France: Igandagurwa rya Lola w’imyaka 12 i Paris ryateje ikibazo ca politike y'abimukira

Yatangajwe

Agahinda n’umubabaro mu Bufaransa vyatewe n’igandagurwa ry’umwana w’umukobwa w’imyaka 12 yatowe yatawe mu gisandugu ca plastiki i Paris vyavuyemwo ikibazo ca poritike gishingiye ku biranga uwikekwa nk’umwimukira.

Ikiziga ca Lola catowe ku wa gatanu w’indwi iheze hanze mu rugo imbere y’urupangu yabamwo.

Umugore w’imyaka 24 yatawe mu gasho yiketsweko ubwicanyi, ugufata ku nguvu n’iyica rubozo.

Vyagiye kuboneka kandi ko ari umwimukira akomoka muri Algeria yari asanzwe yategetswe kuva mu Bufaransa.

Inyuma y’akanya gato, Perezida Emmanuel Macron yabonanye n’abavyeyi b’uyu mukobwa ku kirimba Élysée (ibiro vy’umukuru w’igihugu) ejo ku wa kabiri aca abemerera kubafata mu mugongo, abatavuga rumwe muri poritike bakagiriza reta ko batafashije umuryango.

Mw’ikoraniro ry’inama nshingamateka ritari ryoroshe, Marine Le Pen umukuru w’umugambwe Front National ariyamiriza poritike “ataco imaze” ya reta ku vyerekeye abimukira.

Avuga ati: "Uwikekwa gukora iki caha c’ubugome ntiyategerezwa kuba hano mu gihugu cacu; ni igiki kibabujije guhagurukira iki kibazo c’abimukira bo mu kinyegero batagenzurwa”?

Umushikiranganji wa mbere Elisabeth Borne yamusavye “kwerekana ubwitonzi” akubahiriza umuryango uri mu mubabaro utewe no kubura Lola, akavuga ati:  "Reka duhe akaryo igipolisi n’ubutungane bakore akazi kabo”.

Lola yazimiye ku wa gatanu uheze vyanse ko ashika muhira avuye kw’ishure, atari na kure, muri district ya 19 mu buraruko bushira ubuseruko bw’umugwa mukuru Paris. Ku kagoroba, niho ikiziga ciwe catorwa mu gisandugu ca plastiki.

Isuzuma ryakozwe inyuma y’urupfu ryasanze yagize ibibazo vyo kubura impemu “afise n’ibimenyetso vy’umuntu yanizwe”.

Basanze kandi afise ibiguma mu maso, mu mugongo no kw’izosi ariko ibi sivyo vyatumye apfa.

Kubera se wiwe ari we ajejwe iyo nyubakwa, yaciye arondera amashusho yafashwe na CCTV (camera zo gucungera uruja n’uzura) yerekana uwikekwa gukora iri bara Dahbia B, ari kumwe n’umukobwa wiwe mu cumba c’amagorofa ku muhingamo wo ku wa gatanu. Umugabo w’imyaka 43 yagirijwe ko yafashije mu kunyegeza ikiziga c’uyu mukobwa.

Abatavuga rumwe na reta baciye bihutira kwerekana ko Dahbia B yari abaye mu gihugu bidaciye mu mategeko.

Ubwa mbere yabanje guhagarikwa ku kibuga c’indege mu Bufaransa ku wa 20 z’ukwa munani kubera uruhusha rwo kuba mu gihugu rwari rwarataye igihe.

Yari yinjiye mu Bufaransa biciye mu mategeko nk’umunyeshuri imyaka itandatu iheze.

Dahbia B yari yategetswe kuva mu Bufaransa mu kiringo kitarenga ukwezi, kw’itegeko ryitwa OQTF (obligation de quitter le territoire français/itegeko ryo kuva ku butaka bw’Ubufaransa).

N’aho amategeko amwe amwe ategerezwa gushirwa mu ngiro mu buryo bwihuse, Dahbia B nta kintu cerekana ko yahora akora ivyaha, bituma adashirwa mu gasho.

Amategeko ya OQTF aravugwa cane kubera rimwe kw’icumi ari yo ashirwa mu ngiro, abanya-Algeria bakaba bari mu bantu bafatwa ko bayahonyanga.

Umushikiranganji w’intwaro yo hagati Gérald Darmanin yasavye abatavuga rumwe n’ubutegetsi bo ku ruhande rw’abagendera ku vya kera kwiyumvira ku nkurikizi y’amajambo bakoresha.

Ni inyuma y’aho uwigeze kwiyamamariza ikibanza c’umukuru w’igihugu kuri urwo ruhande Éric Zemmour avuze ko iki caha ari "Francocide", ni ukuvuga igandagurwa ry’umufaransa.

Uyu mushikiranganji yabwiye radiyo RTL, ko habuzemwo ubwitonzi na butoya mu mvugo za poritike..

Eka n’abandi banyaporitike bo kuri uru ruhande baranegura reta, aho umushingamateka wo ku ruhande rw’abarepubulika Éric Pauget yabwiye umushikiranganji w’ubutungane ko "Lola yishwe kubera mutirukanye uyu munyamahanga”.

Haracari igipfungu ku catumye haba ubu bwicanyi, uwuburanira uwikekwa akaba yiyamiriza ibihuha bitari bike biriko birazunguruka mu gihugu.

Umushikirizamanza wa repubulika i Paris igiharuro rimwe n’ubusa vyari vyanditswe musi y’ikirenge ca nyakwigendera, ariko ntibavuga igituma.

Kimwe mu vyoba vyatumye haba ubu bwicanyi nk’uko amasoko yabibwiye abakora amatohoza ni imishamirano hagati y’uwufata iya mbere mu bikekwa na nyina wa Lola.

Dahbia B yari asanzwe aba mu rupangu rumwe na mwenewabo ariko igihe yasaba uruhusha rwo kwinjira mu rupangu, nyina wa Lola yaramwankiye.

Uwikekwa apfungiwe ukwa wenyene mw’ibohero rya Fresnes, mu bumanuko bwa Paris. Amakuru avuga ko yari amaze imyaka itari mike akorerwa ihohotera ryo mu rugo akaba agiye gukorerwa ibipimo vyo mu mutwe.

Imyiyerekano y’agacerere mu kwibuka Lola yahagaritswe kuri uno wa gatatu bisabwe n’umuryango.

Hagati aho, yitezwe kuba ku musi ukurikira, aho abanyaporitike batari bake bo ku ruhande rw’abagendera ku vya kera bitezwe kuyitabira.