Israel-Gaza: Umunyamabanga mukuru wa Onu atera akamo ko intambara ihagarara ubwo nyene

Ahavuye isanamu, Reuters
Umunyamabanga mukuru wa Onu, Antonio Guterres, yateye akamo ko intambara zihagara muri gaza.
Ari ku ruhande rwa Misri ku muryango wa Rafah, Antonio Guterres yagize ati:"Ubu harageze ko urwamo rw'amasase ruhagarara."
Yahamagariye Israel gufasha"mu buryo bwose kandi ata nzitizi" kugira imfashanyo za nkenerwa zishike muri Gaza.
Ivyigwa vyakozwe na Onu muri iyi ndwi ku bifungurwa, vyerekana ko abantu imiriyoni 1,1 bo mu karere ka Gaza bishwe n'inzara hamwe n'imirire mibi.
Ivyo vyigwa vyongerako ko, inzara itewe n'abantu mu gice co mu buraruko, ishobora kwaduka kuva ubu gushika mu kwezi kwa gatanu.
Guterres yavuze ko aje i Rafah "gushira ahabona amagorwa y'abanye Palestine muri Gaza", yavuze inyuma y'aho Uburusiya n'Ubushinwa bwankiye integuro y'itegeko yari yazanywe na Amerika yahamagarira ihagarikwa ry'intambara bikajana n'irekurwa ry'abagizwe imbohe bapfungiwe muri Gaza.
Guterres yateye kandi akamo ko abanye Israel bagizwe ingwati barekurwa, yagize ati:"Harageze ko vy'ukuri dusuka imfashanyo yo gufasha gukiza ubuzima muri Gaza. Guhitamwo biroroshe: kwongereza imfashanyo canke amapfa. Kugaranira amakamyo azanye imfashanyo ku ruhande rwa Misri ni akamaramaza."
Yongeyeko:"Ndashaka ko abanye Palestine bari i Gaza bamenya: Ntitwabatereranye. Abatu hirya no hino kw'isi barababajwe n'amabi tubona bagirirwa buri mwanya. Abanye Palestine bo muri Gaza bari mu gorane z'urutavanako."
Avugana n'umumenyeshamakuru wa BBC Middle East, Hugo Bachega, guterres yasubiye gutera akamo Israel gukura inzitizi zituma hadatangwa imfashanyo.
Yongeyeko ati:"Biragaragara ko inzitizi ku mfashanyo ari bumwe mu buryo bukoreshwa muri iyi ntambara ya Gaza."

Ahavuye isanamu, Reuters
Umushikiranganji wa Israel ajejwe imigenderanire n'amakungu, Israel Katz yishuye Guterres kuri X (yahoze yitwa Twitter), avuga ko umunyamabanga wa Onu "yagiriza Israel ku buryo abantu bamerewe nabi mu karere ka Gaza" adateye ivyatsi abagwanyi ba Hamas".
Urubibe rwa Rafah n'imwe mu nzira zikomeye zicamwo imfashanyo yinjira muri Gaza, ahari umurongo munini w'amakamyo urimwo imfashanyo arindiriye ko Israel ayemerera kujabuka.
Ibihugu vya Buraya n'amashirahamwe atanga imfashanyo yaranebagye Israel ku buryo agenzura iyo mfashanyo, bakanayagiriza kurekure kwemerera imfashanyo nke cane ko yinjira ku yiba ikenewe vyihuta.
Intambara yo muri Gaza yatanguye igihe abagwanyi ba Hamas batera ubumanuko bwa Israel itariki 7 Gitugutu (10), bica abantu 1.200 banagira ingwati 253, nk'uko bivugwa n'abategetsi ba Israel.
Abanye Palestine barenga 32.000 baramaze kwicirwa mu bitero vyo mu kirere vyo kwihora vya Israel, kandi bikaba bibandanya no ku butaka, nk'uko bivurwa n'ubushikiranganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu.












