Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Abatavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzania bapfunzwe mu gihe imyiyerekano yari yabujijwe
- Umwanditsi, Basillioh Rukanga na Florian Kaijage
- Igikorwa, BBC News, Nairobi na Dar es Salaam
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 2
Abakuru babiri b'umugambwe Chadema utavuga rumwe n'ubutegetsi muri Tanzania bari mu banywanyi 14 bafashwe, mu gihe igiporisi cariko kiragerageza kuzibira imyiyerekano yari yabujijwe mu gisagara gikuru, Dar es Salaam.
Chadema yavuze kuri X (yahoze ari Twitter) ko, Freeman Mbowe, yatwawe mu gasho mu gihe yariko aritegurira kuja ''kurongora imyiyerekano y'amahoro''.
Igiporisi cagiye kandi ku rugo rw'icegera c'umukuru w'uwo mugambwe Tindu Lissu n'urukurikirane rw'imodoka 11 hanyuma kiramufata, ku bwa Chadema.
Abihweza ibintu n'ibindi bafise ubwoba ko ifatwa ry'abo bantu ari ikimenyetso ko igihugu kiriko kirasubira mu butegetsi bwari ubw'agaciniyizo gusumba ubuhari ubu ku gihe ca perezida John Magufuli.
Chadema yari yeteguye imyiyerekano yo ku wa mbere kugira yiyamirize ibivugwa ko ari iyicwa ryabaye ubu vuba mu gihugu ry'indongozi z'imigambwe itavuga rumwe n'ubutegetsi.
Igiporisi cavuze ko iyo myiyerekano iteye kubiri n'amategeko, ariko abatavuga rumwe n'ubutegetsi bari barahiye bararengwa ko batazokwubahiriza iyo ngingo yo kuyibuza.
Urubuga rw'amakuru rwa Citizen rwavuze ko n'abamenyeshamakuru bariko barakurikirana iyo myiyerekano nabo bafashwe bagapfungwa.
Mu gitondo co ku wa mbere, abaporisi bugaye amayira aja ku ngo z'abo bategetsi babiri ba Chadema i Dar es Salaam hanyuma bakaja barabaza abantu niba bari bagiye kwitaba imyiyerekano, nk'uko umugambwe wavuze.
Kuva ku wa gatandatu, igiporisi kigwanya imigumuko cari caragomowe ku mabarabara makuru makuru i Dar es Salaam.
Mu mwaka uheze, perezida Suluma Hassan yaravanyeho ingingo ibuza amakoraniro y'abatavuga rumwe n'ubutegetsi aca yemera ihiganwa muri poritike, ariko kuri bamwe bamwe, ibiherutse kuba vyerekana kwisubirako mu vyo yari yemeye ko kwishira no kwizana bigiye kurushiriza.