CNL na Burundi bwa Bose vyahawe iminsi 3 ngo bisubiremwo intonde zavyo z'abitoza

Ahavuye isanamu, Getty Images
Sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro mu Burundi yahaye iminsi itatu urunani rw'imigambwe Burundi bwa Bose n'umugambwe CNL ngo basubiremwo intonde bari batanze z'abokwitoje mu bushingamateka.
Urwo runani n'uwo mugambwe bari bituye iyo sentate inyuma y'aho urwego rujejwe amatora CENI rusohoreye intonde z'abemerewe kuzokwitoza hanyuma Burundi bwa Bose na CNL bagasanga ntibariko.
Mu rwandiko rurimwo ingingo zitandukanye zafashwe, abacamanza batandatu baruteyeko umukono bagize bati: "Sentare yubahiriza ibwirizwa shingiro iremeje ko umugambwe CNL utari mu runani Burundi bwa Bose kandi ko abanywanyi bawo badashobora kuja ku ntonde z'abazokwitoreza ubushingamateka muri urwo runani".
Babandanya bati: "Sentare irahaye uburenganzira urunani Burundi bwa Bose bwo gusubiramwo intonde za rwo hisunzwe amategeko mu kiringo c'imisi itarenga itatu".
N'umugambwe CNL usabwa gusubiramwo intonde mu kiringo c'imisi itatu kugira wubahirize ibitigiri bishingiye ku moko no ku gitsina.
Kuba sentare yubahiriza ibwirizwa nshingiro ibwiye Urunani Burundi bwa Bose n'umugambwe CNL gusubiramwo indonde bari bashikirije, bisigura ko iyo sentare yahaye ukuri umugwi CENI ujejwe amatora mu kwanka intonde za mbere.
Abaye rero nk'amahirwe ya kabiri iyo sentare ihaye urwo runani n'uwo mugambwe kugira ntibazosigare inyuma muri ayo matora.
Urunani Burundi bwa Bose na CNL vyari vyahowe iki?
Urunanani Burundi bwa Bose rwari rwahowe ko ku ntonde zarwo rwari rwashizeko amazina y'abantu batari mu migambwe irugize.
Ni abayoboke b'uruhande rwa Agathon Rwasa yatswe ubutegetsi bw'umugambwe CNL, ariko naho yacanyemwo n'uruhande rwamukuye rukaba rutarabafuta muri wo, nabo nyene bakaba batarawivanamwo.
Iyo biba, baba baratakaje n'intebe zabo hisunzwe ingingo y'112 yo mw'itegeko rigenga amatora. Iyi, ivuga ingene ikiringo c'umushingamateka kirangira.
Agace gafata abo bashingamateka ba CNL kavuga ko ikiringo c'umushingamateka kirangira ar'uko yivanye ku gushaka kwiwe mu mugambwe wamushikanye muri ico kibanza, canke agafutwa muri uwo mugambwe, n'inzira zose zo kwunguruza zikarangira.
Bica bigira ingaruka mu ngingo y'indwi igenga imigambwe, kuko CENI ica ivuga ko urunani Burundi bwa Bose rudashobora kubashira ku ntonde zarwo ata mugambwe n'umwe mu yirugize barimwo mu gihe bagiharurwa muri CNL.
Ku biraba umugambwe CNL ubwawo, CENi yari yavuze ko kutemera intonde zawo urwo rwego rwisunze ingingo y'108 y'itegeko rigenga amatora mu gace kayo ka mbere.
Kavuga ko ku rutonde rw'amazina y'abitoza, ku bantu batatu bakurikirana ata barenga babiri baba basangiye ubwoko, kandi muri abo hagategerezwa kubamwo nibura umugore umwe. Ivyo ngo intonde za CNL zikaba zitari zavyubahirije.
Aho yavugana na BBC, uwuserukiye urunani Burundi bwa Bose yavuze ko iminsi itatu bahawe ikwiye kugira bakosore ivyo basabwa vyose.










