Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Frederic Ngenzebuhoro, umunyaporitike n'umwanditsi yashengeye
Ryari rimwe mu mazina yamenyekanye cane mu butegetsi bw'Uburundi kw'izina ry'umugambwe Uprona ukiri umwe utwara ihugu n'imyuma y'aho hagarukiye intwaro ishingiye ku migambwe myinshi yemerewe mu 1992.
Yaciye mu mabanga atandukanye y'igihugu kuva ku bushikiranganji gushika ku cegera c'umukuru w'igihugu, umushingamateka mu Burundi no mw'ishirahamwe ry'ibihugu vya Afrika y'Ubuseruko EAC.
Ariko yaramenyekanye cane kandi ku bikorwa vyiwe bitandukanye mu bijanye n'indero n'imico kama mu kwandika ibitabo mfashanyigisho no gushinga iradiyo yitiriye iy'imico, Radio Culture.
Yashengeye ku wa gatanu ku ku myaka 72 mu buhungiro mu gihugu c’urwanda.
Amakuru twahawe n’umwe mu baryango biwe bavuganye na BBC Gahuzamiryango yemeje ko yapfuye akikijwe nabo mu muryango wiwe mw’iteka ntangere ahitanywe n’indwara batashimye kuvuga iyo ari yo.
Umushikiranganji, umushingamateka, icegera c'umukuru w'igihugu
Ngenzebuhoro yatanguye kwinjira muri reta ku ntwaro ya mbere ya Major Pierre Buyoya mu myaka ya 1990 hagitwara umugambwe umwe wa Uprona. Yaraciye mu bushikiranganji bw'urwaruka , inkino n'imico kama n'ubwo gutwara abantu n'ibintu.
Ariko n'aho haziye intwaro y'imigambwe myinshi kuva isubiye kwemererwa mu 1992, Ngenzebuhoro yagumye ntiyigeze aja kure y'ubutegetsi na poritike mu mugambwe wiwe no mu gihugu.
Kuva mu kwezi kwa Nzero (1) mu 2002 gushika muri kwa Munyonyo (11) mu 2004, Frédéric Ngenzebuhoro yari icegera ca mbere c'umukuru w'Inama Nshingamateka imbere y’uko aba icegera c’umukuru w’igihugu gushika muri Myandagaro (8) mu 2005 mu kubutegetsi bw’imfatakibanza bw’imbere y’amatora yo muri uwo mwaka nyene.
Aho yari asubiriye Alphonse Marie Kadege, bompi bo mu mugambwe Uprona. Kadege vyari vyanse ko bumvikana na Domitien Ndayizeye yari umukuru w’igihugu w’imfatakibanza w’ico gihe.
Frédéric Ngenzebuhoro yaranabaye umushinganteka w’Uburundi mu nama nshingamateka y’akarere k’ubuseruko(Eala).
Arangije ico kiringo mu 2017 yaciye aguma mu buhungiro kuko yari mu banyaporitike batahuza n'ikiringo ca gatatu c'umuhisi Perezida Pierre Nkurunziza yitoreje mu 2015.
Ariko mu mugambwe wiwe Uprona hari abamunegura ko yari umuntu yakunda kwiyegereza ubutegetsi kugira yamane ikibanza.
Umwanditsi ku mico na kahise
Ngenzebuhoro yabaye umuntu wa mbere ku giti ciwe yuguruye iradiyo yigenga mu 1997, iradiyo yitiriye Imico Kama (Radio Culture) inyuma ya Radio Ccib FM+ y’urunani rw’abarwizatunga b’Abarundi na Bonesha fm yuguruwe n’ishirahamwe ry'Abafaransa Reporters Sans Frontieres.
Frédéric Ngenzebuhoro yaranabaye umukozi mukuru mu bushikiranganji bw’indero na cane cane mu biro mfashanyigisho (Bureau d’Education Rurale) kuva mu 1977 gushika mu 1983. Yaranditse ivyese vyinshi vyakoreshejwe mu mashure y’intango n'ayisumbuye gushika mu mpera z’imyaka 1990, igisomwa camenyekanye gusumba ibindi ni ''ikiyago c’umukurambere'' casohotse mu 1984.
Yari umurundi wa mbere yasohoye ireresi yakimywe mu rurimi rw’Ikirundi ''Bararuhiga'', yahavuye ihindurwa mu congereza no mu giswahili.
Apfuye ahejeje kwandika igitabo cosohotse mu ndwi zibiri ziri imbere citwa L’Inoubliable gisigura urwanko, ingorane n’ibibazo vyahungabanije akarere k’ibiyaga binini mu myaka 40 iheze harimwo cane cane akahise k’Uburundi n’Urwanda.
Ariko ngo agiye adashitse ku cipfuzo ciwe co gupfira ku mutumba yavutseko wa Muyange muri komine ya Gitanga mu ntara ya Rutana mu bumanuko bushira ubuseruko bw’igihugu c’Uburundi.