Burundi: 'Iyo itaba isoko twubuye muri Congo, tuba twaragize ikibazo gikomeye' - BRARUDI

    • Umwanditsi, Patrick Wasso
    • Igikorwa, Umunyamakuru i Bujumbura
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Ihinguriro ry'ibinyobwa mu Burundi Brarudi ryemeye ko iyo ritaba ryararonse isoko muri gihugu kibanyi ca Repuburika ya Congo ata "kiyeri na kimwe coba gikorwa canke gihingurirwa aha mu Burundi".

Vyavuzwe n'umwe mu bayobozi b'iryo hinguriro kuri uyu wa kabiri mu kiganiro ryahaye abamenyeshamakuru inyuma yo kubugurira kugira baje kuraba uko rikora, ivyo rihungura n'ingorane ziruhanze.

Brarudi yemeye ku kugaragaro ivyari bimaze igihe mu ntamatama nk'igituma ibinyobwa vyaryo bitakiboneka neza kw'isoko ryo mu Burundi.

"Inzoga zimwe zimwe zacu turazirungika mu karere cane cane muri Congo kugira turonke amahera mvamakungu".

Vyemezwa na Jennifer Nkurunziza, umuyobozi ajejwe imigenderanire y'iryo shirahamwe na reta y'Uburundi akaba anarongoye igisata co kumenyesha amakuru muri Brarudi.

"Inzoga zacu ziraja muri Congo kandi birazwi kandi bifise uko bitunganijwe.

"Harya murazi ko iyaba izi nzoga zacu zitari kuba zija muri Kongo kugira turonke n'amahera make mva makungu turonkerayo ata kiyeri na kimwe coba gikorwa canke gihingurirwa aha mu Burundi? Nta kiyeri mwosubira kuronka aha mu Burundi".

Co kimwe n'ibindi bisata vy'ubutunzi mu Burundi, Brarudi yarakozweko n'ubukene bw'amafaranga mvamakungu akoreshwa mu kugura hanze ivyo ikenera mu guhingura inzoga n'ibindi binyobwa.

"Ku kwezi, ishirahamwe BRARUDI kugira rikore neza, dukeneye imiriyoni 8 z'amadorari. Ariko ubu ni kibazo cane kugira tuyaronke", niko Jennifer Nkurunziza yavuze.

Yaranahishuye ko hageze "igihe ibikorwa bihagarara indwi zibiri, harabaye uruhagarara mu gihugu cose abantu bibaza ko twugaye".

" Ni uko twari twabuze uburyo bukwiye kugira dukore. Ivyo vyabaye muri 2024. Ubu turiko turakora twinanata kugira abanyagihugu baronke ivyo bifuza naho vyoba bike".

Imyidogo y'Abarundi

Zimwe mu ngaruka z'ukutaronka uburyo bukwiye bwo gukora n'ibura canke ikena rya bimwe bimwe mu binyobwa bihingurwa na Brarudi.

Kimwe mu kibitera ni uko ibinyobwa bishoboye guhingurwa bimwe rica ribishora muri Congo aho bigurishwa menshi kandi mu mafaranga yo hanze.

Uwo muyobozi avuga ko babizi ariko ko hari amahitamwo bategerezwa kugira kugira babandanye bakora.

"Abantu ngaha baridoga ngo nta nzoga zikwiye baronka. Ariko nibamenye ko mu gihe Amstel imwe igurishijwe muri Congo, ingana n'igiciro ca Amstel 3 zigurishijwe ku butaka bw'Uburundi", niko Nkurunziza yavuze imbere yo kwongerako ati:

"Twifuza ko abanyagihugu bacu baronka inzoga bakeneye imbere yuko twiyumvira kuzitwara hanze.

"Ariko hari amahitamwo n'ingingo zimwe zimwe zifatwa kugira dushobore kubandanya dukora. Ibaze ufise amadorari ijana, ukora inzoga zijanye nayo mahera.

"Hari inzoga zisaba ibintu vyinshi mu guhingurwa. Uhingura izijanye n'amahera ufise".

Ivyo bishikirijwe n'ishirahamwe BRARUDI mu gihe mu mihingo itandukanye y'Uburundi, mu bunywero butandukanye hari inzoga zitakiboneka, canke ziboneka nabi nabi. Izibonetse bagategeka abazihereza kugura inyama canke ikindi kintu aho mu bunywero nyene kugira bashobore kuzihereza.

Umutangakori wa mbere ni umukoresha akomeye mu Burundi

Ihinguriro BRARUDI niryo rya mbere ritanga ku mwaka amahera menshi y'ikori mu Burundi. Hafi miriyaridi 400 niyo yinjira mu kigega ca reta nk'ikori.

Abakozi bayo bashika hafi 500, mu gihe abo bakorana buri gihe barenga 4 100 ku bw'amakuru ava mu gisata co kumenyesha amakuru ca yo. Ku kwezi, iryo hinguriro rikora ama hegitolitiro angana imiliyoni 3 n'igice z'ibinyobwa (inzoga zambiye hamwe n'ifanta).

Iryo hinguriro rimaze imyaka irenga imyaka 70 rikorera mu Burundi. Ikiyeri caryo ca mbere casohotse mu kwezi kwa 12 mu 1955.

Abanyamitahe bakuru bakuru baryo ni Heinekenen na reta y'Uburundi.