Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igura n’igurishwa ry’abakinyi kuri uyu wa gatanu: Jesus ari mu kwinjira muri Arsenal - ni bimwe mu bivugwa
Arsenal iri hafi yo gushika ku masezerano n’umusatirizi wa Manchester City umunya-Brezili Gabriel Jesus w’imyaka 25. (Times)
Tottenham iriko itegura imiriyoni 90 z’ama euro kugira irabe ko yoronka umusatirizi wa Inter Milan Lautaro Martinez ariko uyu munya Argentina yipfuza kuguma muri uyu murwi wa Serie A, kandi nawo nta mugambi ufise wo kumugurisha. (Alfredo Pedulla)
Newcastle United iriko ikurikiranira hagufi umunyegori wa Burnley umwongereza Nick Pope w’imyaka 30. (Mail)
Liverpool iracarondera umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund, umwongereza Jude Bellingham w’imyaka 18. (Mirror)
AC Milan niyo ihabwa amahirwe gusumba Newcastle mu rugamba rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Lille umunya-Hollande Sven Botman akina mu batarenza imyaka 21. (Football Insider)
Manchester City iriko iregeranya amafaranga mu ntumbero yo kurondera umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’ibubamfu wa Brighton umunya Espagne Marc Cucurella w’imyaka 23. (Guardian)
Umumenyereza wa Nottingham Forest Steve Cooper yatumye uyu murwi ushika mu cicaro ca mbere c‘ihiganwa ry’Ubwongereza Premier League mu mwaka w’inkino uheze ari hafi yo gushika ku masezerano mashasha n’uyo murwi. (Telegraph)
Forest kandi iri mu biganiro kugira ngo irabe ko yoronka umukinyi w’inyuma, umufaransa Moussa Niakhate w’imyaka 26 asanzwe akina mu murwi Mainz wo mu Budagi. (Mail)
Leeds United na Southampton iripfuza umukinyi wo hagati wa Manchester City Umubirigi Romeo Lavia w’imyaka 18. (Athletic)
Southampton yiteze gutangaza ko yaguze umunyegori akomoka muri Irlande Gavin Bazunu w’imyaka 20 wo muri Manchester City mu masezerano afise agaciro k’imiriyoni 15 z’amapawundi. (Telegraph)
Fulham na Wolves yompi iripfuza kugura umukinyi wo hagati wa Sporting Lisbon umunya-Portugal Joao Palhinha w’imyaka 26. (90min)
Umukuru wa Real Madrid Florentino Perez avuga ko umusatirizi mushasha wa Manchester City umunya Norvège Erling Haaland w’imyaka 21 atari gutanguzwa iyo uyu musatirizi yari kuba yarimukiye muri uyo murwi wo muri Espagne. (Mirror)
Umukinyi w’inyuma w’umwongereza James Tarkowski w’imyaka 29 yemeye kwimukira muri Everton igihe amasezerano afitaniye na Burnley azoba arangiye muri rino ci. (Sky Sports)
Juventus yahinduye ivyo yemereye umukinyi wo ku ruhande w’umunya-Argentina Angel di Maria w’imyaka 34 kubera iriko iramurwanira na Barcelona, ubu akaba yirebanga, afise uburenganzira bwo kwinjira mu murwi uwo ari wo wose yishakiye inyuma y’aho aviriye muri Paris St-Germain. (Gianluca di Marzio)
Umukinyi wo hagati Umufaransa Aurelien Tchouameni yimukiye muri Real Madrid avuye muri Monaco inyuma yo kwanka igifovya c’amafaranga yemerewe nk’umushahara muri PSG. (Marca)