Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ronaldo, Messi, Kounde, Torres, Werner, Depay
Umukuru wa Barcelona Joan Laporta avuga ko ivya Lionel Messi bitararangira muri Barcelona – inyuma y’amezi 11 uyu musatirizi wa Argentina w’imyaka 35 arangirije urugendo rw’imyaka 21 muri uyu murwi akimukira muri Paris St-Germain. (ESPN)
Umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37, yasubiye mu Bwongereza akaba yiteze kugiriranira ibiganiro na Manchester United kuri kazoza kiwe muri uyo murwi. (Athletic)
Ariko vyitezwe ko Ronaldo abwira Manchester United ko ashaka kwigira, akaba ashobora kutemera ayandi masezerano. (Sun)
Urugamba rwa Chelsea rwo kurondera umukinyi w’inyuma wa Sevilla Jules Kounde rushobora gupfa, mu gihe Barcelona ifise icizere cinshi co kuronka uyu mufaransa w’imyaka 23. (Guardian)
Mu gihe vyokwanka ko Kounde yimukira muri Chelsea, ifise guca ihindukirira umukinyi wa Villarreal umunya- Espagne Pau Torres w’imyaka 25, umunya-Slovakia akina inyuma muri Inter Milan Milan Skriniar w’imyaka 27, hamwe n’umunya-Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 20 akinira RB Leipzig.
Abafaransa Dayot Upamecano w’imyaka 23 be na Benjamin Pavard w’imyaka 26 bompi bakinira Bayern Munich, nabo nyene ni abakinyi b’inyuma Chelsea ishobora kurondera. (90 Min)
Chelsea yemeye guha RB Leipzig umusatirizi w’umudagi Timo Werner w’imyaka 26 kugira irabe ko yokubita hasi Paris St-Germain mu rugamba rwo kurondera umufaransa akina inyuma Nordi Mukiele w’imyaka 24 muri uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubudagi, Bundesliga. (Foot Mercato, iciye kuri Metro)
Chelsea iriko irazibira Barcelona mu rugamba rwo kurondera abanya-Espagne bakina inyuma Marcos Alonso w’imyaka 31, na Cesar Azpilicueta w’imyaka 32 kubera uyu murwi wa Espagne uriko urayigora kuri Kounde. (Sport – mu ki Espangol)
Umukinyi w’inyuma wa Sevilla umufaransa Jules Kounde w’imyaka 23 ashobora kuba yiteguye kugiriranira amasezerano na Barcelona. (Fabrizio Romano)
West Ham yumvikanye n’umusatirizi w’umutaliyano Gianluca Scamacca w’imyaka 23, bikaba vyitezwe ko afatwa ibipimo kwa muganga kuri uyu wa kabiri kugira ngo ashobore kwimukira muri uyo murwi wa Premier League ku giciro c’imiriyoni 35,5 z’amapawundi avuye muri Sassuolo. (Guardian)
AC Milan iriko iraraba ko yokwongereza amafaranga ishaka gutanga ku mukinyi wo hagati wa Club Bruges, Charles de Ketelaere asanzwe aronderwa na Leeds United, mu ntumbero yo kuraba ko yoronka uyu Mubirigi w’imyaka 23. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea Hakim Ziyech nawe nyene araronderwa na AC Milan kandi uyu munya-Maroc w’imyaka 29 akaba nawe nyene yipfuza kwimukira muri uyo murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A. (Calciomercato)
Lyon ivuga ko ifise ishaka ryo kwakira abipfuza umunya-Brezili akina hagati Lucas Paqueta w’imyaka 24 asanzwe aronderwa na Arsenal. (Metro)
Red Bull Salzburg yishuye ku mbuga hwaniro umunya-Slovenia akina imbere Benjamin Sesko w’imyaka 19 ariko araronderwa na Manchester United mu kumubwira ko, nimba uyu murwi wa Premier League umukeneye, utegerezwa gutanga “imiriyoni zirenga 300 gushirako na Bruno".
Uyu munya-Portugal Bruno Fernandes w’imyaka 27 akina hagati, ni umwe mu bakinyi ngirakamaro cane muri Old Trafford. (RB Salzburg kuri Twitter)
Liverpool iriko iraraba ko yokwemera igiciro c’imiriyoni 23 z’amapawundi gitangwa na Juventus ku musatirizi wa Brezili, Roberto Firmino w’imyaka 30. (Tuttomercato – mu gitaliyano)
Umumenyereza wa Barcelona Xavi yabwiye umusatirizi w’umunya-Hollande Memphis Depay w’imyaka 28 ko yorondera uwundi murwi inyuma y’aho ironkeye umusatirizi wa Pologne Robert Lewandowski w’imyaka 33 be n’umunya-Brezili akina ku ruhande Raphinha w’imyaka 25. (AS - mu ki espagnol)
Barcelona ntiremerera umurwi n’umwe urondera umukinyi wo hagati Frenkie de Jong, mu gihe Manchester United irondera cane uyu mukinyi w’umunya-Hollande w’imyaka 25. (ESPN)
Ariko United iriko iraraba ko yorondera umunya-Serbia akina hagati muri Lazio Sergej Milinkovic-Savic w’imyaka 27, mu kibanza ca de Jong. (Calciomercato - mu gitaliyano)
Tottenham iripfuza kugurisha umufaransa akina hagati Tanguy Ndombele w’imyaka 25 ku giciro co nyaco, mu gihe Galatasaray imurondera. (Media Foot – mu gifaransa)
Juventus yashize umusatirizi w’umufaransa Anthony Martial w’imyaka 26 ku rutonde rw’abakinyi ishaka kurondera, ariko Manchester United ntishaka kumugurisha. (Mirror)