Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Ramos, Nkunku, Vlahovic, Moukoko, Gakpo, Ounahi, Felix

Ahavuye isanamu, DeFodi Images
Manchester United iriteguye kuraba nimba ishobora kuronka umusatirizi wa Benfica umunya-Portugal Gonçalo Ramos w’imyaka 21, n’aho umumenyereza Erik ten Hag amaze kubwirwa ko bitazwi neza niba hari umusatirizi azogurwa mu kwa mbere. (ESPN)
Chelsea nta mugambi ishira imbere wo kugura mu ci riza umusatirizi w’Ubufaransa Christopher Nkunku w’imyaka 25, asanzwe akinira RB Leipzig, n’aho umusatirizi wayo, umunya-Albania Armando Broja w’imyaka 21 yakomeretse ku buryo atazosubira gukina gushika uno mwaka w’inkino uhere. (Fabrizio Romano, iciye kuri CaughtOffside)
Ni ikintu "gishoboka cane rwose " ko umusatirizi wa Serbia Dusan Vlahovic w’imyaka 22 azova muri Juventus mu 2023, n’aho bitabujijwe ko ashobora gusezera mu kwa mbere. Chelsea iri mu mirwi iriko iravugana n’umuserukizi wiwe. (Ben Jacobs, Twitter)
Chelsea ihanganye n’imirwi Manchester United na Liverpool mu rugamba rwo kurondera umusatirizi wa Borussia Dortmund Youssoufa Moukoko, ariko iyi mirwi imurondera ni ngombwa ko ibanza kwumvisha uyu Mudagi w’imyaka 18 ko atazoza kwicara ku ntebe y’abasubirizi. (Times)
Borussia Dortmund irizeye ko ubucuti Moukoko afitaniye n’umumenyereza Edin Terzic buzofasha mu kwumvisha uyu musatirizi, mu gihe amasezerano yiwe azorangira mu ci riza, ko yotera igikumu ku masezerano mashasha muri kuno kwa cumi na kabiri, na rirya imirwi yo mu Bwongereza na Espagne yiteguye kurondera abakinyi mu kwa mbere mu gihe wa mwanya w’igura n’igurishwa ry’abakinyi uzoba wuguruwe. (Fabrizio Romano, Twitter)

Real Madrid iripfuza kugura umusatirizi w’Ubuholande Cody Gakpo w’imyaka 23 asanzwe akinira PSV Eindhoven kugira ngo asubirire umusatirizi w’Ubufaransa Karim Benzema w’imyaka 34. (AS)
Leicester ishobora kuba ifise ishaka ryo gutanga imiriyoni zingana na 45 z’ama-euro yo kugura Azzedine Ounahi asanzwe akinira Angers, n’aho Barcelona nayo nyene imaze imisi ikurikiranira hagufi uyu mukinyi wo hagati wa Maroc w’imyaka 22. (L'Equipe)
Umusatirizi wa Portugal Joao Felix w’imyaka 23 araronderwa n’imirwi ya Premier League mu gihe ariko arondera kuva muri Atletico Madrid mu kwa mbere, agashobora kwimukira muri Manchester City, Manchester United, Arsenal canke Aston Villa. (Mail)
Manchester United na Arsenal isa n’uko ari yo Felix yipfuza kwimukiramwo, Atletico ikaba yiteguye kwumviriza imirwi yokwemera kumugura ku miriyoni zirenga 100 z’ama-euro. (AS )
Umumenyereza wa Manchester United Erik ten Hag yemerewe amafaranga menshi yo kunagura umurwi – n’aho hari imigambi y’umuryango wa Glazer yo kugurisha uyu murwi. (Sun)
Manchester United iriko irakora ibishoboka kugira ngo igure umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo, umunya-Hollande Denzel Dumfries w’imyaka 26 asanzwe akinira Inter Milan, ibi bigashobora kwugururira imiryango Barcelona kugira ngo ishobore kugurira Man U umukinyi w’inyuma ku ruhande rw’i buryo, umunya-Portugal Diogo Dalot w’imyaka 23. (Sport)
Enzo Fernandez w’imyaka 21 asanzwe aronderwa na Liverpool ntazova mu murwi wiwe Benfica kiretse umurwi womurondera wemeye gutanga imiriyoni 123 z’ama-euro kuri uno munya-Argentina akina hagati. (90min)

Ahavuye isanamu, Getty Images
Fulham iripfuza kugura umunya-Portugal akina inyuma ku ruhande rw’i buruo muri Arsenal Cedric Soares w’imyaka 31, mu kwa mbere. (Sky Sports)
Mu kwa mbere, Arsenal izogerageza kugura Youri Tielemans akinira Leicester City, ariko icizere kinini igifise mu ci riza, mu gihe uyu mubirigi akina hagati azoba arangije amasezerano afitaniye n’umurwi wiwe. (90min)
Ajax yemeye guha uburenganzira bwo kugenda umunya-Hollande akina inyuma Daley Blind w’imyaka 32 akimukira mu wundi murwi mu kwa mbere ata kirinze gusabwa. (De Telegraaf)
Umukinyi wo ku ruhande umwongereza Samuel Iling-Junior w’imyaka 19 yemeye gutera igikumu ku masezerano mashasha y’imyaka ine muri Juventus, mu gihe amasezerano yari asanzwe afise yiteze kurangira mu ci riza. (Gianluca di Marzio)
Barcelona iripfuza umukinyi wo hagati wa Boca Juniors umunya-Argentina Alan Varela w’imyaka 21, ariko Ajax na Benfica nayo nyene iriko irarondera kugura uyu mukinyi w’imyaka 21, ashobora kugurwa imiriyoni 15 z’ama-euro. (Sport)
Bayern Munich iri mu biganiro vyo kurondera ingene umunyegori wayo, umudagi Alexander Nubel w’imyaka 26 yogaruka akava iyo yatijijwe muri Monaco, hakurondera kugura uwundi mushasha yosubirira Manuel Neuer aherutse gukomereka. (Sky Sport Germany)









