Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Haaland, Bellingham, Osimhen, Gundogan, Toni Kroos
Chelsea yavuganye na Julian Nagelsmann yahoze amenyereza Bayern Munich mu gihe ibandanya irondera umumenyereza bwegu inyuma y’aho yirukaniye Graham Potter. (Times)
Uwahoze ari umumenyereza wa Espagne Luis Enrique yarababajwe no kutagenwa nk’umumenyereza wa Chelsea imbere y’urukino rwayo rwa mbere na Real Madrid mu gice ca kane gishira ica nyuma, ariko aboneka ko ari we ahabwa amahirwe menshi muri ico kibanza kuko ashobora gufasha kuzana umukinyi wo hagati wa Barcelona Gavi w’imyaka 18. (AS – mu ki Espagnol)
Real Madrid irashaka kwisunga ingingo iri mu masezerano umusatirizi wa Manchester City Erling Haaland w’imyaka 22 afitaniye n’uyu murwi wo mu Bwongereza kugira ngo izoshobore kumugura mu ci rya 2024. (Fichajes – mu ki espagnol)
Arsenal iriko irarondera umusatirizi wa Juventus Dusan Vlahovic w’imyaka 23, hamwe n’umusatirizi wa Everton Umwongereza Dominic Calvert-Lewin w’imyaka 26, nk’uwushobora kumusubirira mu gihe vyokwanka ko ironka uyo mu nya Serbia. (Football Insider)
Umukinyi wo hagati w’Ubwongereza Jude Bellingham w’imyaka 19 abona ko yopfuma yigumira muri Borussia Dortmund kugira afate akanya gakwiye ko kwihweza kazoza kiwe hakwimuka mu ci riza u buryo budatomoye. (Times )
Robbie Fowler yahoze ari umusatirizi wa Liverpool abona ko aba ba Reds batihenze kutarondera gushira uburyo bwabo bwose kuri Bellingham mu ci riza mu gihe bakeneye kunagura uruhande rwabo bwo hagati. (Mirror)
RB Leipzig na AC Milan bagiye kurwanira umusatirizi wa Arsenal Umwongereza Folarin Balogun w’imyaka 21 mu ci riza, na rirya ariko aravyitwaramwo neza muri Reims yatijijwemwo muri uno mwaka w’inkino. (Calciomercato – mu gitaliyano)
Umusatirizi wa Naples/Napoli Umunyanigeria Victor Osimhen w’imyaka 24 ariko araronderwa na Manchester United ariko wewe asa n’uwerekana ko yipfuza kubandanya akinira uyu murwi wo mu Butaliyano. (TG5, iciye kuri Manchester Evening News)
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola ariko arakora ibishoboka vyose kugira ngo ntatakaze Umudagi Ilkay Gundogan w’imyaka 32 akina hagati, hamwe n’umunya-Portugal Bernardo Silva w’imyaka 28 na we nyene akina hagati, n’aho aba bakinyi bompi bavugwa ko bashobora kuva muri uno murwi mu ci riza. (Football Insider)
Besiktas iripfuza kwisubiza umusatirizi w’Ubuholande Wout Weghorst mu gihe Manchester United isa n’iyitazohava igumana burundu uyu mukinyi w’imyaka 30 yatijijwe na Burnley. (Goal)
Umudagi akina hagati Toni Kroos w’imyaka 33 ariteguye kubandanya akinira Real Madrid mu kiringo c’uwundi mwaka umwe w’inkino kandi akaba yiteguye kwemera amasezerano mashasha kugira ngo abandanye akinira uyu murwi wo muri Espagne. (Marca)