi ugukingira, wicare neza mu modoka, witegurire urugendo ruteye ubwoba, mu gihe tugiye guca muri amwe mu mabarabara ateje akaga kurusha ayandi kw'isi.
Ibarabara rya Keylong-Kishtwar, mu Buhindi
Nimba ibirometero 235 vy'ibarabara ry'ivu ryaga cane, rigaca mu misozi ihanamye rwose, ari rwo rugendo rwoguhimbara mu modoka, ibarabara riva i Keylong rija i Kishtwar mu Buhindi ni ryo rero rikubereye.
Nta kintu na kimwe kihari gishobora kugukingira hagati yawe n'imanga idasanzwe. Ushobora gutemba gushika epfo mu kabande. Aha, wongereko akaga ko kurindimuka kw'umusozi hamwe n'ihindagurika ry'ikirere. Uca utahura igituma iri ari rimwe mu mabarabara ateye akaga kurusha ayandi mu Buhindi.
Igice kimwe c'iri barabara kizwi kw'izina rya "Cliff Hanger", ni gito cane kandi gishobora gusenyuka kikarindimuka igihe cose umuntu yoba yegereye cane uruhande rwo ku manga.
Ibarska Magistrala, Serbie
Ni ibarabara rizwi cane kw'izina rya "Black Highway" (ibarabara rikuru ryirabura). Iri barabara ry'igihugu nomero 22 ni rimwe mu yateza akaga cane muri ico gihugu co ku mugabane wa Buraya, kandi ni rimwe mu yakoreshwa rwose.
Iryo barabara rihuza Belgrade n'ayandi makomine manini yo muri Serbie hamwe n'ibihugu bibanyi nka Montenegro.
Hari ibice vy'amabarabara birebire kandi bigororotse, ariko bikagira n'amakorosi ateye ubwoba n'akaga, ivyo bikaba bituma haba impanuka nyinshi, cane cane mw'ijoro.
Transfăgărășsan, Roumanie
Roumanie iri mu bihugu vyo ku mugabane wa Buraya bifise amabarabara aca ahantu habi cane kandi hateye ubwoba. Ariko ibarabara rizwi cane kandi riteje akaga kuruta ayandi ni Transfăgărășan.
Rica mu misozi ihanamye rwose rikagira amakorosi menshi adasanzwe. Riri ku metero 2.000 uja hejuru ugereranije n'urugero rw'ibahari. Kandi mbere uriko uraca muri iryo barabara ry'ibirometero 150, uraronka akaryo ko kugenda uraratira ijisho aho ubona imisozi n'ibiyaya vyiza rwose.
Rifise amakorosi ateye ubwoba, ibice bimwe vyaryo bigaca mu kuzimu, hanyuma hamwe rikaduga rwose ahandi rikamanuka. Ivyo bituma ritorohereza ubukerarugendo.
Ibarabara rya Skippers Canyon, muri Nouvelle-Zélande
Skippers Canyon ni akabande ko muri Nouvelle-Zélande, kagenda kajana Uruzi rwa Shotover. Mu 1862, muri ako karere hatowe inzahabu, bica biba ngombwa ko hacibwa ibarabara rica muri uwo mwonga.
Iryo barabara ryaciwe mu bitandara vy'amabuye hakoreshejwe ibikoresho vy'amaboko n'ibiturika. Kubera ko ibitandara vy'uwo mwonga vyoroshe, ibarabara rishobora kunyerera cane canke rikarindimuka iyo haguye imvura. Mbere n'iyo ata mvura yaguye, ibice vyaryo birashobora gusenyuka.
Uretse ko riri ahantu hahanamye, rikagira uburebure bw'ibirometero 22, riraga cane rwose. Ivyo bituma imodoka zitoroherwa kurengana.
Ibarabara rya James Dalton, muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika
Ibarabara rya James Dalton, ryamenyekanye cane biciye ku kiganiro co ku mboneshakure citwa "Ice Road Truckers". Ni ibarabara rirerire rihuza igisagara ca Fairbanks n'ica Deadhorse, kiri mu karere ka Arctique.
Iri barabara rifise uburebure bw'ibirometero 666, rikaba ryahawe izina ry'umuhinga mu vy'ubwubatsi w'Umunya Alaska.
Ibarabara rya Zojila, mu Buhindi
Ibarabara rya Zojila ni rimwe mu yahambaye ahuza akarere ka Ladakh n'akabande ka Kashmir. Kubera ko riri ahantu mu misozi miremire ya Himalaya, rirakarirwa cane n'urubura, ku buryo rikunda kwugarwa.
Ibarabara rya Fairy Meadows, muri Pakistani
Iri barabara riteye ubwoba cane rica mu misozi ya Pakistani, aho mu burere bumwe bumwe rigera ku metero 3.000 uja hejuru, ugereranije n'urugero rw'ibahari. Kandi riraga cane ku buryo bitorohera imodoka kurengana
Na ho nyene, nta kintu na kimwe kihari gishobora gukingira uwuriko ararengana canke imodoka zihaca. Usamaye gatoya, birashobora gutuma imodoka imandagarira mu kabande, kandi ivyo bishika kenshi.
Ibarabara rya Yungas, muri Bolivie
Ibarabara rya North Yungas ni rimwe mu mabarabara ateye akaga kandi azwi cane kw'isi yose. Hari imvo zumvikana zatumye rimenyekana gutyo. Iki gice c'ibarabara gifise uburebure bw'ibirometero 64, gihuza igisagara ca La Paz n'akarere ka Yungas muri Bolivie. Imbere y'uko hubakwa irindi barabara abantu basigaye bikorako kandi rimeze neza, vyagereranywa ko iryo barabara ryahitana abantu bari hagati ya 200 na 300 buri mwaka.
Ibarabara rya Sichuan-Tibet, mu Bushinwa
Ibarabara rya Sichuan-Tibet ni rimwe mu mabarabara ari hejuru cane gose kw'isi ugereranije n'urugero rw'ibahari. Bituma haba ingorane zidasanzwe. Kuva ku kwirinda urubura n'imisozi y'ibarafu iharangwa hamwe n'isenyuka ry'ubutaka, biragoye cane gose kuhaca n'imodoka kubera amapine adafata hasi.
Bayburt D915, Turquie
Ibarabara rya D915 rifise amakorosi menshi kandi rikunda kuvugwa nka rimwe mu yateye ubwoba kuruta ayandi kw'isi.
Rihuza ikiyaga cirabura kiri ku nkengera yo mu buraruko n'igisagara ca Bayburt, kikaba cari kimwe mu bibanza vy'inzira ya kera y'ubudandaji yitiriwe Inzira y'Ubudandaji bw'Impuzu z'Ubushinwa yahuza, muri kahise, ubushinwa n'umugabane wa Buraya.