Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Igura n'igurishwa ry'abakinyi ku w'Imana 28.08.2022
Liverpool iramaze kwumvikana, ariko ku munwa gusa, n'umukinyi wo hagati wa Borussia Dortmund n'Ubwongereza Jude Bellingham kugira azoze gukinira uwo mugwi kuva mu kwezi kwa mbere. (Football Insider)
Ajax isaba Manchester United kuriha imiliyoni 84.8 z'amapawundi kugira babahe umukinyi wo muri Brezil Antony w'imyaka 22. (Mail)
Umukinyi w'inyuma wa Tottenham Sergio Reguilon w'imyaka 25 yimirije kuja muri Atletico Madrid kw'ideni, gusubirira umukinyi w'inyuma mu ruhande rw'ibubamfu, umunye Brezil Renan Lodi w'imyaka 24, yagiye gukinira Nottingham Forest. (Times - subscription required)
Umukinyi w'inyuma wa Slovakia, Martin Dubravka w'imyaka 33 yabwiye Newcastle ko ashaka gukura meza aje muri Manchester United. (Sky Sports)
Liverpool iriko irakurikirana umukinyi wo hagati wa Wolves na Portugal, Ruben Neves w'imyaka 25, hamwe n'umukinyi wa RB Leipzig na Autriche, Konrad Laimer w'imyaka 25. (90min)
Chelsea iriko iriyumvira kurangiza amasezerano y'umukinyi wo hagati w'Ubwongereza Ross Barkley ubu ahembwa amapawundi 200.000 ku ndwi. (Sun)
West Ham iri mu biganiro n'uwahoze ari umukinyi wa Manchester United, Adnan Januzaj ngo imugarukane mw'ihiganwa ry'Ubwongereza. Uwo mubiligi w'imyaka 27 ashobora kuva mu mugwi wa Real Sociedad ata gisabwe. (Talksport)
Brighton irashaka umukinyi wa Rosario Central na Argentine, Facundo Buonanotte w'imyaka 17, kandi iriteguye kuriha imiliyoni 3 z'amapawundi.
Bournemouth barashaka gucako Leeds United mu muvuduko wo gutwara umukinyi w'imbere wa Zurich Italia, Willy Gnonto w'imyaka 18. (Football Insider)