Abanya-Israel bashaka abuzukuru ku mbuto z'abana babo bapfuye

Ifoto yo kuri terefone ya Reef Harush ateruye uruyoya rw’uwo bavukana iminsi mike imbere y’uko yicwa
Insiguro y'isanamu, Se wa Reef yemera ko umuhungu wiwe - kuri iyo foto ateruye umwa w'uwo bavukana iminsi mike imbere y'uko yicwa - yashaka kuronka abana
    • Umwanditsi, Michael Shuval
    • Igikorwa, BBC mu rurimi rw'Icarabu
    • Yakoze inkuru ari, Jerusalem
    • Umwanditsi, Aisha Khairallah,
    • Igikorwa, BBC mu rurimi rw'Icarabu
    • Yakoze inkuru ari, London
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 6

Igitigiri kiguma ciyongera c'abavyeyi babuze abana muri Israel bariko barasaba ko imbuto z'abahungu babo - benshi muri bo bari abasirikare - zivanwa ku biziga vyabo hanyuma zikabikwa mu bukonje.

Amategeko amwe yerekeye kubikora yarorohejwe aho habereye ibitero vya Hamas vyo ku wa 7 Gitugutu, ariko imiryango irarakaye kandi irababajwe n'inzira ndende y'amategeko bacamwo kugira ivyo bishoboke.

Ijwi rya Avi Harush rirajugumira mu gihe ariko aribuka igihe yamenya ko umuhungu wiwe w'imyaka 20, Reef, yiciwe mu ntambata ku wa 6 Ndamukiza(4) mu 2024 mu ntara ya Gaza.

Intwazangabo mu gisirikare zaje ku rugi rwiwe zimuhitishamwo ingingo. Hari hakiri umwanya wo kuronka imbuto za Reef - none umuryango warabishaka?

Inyishu ya Avi ntiyatevye. Reef ''yabayeho ubuzima bwuzuye'', niko avuga. ''N'ubwo twavuze vy'agahomerabumwa, duhisemwo kubaho.''

''Reef yarakunda abana kandi nawe yarashaka kuronka abiwe bwite - aho nta kibazo kihari,'' niko abandanya avuga.

Reef nta mugore canke umukobwa bakundana yari afise. Ariko kuva Avi atanguye kuvuga inkuru yiwe, abagore benshi baramurondeye, bemera gutwara inda y'umwana wa Reef.

Avuga ko ico ciyumviro ubu ari ''ubutumwa mu buzima bwiwe''.

 Avi Harush, se w’umusirikare yishwe Reef, yifashe ku gasakanwa
Insiguro y'isanamu, Avi avuga ko kuba vyoshoboka ko haboneka umwana w'umuhungu wiwe ''biduha ikintu co kwishimikiza”
Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Uwo muryango uri mu yindi iguma yiyongera ifise imbuto zibitswe mu bukonje kuva habaye ibitero vya Hamas ku wa 7 Gitugutu muri Israel, aho hishwe abantu 1.200 abandi 251 bagafatwa bugwati bakajanwa muri Gaza.

Israel yaciye itanguza igitero ca gisirikare gikomeye cane muri Gaza mu kwihora, kimaze guhitana abanya-Palestina barenga 39.000, ku bw'ubushikiraganji bwa Hamas bujejwe amagara y'abantu. Abasikare hafi 400 ba Israel nabo baramaze kugwa muri iyo ntanbara.

Kuva ku wa 7 Gitugutu, imbuto ziramaze kuvanwa ku bahungu bakiri bato hafi 170 - abasirikare n'abanyagihugu basanzwe - ku bw'ubushikiranganji bwa Israel bujejwe amagara. Ni hafi incuro 15 ugereranije n'igitigiri co muri ico gihe nyene mu myaka iheze.

Gukura imbuto ku muntu yapfuye bisaba kumubaga mu matengatwa hanyuma hakavanwako agace kayo, ari nako gaheza kagakurwamwo imbuto muri laboratware hanyuma zigakonjeshwa.

Amahirwe yo kuronka izo mbuto aba menshi gusumba iyo bikozwe mu masaha 24 inyuma yo gupfa, ariko zirashobora kuba zikiri nzima gushika ku masaha 72.

Muri Gitigutu (10), ubushikiranganji bwa Israel bujejwe amagara y'abantu bwaravanyeho gusaba abavyeyi kubanza kuzana ingingo ya sentare kugira ivyo bikorwe.

Ariko n'ubwo ubu vyoroshe ko imbuto zikonjeshwa, abapfakazi canke abavyeyi bashaka kuzikoresha kugira hasamwe umwana bategerezwa kugaragaza muri sentare ko umugabo yapfuye yashaka abana. Iyo nzira irashobora gufata imyaka, na cane cane ku bavyeyi babuze.

Rachel Cohen ariko araraba album y'amafoto
Insiguro y'isanamu, Rachel Cohen avuga ko we n'umugabo wiwe ''bahuye n'ababigwanya cane '' igihe bagerageza kurondera kuvyarira umwana w'umuhungu wabo yapfuye Keivan

Abavyeyi ba mbere babitse hanyuma bagakoresha imbuto z'umuhungu wabo ni Rachel na Yaakov Cohen, umuhungu wabo Keivan yapfuye arashwe n'umunya-Palestina, ku bw'igisirikare ca Israel, mu 2002 mu ntara ya Gaza.

Umwuzukuru wabo w'umukobwa, Osher -yavutse ku mbuto ziwe - ubu afise imyaka 10.

Rachel aravuga ingene Keivan amaze gupfa yumva umenga aracahari: ''Naragiye mu kabati yabikamwo impuzu. Nashaka kwumva akamoto kiwe. Narimotereje n'ibirato vyiwe,'' niko avuga.

''Yaramvugishije aciye kw'ifoto yiwe. Yansavye ko nokora uko nshoboye ngo aronke abana.''

Rachel avuga ko ''bahuye n'ababigwanya benshi'', ariko mu nyuma araronka ingingo ya sentare yaje guhindura ibintu, ari naho yaca atangura kurondera uwokwemera gutwara inda y'uwo mwana w'umuhungu wiwe.

Back view of Osher, age 10, wearing a backpack, walking along a street holding hands with Irit
Insiguro y'isanamu, Irit (i buryo) avuga ko Osher (i bubamfu) azi uwo se yari ari, ariko ko atariko ararerwa ngo abe ''icibutso kigendagenda''

Irit - atashatse kuvuga irindi zina ryiwe kugira akingire uzubima bwite bw'umuryango wiwe - ari mu bagore bashika mu mirongo bari bemeye.

Yari akiri wenyene (nta mugabo yari afise). Avuga ko yabanje gusuzumwa n'umuhinga mu myifato (psychologue) n'umukozi w'ivy'imibereho, hanyuma, sentare ivyemeye, atangura imiti yo gusama.

''Bamwe bavuga ko turiko turigira imana. Ariko sinibaza ko ari vyo,'' niko avuga.

Abandanya ati: ''Hariho ubudasa hagati y'umwana azi se n'uwasamwe bivuye ku mbuto ukuye mu bubiko bw'abazitanga.''

Osher arazi ko se yishwe ari ku rugamba mu gisirikare. Icumba ciwe gisharijwe n'ifi z'ama dauphin (dolphins). Avuga ko azi ko yazikunda.

''Ndazi ko bafashe imbuto ziwe bakarondera umuvyeyi ameze neza kugira mbone izuba,'' niko abandanya avuga.

Irit avuga ko Osher afise ba sekuru naba inakuru, ba sewabo na ba inarume, benewabo na bavyarawe ku mpande zompi. Ariko avuga ko areze Osher ''ibisanzwe'' kugira ''ntakure ngo azobe ikimenyetso kigendagenda''.

Osher yicaye ku meza yigirako, icumba ciwe gishwarijwe n'ama dauphin
Insiguro y'isanamu, Osher arazi ko se yapfuye ari ku rugamba mu gisirikare kandi ko yakunda ama dauphin

Kubika imbuto bifise ''insiguro ikomeye cane'' ku miryango yabuze, bivugwa na muganga Itai Gat, umuyobozi w'ububiko bw'imbuto ku bitaro vya Shamir - uwo muganga ubwiwe akaba azi kubaga ngo avane imbuto ku muntu yapfuye .

Avuga ati: ''Ni yo mahirwe ya nyuma yo kubika amahitamwo yo kurondoka muri kazoza.''

Avuga ko hari ''icahindutse kinini mu mico'' ubu vuba mu kwihanganira kubikora, ariko ko amategeko ahari yateye amatati ku vyerekeye abagabo baba batari bafise abagore.

Muganga Gat avuga ko, kuri abo, akenshi ata kigaragaza ko babishaka. Ivyo bituma imiryango yari isanzwe iri mu mubabaro ija ''mu bihe bigoye cane'', aho imbuto zabitswe ariko ntibashobore kuzikoresha mu kurondera umwana.

Dr Itai Gat, mu mwambaro w'akazi ariko arakaraba yigurira igikorwa ko gukura imbuto mu muntu yapfuye
Insiguro y'isanamu, Dr Gat avuga ko yamaranye umwanya n'imiryango yabuze kandi ko yabonye ingene ukubika imbuto z'uwawe bishobora kuruhura

Avuga ati: ''Tuvuga ivyo kurondoka, kuzana umwana w'umuhungu canke w'umukobwa kw'isi...tuzi ko azoba impfuvyi, atagira se.''

Abandanya avuga ko akenshi, uwuba yarapfuye aba yapfuye atazi uwuzoba nyina w'umwana avuka hakoreshejwe imbuto ziwe, kandi ingingo zose zerekeye umwana, indero yiwe na kazoza kiwe bikorwa na nyina.

Avuga ko mu ntango yagwanya ivyo kubika imbuto kiretse hari ikigaragaza ko uwapfuye yavyifuza, ariko ico ciyumviro carorohejwe kuva ahuye n'imiryango y'ababuriye mu ntambara iriko iraba.

''Ndabona ico bisigura kuri bo, ingene rimwe na rimwe bibaha kuruhuka,'' niko avuga.

Rachel looking at photo of her son Keivan
Insiguro y'isanamu, Amaze gutsinda urugamba rw’amategeko , Rachel yaciye yamamaza mu binyamakuru arondera umugore yokwemera kumubera nyina w’umwana wa Keivan

Yuval Sherlo, umwigisha w'amategeko y'Abayahudi (rabbi) mu kigo ca Tzohar i Tel Aviv, nawe nyene avuga ko kuba uwapfuye yaravyemeye ari ikintu gihambaye co gushingirako.

Asigura ko hari ibintu bibiri ngenderwako mu mategeko y'Abayahudi navyo bishingirako- kubandanya uruhererekane rw'umuryango no guhamba umutumba wose.

Bamwe mu ba rabbi bavuga ko kubandanya uruhererekane rw'umuryango ari nkenerwa cane ku buryo kubaga agace k'umubiri vyemerwa, mu gihe abandi bavuga ko bitokorwa na gato.

Umugore yunamwe ku mva y'umusirikare yishwe mu ntambara

Ahavuye isanamu, Reuters

Insiguro y'isanamu, Igitigiri c'abanya-Israel bapfa kuva habaye ibitero vyo ku wa 7 Gitugutu n'intambara yakurikiye catumye ikibazo co kuronka imbuto z'uwapfuye kirushiriza bgukomera ku bashinga amategeko

Ivyisungwa kuri ico kibazo gushika ubu ni intumbero zasohowe n'umujenama mukuru wa reta mu bijanye n'amategeko mu 2003, ariko ntivyanditswe mu mategeko.

Abashingamateka ba Israel baragerageje kwandika integuro y'itegeko kugira ibintu bitomoke kandi bifatire ku mpande nyinshi kuruta, ariko utwigoro twaradindiye.

Abantu babikurikiranira hafi babwiye BBC ko habaye ukutumvikana ku rugero rwo kuba harabaye ukuvyemera rwosabwa ku wuba yarapfuye, n'uko umwana yoronka ibisanzwe bigenerwa abana b'abasirikare baba bapfuye bari mu kazi.

Ibinyamakuru vyo muri Israel vyaravuze kandi ku kutumvikana hagati y'abapfakazi n'abavyeyi baba babuze ku hogarukira ububasha abavyeyi bagira ku mbuto z'umuhungu wabo, na cane cane iyo umupfakazi adashaka kuzikoresha ngo aronke umwana.

Abamaze kubikisha imbuto z'abahungu babo bafise impungene ko hamwe itegeko ryoruha rikemerwa, ryotorera inyishu gusa ibibazo vyo muri kazoza vy'uko uwapfuye yari yaravyemeye, ariko ntiryobabuza guhangwa n'imanza zo mu masentare.

Kuri Avi, hari ishaka mu mubabaro wiwe.

Ariko araraba mu gisandugu c'ibiti cuzuye ibitabo vy'umuhungu wiwe.

Avuga ko atazoruhuka gushika ahaye umwana umuhungu wiwe Reef: ''Bizoba...kandi abana biwe bazohabwa iyi sandugu.''