US: Donald Trump imbere y'ubutungane ku caha co gufata ku nguvu

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umwanditsi E Jean Carroll yitwariye Donald Trump mu ntara ya New York amwagiriza kuba yaramufashe ku nguvu mu myaka ya 1990.
Carroll w'imyaka 78 abaye mu bambere bituye ubutungane nk'uko bitegekanijwe mw'itegeko riha ubwo burenganzira abakorewe ico caha bakuze, ryagiye mu bikorwa ku musi wa kane.
Iryo tegeko ry'iyo ntara riha ikiringo c'umwaka abakorewe icaha kugira biture ubutungane ku caha co gufatwa ku nguvu i New York, mu gihe ikiringo co kwitwara kiba cararenze ufatiye ku mategeko.
Uwo yahoze ari umukuru w'igihugu yarahakanye ivyo yagirizwa.
Carroll avuga ko yafatiwe ku nguvu mu cumba bahinduriramwo impuzu mu mangazini y'abakire iri New York haraheze imyaka 27.
Itegeko rigenga abafashwe ku nguvu bakuze rirekurira abakorewe icaha kubimenyesha, mu gihe babikorewe barenza imyaka 18 kandi bikaba kw'itariki ya kera irenze ku gihe gitegekanijwe gukurikiranwa ugereranije n'ibindi vyaha.
Iryo tegeko ryisunze iriheruka gushingwa ryerekeye ihohoterwa rikorerwa abana, rigenga abakorewe icaha, bagahohoterwa bakiri bato.
Itegeko rihana abahohoteye abana, ryatanguye kuja mu bikorwa mu 2019, ryatanze ikiringo c'imyaka ibiri kugira abakorewe ico caha babivuge. Imanza zoba zishika 11.000 zarashinzwe i New York aho bitwariye amashengero, ibitaro hamwe n'ibindi bigo hisunzwe iryo tegeko.
Carroll kandi yitwariye prezida Trump ko yamwagirije ububeshi igihe ubwa mbere yavuga ivyo yamukoreye ku mugaragaro mu 2019. Trump yavuze ko ivyo Carroll amwagiriza ari "ibihimbano".
Bitegekanijwe ko urwo rubanza ruzoba itariki 6 z'ukwezi kwa kabiri.
Mw'itangazo, umushingwamanza wa Carroll, Roberta Kaplan, yavuze ko urubanza rushasha rwashinzwe ku musi wa kane rutumbereye kubaza Trump icaha co gufata ku nguvu yoba yarakoze.
Alina Habba, aburanira Trump, yabwiye ibimenyeshamakuru ko, n'aho yubaha akanatangarira abantu bavuga ivyabashikiye "uru rubanza ruciye kubiri n'intumbero y'iryo tegeko" kandi "rushobora gutuma ivyo abakorewe icaha nyabo bavuga bidahabwa agaciro".
Hari n'abandi bategura kwitura sentare bishimikije iryo tegeko rishasha.
Aha harimwo kwitwarira mu kivunga Robert Hadden, yahoze ari umuganga w'abagore ku bitaro vyakorana na New York-Presbyterian hamwe na kaminuza ya Columbia, yagirijwe n'abagwayi barenga mirongo ibiri ko yabafashe ku nguvu.
Mu 2016, Hadden yarahamwe n'ivyaha bifatiye ku gufata ku nguvu muri sentare y'intara, ariko ahakana ivyaha yagirizwa n'igihugu cose vyo gukubagura abagore bagwaye mu myaka irenga mirongo ibiri.
Abashingwamanza b'abafashwe ku nguvu bibaza ko iryo tegeko rihaye akaryo abantu, batari bashoboye kubikora imbere, kubera gutinya kugirirwa nabi canke imvune vyabasizemwo, kwigaragaza.
Ayandi mareta menshi yarongereje ikiringo canke arafuta vy'agateganyo amategeko y'ikiringo ivyaha vyo gufata ku nguvu bimara kugira bihanwe, bivuye kw'isekeza rya #MeToo mu 2018, nka New Jersey, Californie, Arizona na Montana.










