Arsenal 4-0 Everton: urugamba rwa Premier League ruracagoye

    • Umwanditsi, Phil McNulty
    • Igikorwa, Umwanditsi mukuru muri football, Emirates Stadium
  • Yatangajwe

Igihe Arsenal itsindirwa ku kibuga cayo na Manchester City isanzwe ifise igikombe c’ihiganwa ry’Ubwongereza mbere ikaba ari yo iboneka ko iyisugereje, cabaye igihe gikomeye cane, kitoroshe, mu rugamba irimwo muri uno mwaka w’inkino.

Kuva ico gihe, aba ba Gunners (abakinyi ba Arsenal) baciye bambara urwaga, intsinzi ya nijoro aho birahiye Everton 4-0 ikaba yerekanye ko koko bakibandanya barwanira iri higanwa.

Iyi nstinzi ya Arsenal igira gatatu yikurikiranya kuva igihe itsindiwe 3-1 na Man City irashira ahabona igikorwa kibarindiriye mu gihe ubu bayisumvya amanota atanu gusa kandi ikaba isigaje inkino 13, co kimwe na Manchester City.

Aba bakinyi ba Mikel Arteta bamye baca mu bigeragezo kuva uyu mwaka w’inkino utanguye, bagwa bivyukiranya imbere y’abagira amakenga ku bushobozi bwabo, ariko igihe bakubitwa bikomeye na City, ku kibuga cabo ca Emirates Stadium ku wa 15 Ruhuhuma (2) vyabaye ibindi bintu.

Vyashitse mu gihe Arsenal yari imaze imisi ivyifatamwo neza gushika aho ifata ikibanza ca mbere mu gihe City yabanje guta umutwe - ariko abakinyi ba Pep Guardiola bakaba barashoboye kwigizayo aba Gunners barata umutwe.

None Arsenal yari kuvyifatamwo gute? Arteta yari kuvyifatamwo gute? Aba ba Gunners bari kwemera bagatembagara ubutakivayo canke naho bari gusubira bakivyukiranya inyuma yo guta umutwe? Mu yandi majambo, bari kubandanya bihagararako?

Benshi cane mu bihweza ibintu n’ibindi baguma bibaza nimba Arsenal yagomba itembagare kubera isatira rya City imaze igihe ivyifatamwo neza kuva kera.

Aba ba Gunners baratanze inyishu inyuma y’intsinzi zitoroshe baronse igihe bahura na Aston Villa hamwe na Leicester City ku bibuga vyayo, hamwe rero n’intsinzi ya nijoro ku kibuga cabo mu kwirahira Everton.

Villa yaratsinzwe kubera Arsenal yarahiye ikarengwa ko idashobora gutahira inota rimwe, ikaba yatahukanye atatu yose mu gutsinda ibitsindo bibiri muri wa mwanya w’inyomgera, urukino rurangira ari 4-2.

Aba Foxes (Leicester) batsinzwe kimwe gusa mu rukino rutari rworoshe, ico gihe Arsenal ikaba yarihagazeko iragitahana. Everton yoyo yaraye ikubiswe bikomeye 4-0 mu rukino rwerekanye ubushobozi bw’aba Gunners muri uno mwaka w’inkino.

Inkino zitatu. Intsinzi zitatu. Arsenal ica yisubiza ikibanza ca mbere muri Premier League.

Inyuma yo gutsindwa na Manchester City, Arsenal yagumye ikurikiranirwa hagufi kugira ngo bashobore kubona ikimenyetso na kimwe cokwerekana aho irwaye. Ntaho yabonetse ko igoyagoya.

Aba Gunners barerekana ko batuje kandi ko batagugumbwa iyo batsinzwe – aha umuntu yokwibuka ko ata kwezi kwari bwahere iyi Everton yaraye ikubiswe bikomeye yari yatsinze Arsenal 1-0.

Ishobora kurangiza ihiganwa itari mu kibanza ca mbere kuko ibihe biri imbere bitoroshe, ariko aha ntawokwihenda, Arsenal na Arteta inzira ni imwe kandi ntibaraba ku ruhande.

Vyabaye ngombwa ko Arsenal ifata akanya imbere y’uyu murwi wa Sean Dyche utavyoroheje mu minota 40 ya mbere, mbere ikaba yahakuwe n’uko Everton itabona ngo ikore gute iyo igeze imbere y’igori.

Ibintu vyagiye guhinduka igihe Oleksandr Zinchenko na Bukayo Saka bakoranye bagahindura ibintu hasigaye iminota mike ngo igice ca mbere kirangire. Inyuma y’aho, Arsenal yaciye yambara urwaga.

Saka yaciye mu ryahumye Idrissa Gueye ahereza umupira mwiza Gabriel Martinelli atera ica kabiri muri wa mwanya w’inyongera w’igice ca mbere. Aha ibintu vyari birangiye kuri Everton.

Martin Odegaard na Martinelli bagiye guhohosha mu gice ca kabiri, n’aho Arsenal yatakaje amahirwe menshi kuko iba yarashoboye kumaramaza Everton gusumba.

Inkuru nziza kuri Arsenal zibandanya zisukira kubona Thomas Partey ashobora kwinjira mu kibuga, aho yashoboye guhindura ibintu hagati, Kieran Tierney, Emile Smith Rowe, Eddie Nketiah na Fabio Vieira bakaba binjiye nk’abasubirizi.

Kubona Gabriel Jesus yarasubiriye kuboneka mu kibuga muri ino ndwi inyuma yo kubagwa ivi vyatanze umwizero udasanzwe kuri uno murwi.

Umunezero wa Arteta ifirimbi ya nyuma ivuze wari utahuritse. Abantu biwe barikuyeko Everton na Dyche yari aherutse kubirahira. Mu rukino rwa nijoro, inyuma yo gutsinda ica mbere, baciye baba ba ruburakigongwe.

Ivyo ari vyo vyose, aba ba Gunners bashobora kuba barababaye inyuma yo gutsindwa na Manchester City. Ariko ingene bivyukiranije, barerekanye ko ari ho bakiri.

Haracasigaye inkino zikomeye, none ubwo Arsenal izobandanya ku murindi nk’uwu? Mu gihe itotirigana, Premier League iri mu minwe yabo, ariko urugendo ruracari rurerure.