Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Foden, Kante, Eriksen, Martinez, Dybala, Raphinha, de Ligt
Amakuru avugwa cane ni uko Chelsea yumyikanye na Manchester City ku giciro c’umwongereza Raheem Sterling akina ku ruhande. Ni mu masezerano y’imiriyoni 50 z’amapawundi, akaba yiteze gushika i Stamford Bridge gukinira uyu murwi mu kiringo c’imyaka itanu, akaba kandi afise amahirwe yo kwongerako umwaka umwe. Uyu mukinyi w’imyaka 27 azotegerezwa kubanza gukorerwa ibipimo vyo kwa muganga imbere y’uko aya maezerano atangazwe.
Umusatirizi w’umwongereza Phil Foden w’imyaka 22 ariteguye gutera igikumu ku masezerano mashasha y’imyaka itandatu muri Manchester City ku mushahara w’amapawundi 200.000 ku ndwi. (Star)
Arsenal ishobora, mu buryo butangaje, kwegera Chelsea iyisaba umukinyi wo hagati w’umufaransa N'Golo Kante w’imyaka 31. (Star)
Manchester United izi neza ko umunya-Danemark akina hagati Christian Eriksen w’imyaka 30 azokwimukira i Old Trafford n’aho hari amakuru ava muri Brentford ko ashobora kubandanya ayikinira. (ESPN)
Ajax yabwiye Manchester United ko yokwongereza amahera ishaka gutanga irondera umunya-Argentina akina inyuma Lisandro Martinez w’imyaka 24, ikaba yari yemeye gutanga imiriyoni 43 z’ama-euros. (90 Min)
Erik ten Hag kandi arashaka kwongereza akariro mu rugamba rwo kurondera umunya-Argentina Antony w’imyaka 22 asanzwe akinira Ajax nyene. (Times)
United yasabwe kuzana Paulo Dybala nk’uwushobora gusubirira umusatirizi wa Portugal Cristiano Ronaldo w’imyaka 37 yipfuza gusezera muri rino ci. Uyu musatirizi w’umunya-Argentina w’imyaka 28 arigenga inyuma y’aho aviriye muri Juventus mu mwaka w’inkino waraye urangiye. (Star)
Aba ba Red Devils (Amashetani atukura) bariko barasunikwa n’abatanga uburyo ko bogumya Ronaldo, umukinyi yatsindiye ka gashimwe ka Ballon d'Or incuro zitanu. (Mirror)
Barcelona yashikanye imiriyoni 60 z’amapawundi, harimwo n’uturusho, zitangwa na Chelsea ku musatirizi wa Leeds United umunya-Brezili Raphinha w’imyaka 25. (Goal)
Umukinyi wo hagati wa Hollande Frenkie de Jong w’imyaka 25 yamaze gutegura umutima wiwe ko azoguma muri Barcelona akaba yiteguye kwankira Manchester United. (Sport – mu ki Espangol)
Juventus irazi ko hari ibiganiro hagati y’abaserukizi ba Matthijs de Ligt na Bayern Munich ariko uno murwi wo mw’ihiganwa ry’Ubutaliyano Serie A ntawurigera awushikira awusaba uyu mukinyi w’inyuma wa Hollande afise imyaka 22, avugwa kandi ko aronderwa na Chelsea. (Fabrizio Romano)
Chelsea yabwiwe ko Bayern ishobora gushira kw’isoko umukinyi w’inyuma w’Ubufaransa Dayot Upamecano w’imyaka 23, mu gihe uyu murwi watahukanye ihiganwa ry’Ubudagi Bundesliga woronka De Ligt. (90 Min)
Arsenal iriko irategura amahera yotanguza mu gusaba ko Benfica yoyiha umukinyi wayo w’inyuma, umunya-Espagne Alex Grimaldo w’imyaka 26. (Jornal de Noticias, iciye kuri Express)
Everton ntabwo iriko irarondera umusatirizi wa Watford umunya-Nigeria Emmanuel Dennis n’aho hari amakuru avuga ko yoba yipfuza uyu mukinyi w’imyaka 24. (Football Insider)
Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano n’umunyegori wa Albania Thomas Strakosha w’imyaka 27 yigenga inyuma y’aho aviriye muri Lazio. (Talksport)
Brighton iri mu biganiro ku masezerano yosa n’ayisumbuye gatoya n’umukinyi wa Espagne akina inyuma Marc Cucurella w’imyaka 23, mu gihe ariko arabwa ryiza na Manchester City. (Athletic)
Everton yongereje icizere co kuronka umusatirizi wa Chelsea Armando Broja inyuma y’aho uyu murwi wa Stamford Bridge ufatiye ingingo yo kudatwara uyu mukinyi w’imyaka 20 mu bandi bafashe urugendo baja muri Amerika mu ntumbero yo kwitegurira ihiganwa ryimirije. (Liverpool Echo)
Aston Villa iri mu biganiro na Sevilla ku mukinyi w’inyuma wa Suède, Ludwig Augustinsson w’imyaka 28. (Mail)
Umukuru wa Napoli Cristiano Giuntoli avuga ko umusatirizi w’Ububirigi Dries Mertens w’imyaka 35 yanse amasezerano mashasha n’uyu murwi. (Fabrizio Romano)
Borussia Dortmund nta mugambi ifise wo gutiza umusatirizi wayo, umunyamerika Gio Reyna w’imyaka 19 ariko ararabwa ryiza na Rangers. (Fabrizio Romano)
Brentford yegereye Wolfsburg iyisaba umunyamisiri akina imbere Omar Marmoush w’imyaka 23, ariko uyu murwi w’Ubudagi uracijijanya imitima ku vyerekeye ivyo kugurisha uyu mukinyi. (Sky Sports – mu kidagi)