'Ubwoba burahari': Kuronka ivyo kurya si icoroshe kuva ubutegetsi butembagajwe muri Niger

- Umwanditsi, Helen Oyibo na Beryl Wambani
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Sadissou Sanni ari mu modoka yiwe ariko arashira umuriro muri terefone yiwe. Umuyagankuba umaze amasaha arenga 24 wacitse aho aba muri Maradi, igisagara kiri mu bumanuko bwa Niger.
Sanni ni umukuru w'ubutegetsi bwo ngaho kandi avuga ko igihugu cari gisanzwe ata ngorane z'umuyagankuba gifise ariko ko ubu vyahindutse.
''Ubu umuyagankuba ni ingorane itera ingaruka zikomeye cane ku yindi mirimo mbere no ku buzima bwose bw'abanyagihugu,'' nk'uko avuga.
Kompanyi ya Niger ijejwe umuyagankuba Nigelec ivuga ko iryo kena ry'umuyagankuba ryatewe na Nigeria yahagaritse kurungikira umuyagankuba ico gihugu kibanyi mu buraruko.
Bavuga ko 70% vy'umuyagankuba ukoreshwa muri Niger uva Abuja. Kompanyi yo muri Nigeria iwurungika ntiyashimye kugira ico ibivuzeko.
Maradi, Zinder n'ibice bimwe bimwe vya Niamey, umurwa mukuru, ni vyo bisinzikaye cane. Ubu utwo turere turonka amatara yo kubonesha dukurakuranwa.
Cedeao/Ecowas n'ishirahamwe ry'ubutunzi rigizwe n'ibihugu 15 vyo muri Afrika y'uburengero harimwo Nigeria, Senegal, Togo na Ghana.
Ryatangaje ko rifatiye ibihano vy'ubutunzi Niger aho habereye itembagazwa ry'ubutegetsi.
Ariko ibihugu bibiri bibanyi vya Niger - Burkina Faso na Mali - imbere y'aho vyagabishije ko bizofata ko ''bigabweko igitero'' hamwe muri Niger hoba igikorwa ca gisirikare kivuye hanze. Burkina Faso na Mali vyompi biri mw'ishirahamwe Cedeao ariko vyarahagaritswe muri uwo muryango kuva ubutegetsi bwigaruriwe n'abasirikare muri ivyo bihugu vyompi.

'Hari ubwoba mu bantu'
Ismaghil Ahmadou w'imyaka 31 aba i Niamey n'umugore wiwe n'abana babiri.
Abeshejweho no gukora no kugirisha imitako yo mu mabuye y'agaciro. Ni ho honyene umuryango ukura uburaro n'uburamuko. Avuga ko urudandaza rwagabanutse kuva habaye itembagazwa ry'ubutegetsi.
''Haravugwa ibihano ata kindi bizogira atari ugusongera isibe, nta bakiriya bakiriho, turi mu bihe bigoye cane, tugerageza kurondera ivyo kurya bihagije, ariko biragoye cane, cane rwose.'' ni ko avuga.
Ivyo avuga abihurirako na Sanni.
''Ibiciro vy'ivya nkenerwa vyamaze gutangura kuduga, imangazini ziruguruye ariko hari ivyo udasangayo,'' nk'uko avuga.
''Urabona ko hari umwitwarariko n'ubwoba mu bantu.''
'Si ubukene bw'ivyo kurya gusa'
Moustapha Backa aba hagati mu gisagara ca Niamey. Amaze imyaka 10 acuruza ivyo kurya. Arangura hanze ibintu bitandukanye, nk'imitobe, shokora, ibisuguti, supageti , umuceri, amavuta n'amata avyinjiza muri Niger.

Imwe mu makamyo yiwe ubu ihagaze ku mupaka na Algeria. Avuga ko ikibazo atari indya gusa. Ubu amafaranga ntashobora gusohoka igihugu kugira hagurwe ivyo kurya vyinjira mu gihugu.
''Banki nkuru ubu yashizeho urugero ntarengwa, ntawurekuriwe gukura amafaranga arenga ama dorari 500 muri banki zo mu gihugu. Nk'uko uvyibaza rero biragoye gukora urudandazwa mpuzamakungu. Amadolari 500 ni nk'ubusa.''
Ibihano bizohava vyongereza ubukene?
Umwigisha Bolaji Akinteriwa, umuhinga mu migenderanire mpuzamakungu akaba yarigeze no kuba umuyobozi mukuru w'ikigo ca Niger c'imigeneranire mpuzamakungu (NIIA), avuga ko ingaruka z'itembagazwa ry'ubutegetsi zishobora kwunyura ubukene.
''Niger n'igihugu kitagira umuhora ushika kw'ibahari, kizera cane kuri Benin, Nigeria na Cameroun kugira kironke ivyinjira mu gihugu.
''Nka hamwe Cedeao, harimwo Nigeria, idufatiye ibihano yoca igira ingorane idashobora kwitura.''
Ariko umunya-Niger w'umuhinga mu burimyi n'ubutunzi Amadou Djibo avyibaza ukundi. Abona ko ibihano vy'ubutunzi ata ngaruka zihambaye bizogira.
''Hari urudandazwa rukomeye ku mbibe z'ibihugu bibanyi rutazwi kandi rutagenzurwa. Hari uruja n'uruza runini rw'abantu, ibintu n'ibiribwa biva mu burimyi hagati ya Niger, Benin na Nigeria.
''Niger ihana urubibe n'ivyo bihugu ku burebure bwa 1.000km. Abarimyi n'aborozi bo muri Nigeria na Benin baramenyereye kujabuka urubibe baza kugurisha ivyimburwa n'ibitungwa vyabo hanyuma bagasubira inyuma.
''Bafata inzira za kera, abanya-Niger na bo bakagira uko. Bashobora kuzugara zose gute?
Hakurikira iki?
Mu gihe Niger ihanganye n'ivyo bibazo vy'ubutunzi na poritike, 40% y'abanyagihuygu bari basanzwe babayeho mu bukene bukabije , ku bwa Banki y'isi.
Igihugu kizeye cane ku mfashanyo ziva hanze mu buryo butandukanye, harimwo ishirahamwe rya Buraya, Ubwongereza, Amerika, Ubufaransa bwahoze bugikoronije hamwe na ONU.
Sanni araduka akarira mu gihe yiyumviriye umwitwarariko n'ubwoba ku bishobora kuba muri kazoza.
Ati: ''Imigenderanire hagati ya Niger na Nigeria irahambaye cane ku banyagihugu bacu na Afrika.
''Kuba honyene habaye iri tembagazwa ry'ubutegetsi n'igihuhusi. Cahereye muri Mali , Burkina Faso, Guinee, vyose bikaba vyahoze bikoronijwe n'Ubufaransa.''













