Burundi - CNL: Rwasa ati 'ndabakuye' nabo bati 'turagukuye', biraherera he?

Agathon Rwasa, umukuru w'umugambwe CNL

Ahavuye isanamu, CNL Burundi

Insiguro y'isanamu, Agathon Rwasa, umukuru w'umugambwe CNL
Yatangajwe

Inyuma y’aho umukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa akuriye mu burongozi bw’umugambwe umurwi w’abantu cumi n’umwe batavuga rumwe na we, nabo bafashe ingingo yo kumubogoza mu mabanga yo kurongora uno mugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi mu Burundi.

Mu rwandiko rwateweko igikumu n’abari mu biro bikuru vy’uno mugambwe cumi, bamwagiriza amarementanya yo gusambura umugambwe asanzwe arongoye, guhonyanga amategeko agenga uno mugambwe.

Bamwagiriza kandi kunyonora amatungo y’umugambwe, kwikunda birenze urugero hamwe kubesha abanyamugambwe n’abanyagihugu.

BBC Gahuzamiryango yavuganye na Terence Manirambona yemeza ko ari we muvugizi w'umugambwe gushika ubu, arasigura icatumye bafata iyi ngingo. Fyonda n'aho wumvirize.

Insiguro y'amajwi, Indyane ziri mu mugambwe CNL

Mu gihe abakuye umushingamateka Agathon Rwasa bagena umunyamabanga mukuru w’umugambwe, umushingamateka Simon Bizimungu, wewe ahubwo arabiyamiriza.

Yabwiye BBC Gahuzamiryango ko ivyo bakoze bitabaho, ko ari ugusenyura uburongozi bw’umugambwe. Fyonda ng’aho wumvirize.

Insiguro y'amajwi, Inyishu itangwa n'umunyamabanga mukuru wa CNL