‘Nkunda gutamba ‘slow’, kugira [madame] ndamwiyegereze!’ – Ikiganiro na Domitien Ndayizeye

    • Umwanditsi, Cyriaque Muhawenayo
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Nairobi
  • Yatangajwe

Mu rugendo rwiwe bwite arimwo mu gisagara ca Nairobi muri Kenya, uwahoze ari umukuru w’igihugu c'Uburundi Domitien Ndayizeye yahaye ikiganiro BBC ku ngingo zitandukanye, eka no ku buzima bwiwe bwite.

Ku ntwaro yiwe y’imfatakibanza yamaze imyaka ibiri n’amezi make, Ndayizeye yaragerageje guhosha indyane zo kurwanira ubutegetsi ziyitiriye amoko y'Abahutu n’Abatutsi.

Ku butegetsi bwiwe, muri Myandagaro (8) 2004, biribukwa ko habaye ubwicanyi bukomeye kw'ikambi y’Abanyamulenge mu Gatumba, ubwicanyi bwagirijwe inyeshamba za FNL (Front National de Libération) ko zishe Abanyamulenge barenga 160.

Ndayizeye yatwaye Uburundi hagati ya 2003 na 2005, ariko imbere y'aha yarabaye impunzi imyaka irenga 20, aranaba umukuru w’urwego rujejwe igendereza. Inyuma yo kuba umukuru w’igihugu yarabaye umukenguzamateka. Ni igihugu yabonyemwo vyinshi vyiza eka mbere n’ingorane.

Yabwiye BBC ati: “Narabaye mu Burundi hari ingorane nyinshi, narafashwe ukuntu… nje novuga yuko mu ntwaro zagiye zica harya mu Burundi nta n’imwe itanciyeko, babe Abahutu babe Abatutsi bose barampfunze.”

Ariko uyu munsi ni umukukuruke yubashwe cane iwabo eka no muri Africa, kuko ubu ari mu kanama k’abahumure k’ishirahamwe rya Africa.

Ako kanama ni akahe?

Mu twigoro two kurondera umuti w’ibibazo vy’impagarara zigenda zibonekeza mu bihugu ishirahamwe rya Africa ryarashizeho urwego ruba rugizwe n’abahumure batanu, bava mu ntara zitanu za Afrika (hagati, uburengero, ubuseruko, uburaruko, n’ubumanuko) ibihugu vyo muri buri ntara bitanga umuntu umwe abiserukira mu kiringo c’imyaka itatu.

Ndayizeye ati: “Igikorwa cacu nyamukuru ni ukuraba ukuntu ibintu biriko biragenda mu bihugu vyose dufatiye ku maraporo, dufatiye no ku kungene na twebwe dushobora guhiga amakuru ku ruhande rwacu.

“Tugahanura abakomiseri b’ishirahamwe rya Afrika, cane cane ujejwe amahoro n’umutekano n’ivya politiki, n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe rya Africa, turashobora kandi guhanura abakuru b’ibihugu igihe tubona ko bikenewe.

“Twebwe turakurikirana, kandi twebwe tugenda guhanura cane cane, tugenda dukoresha ubwitonzi, n’ubumenyi n’icubahiro tuba dufise, ari naco gituma mubo bashobora kugena muri uwo murwi ari abafise icizere muri Africa no kw'isi yose, abantu ubona yuko bashobora kubwira abandi bategetsi bakabumviriza.

“Hariho igihe na twebwe bitugora, hari igihe turi mu nama tugera igihe tugasaba abakuru b’ibihugu tuti ‘erega mutatwakiriye canke ngo mutwubahe, ninde wundi azotwubaha?

“Tugenda rero nk’abagendera kumagi ariko ntibitubuza kuvuga ijambo, ntibitubuza kubwira uwananiranye ko ari intagondwa nawe nyene.

“Ubusanzwe twebwe uko badufata, nta kindi kintu tuba dukeneye, nico gituma ukunda gusanga bafata abantu bakuze, nko mubo turi kumwe ndibaza ko ari jewe nkiri muto kandi mfise imyaka 70 abandi rero dukorana bari hejuru, si n’abakuru b’ibihugu niwashaka. Ariko ni abantu bagize ico bamara mu bihugu vyabo, bagize ico bamara mu makungu, bazwi yuko ari abantu bitonda kandi bashobora guhanura.”

Domitien Ndayizeye amaze umwaka umwe muri ico kibanza.

Aba bahumure hari ico bakora ku kibazo ca DR Congo?

Ndayizeye avuga ko ishirahamwe rya EAC ari ryo rya mbere rirabwa n’ikibazo c’amahoro muri DR Congo imbere yo kuduga ngo gifatwe mu ntoke n’ishirahamwe rya Africa.

Ati: “Ariko kubera indugumba yagiye iraba hariho amanama – ndibuka nk’igihe duherukira mu nama yahuje abakuru b’ibihugu ico gihe harabaye indugumba cane iturutse ku baserukira Urwanda na Congo, urumva rero abakuru b’ibihugu ntibaciye bavuga ngo turabiretse, baciye bashinga umuntu agomba kubikurikirana, uyo na we ni umukuru w’igihugu ca Angola, ubu rero akorana n’abo bo muri aka karere kugira ngo bagitorere inyishu.”

Ndayizeye avuga ko ku kibazo c’umutekano muke mu buseruko bwa RD Congo bobo bakurikirana kandi bagatanga impanuro z’icokorwa, n’aho ubu abo kiraba cane ari ishirahamwe EAC igihugu ca Congo kibarizwamo.

Bamwe bati mu Burundi ntukivuga?

Hariho bamwe bamwe bavuga ko Domitien Ndayizeye atacumvikana akebura ubutegetsi buriho mu Burundi, ariko wewe avuga ko atovuga nk’uko abandi bavuga kandi afise ingene ashikiriza ivyo yipfuza.

Ati: “Uwo mpanura mfise ukuntu ndamuhanura, nabo bavuga ngo sinkivuga bashaka ko mvuga nk’ivyabo?

“Jewe Ndayizeye Domitien singomba kugira etiquette (aho yegamiye) ku giti canje. Njewe narababwiye ubuzima bwanje, nahunze nkiri muto mfise imyaka 19 ngaruka mu Burundi mfise imyaka 40, narabaye mu Burundi hari ingorane nyinshi, narafashwe ukuntu… nje novuga yuko mu ntwaro zagiye zica harya mu Burundi nta n’imwe itanciyeko, babe Abahutu babe Abatutsi bose barampfunze.”

Mu 2006 ku butegetsi bwa Prezida Pierre Nkurunziza, Ndayizeye yari umukenguzamateka yakuweko ubudahangarwa arafungwa yagirizwa uruhara mu mugambi wo gutembaza ubutegetsi wikekwa. Ibirego yahakanye mbere inyuma y’amezi ararekurwa.

Agira ati: “Jewe nshigikira intwaro izana akarusho kugira ngo Abarundi bashobore kumera neza kurusha. Ari naco gituma ntatinya kuvuga ko intwaro ihari ndayiravye nkayigereranya na zimwe zimwe namenye imbere yayo, hariho akarusho, ni naco gituma tugomba kuyitera intege kugira ngo Abarundi baronke akoyoko.

“Aha rero nakubwira ko bitatubuza kubabwira ibintu bimwe na bimwe, kandi ntababesha ushaka guhanura umukuru w’igihugu ntuja kw’ibarabara.”

Hari abafatira ku mateka yiwe mu Burundi bakavuga ko inkovu afise mu gahanga yatumwe n'uko yoba yarakubiswe mu bihe vy’ingarane runaka mu buto bwiwe.

Ati: “Iyi nkovu ndayifise kuva mfise imyaka itatu, ni impanuka y’igare nagize mvuye mu misa data wacu antwaye kw'igare. Ivyo bavuga ko nakubiswe sivyo na gatoya, umuntu wese afise ifoto yanje nkiri muto kuva nkiri muri primaire azoyirabe neza azoyibona.”

Macky Sall twaramuhanuye

Ndayizeye avuga ko Prezida Macky Sall wa Senegal aherutse gutangaza ko atazokwitoreza ikirongo ca gatatu cari giteye umutima uhagaze abantu batari bake.

Ati: “Ikibazo co kwitoza k’umukuru w’igihugu Macky Sall caturubitse abantu benshi cane, twebwe twaraganiriye n’abantu dusanga abantu benshi baragifitiye ubwoba, sinobabesha harabaye ubutumwa bwinshi bumushikira, atari gusa uhereye mw'ishirahamwe ry’ibihugu vya Africa canke kuri uyu mugwi wacu, ndemeza yuko hari n’abakuru b’ibihugu vyinshi bagiye barahanura, n’abo mu gihugu ciwe batari bake. Hari n’abandi rero bamwe bagira ivy’inguvu bavuga bati ‘ukaza kwitoza urakabona’.

“Jewe rero uko nzi abakuru b’ibihugu mu bihe nk’ivyo, abantu barabahanura kugira ngo barenge amategeko bemeze ko atawundi ashobora gutwara igihugu atari we, mwarabibonye mu mateleviziyo. Mbe ico gihugu gifise umuntu umwe wenyene ashoboye ibintu ico gihugu coba kimeze gute?

“Ngira ngo rero ivyo bintu umukuru w’igihugu (Macky Sall) yaravyumvise, ni naco gituma twebwe twama tubwira abakuru b’ibihugu yuko batogwa muri bene ako kamashu, bakagendera ku mategeko bo nyene bemeye, bakayubahiriza kuko ni naco gishobora gutuma n’abazoza babandanya iyo ngendo.”

Ni akahe kamaro k’uwari umukuru w’igihugu mu gihugu ciwe?

“Umukuru w’igihugu akwiye kuvaho abanyagihugu bakimukunda, ni naho bashobora kuza kugira ico bamubaza kandi nabo nyene bakamufata neza.

“Nta kintu kiryoshe nko kubona waravuye kuri irya ntebe y’umukuru w’igihugu ugatembera mu gihugu cawe abantu bakubwira bati ‘mutama itemberere’. Jewe undavye harya i Burundi, naho nogwa mu muferege sinobura Abarundi babiri banterura bakanshikana iwanje, jewe ico kirandyohera.”

Mu buzima busanzwe ubu ukora iki?

“Jewe ubwa mbere na mbere nshaka kwiruhukira, jewe narakoze. Ubu ico nshaka ni ukwicara nkaruhuka, nkaha muri Kenya urabona imbeho ihari ntituma uvyuka kare, uvyuka utevye

“Ica kabiri ni uguherekeza abana banje bakiri mu mashuri kugira baheze, baronke akazi bakore, ndabaherekeze mu buzima bwabo.

“Ica gatatu ni uko nkora ku buryo ndonka utwo mfungura, aho naho ndakurikira utwo mfise hirya no hino, akazu nkodesha kugira ndonke agafaranga kantunga, canke karya mwama muvuga ngo ni agakiosque, nivyo ni agakiosque gatoya.

Tournevis yoyo warahevye?

“Tournevis sinayihevye, uretse na tournevis hariho na ‘pince ampèremètre’, hariho na multi-testeur bidakenera inguvu nyinshi, ubu rero ivyerekeye gupfunga bisaba ingufu nyinshi ubu ndabirekera aba-jeune, ariko ivyerekeye gupima ko umuriro ukwiriye ivyo ndacabimenya, gupima yuko ari akantu kapfuye ndashobora kubiraba.”

Abuzukuru nabo?

“Abuzukuru rero simfise abakwiriye, nshaka benshi, nka 30 ariko ndacari kuri dutatu. Abo ndabaronkera umwanya iyo ndi muhira turatera inkuru, ni uko bakiri bato ntibaramenya kuvuga.

“Abahungu n’abakobwa banje baratevye ubu nyene ndababwira nti nyarutsa nyarutsa munyongere akandi ndabe ko nzokwigera ngeza nko kuri 20, twebwe abasaza biradufasha.”

Mu rugendo arimwo muri Kenya Ndayizeye avuga ko yaje “gukurikira ukungene umuhungu wanje wa nyuma agiye kuzoronka diplome kuwa gatandatu.”

Bavuga ko ukunda gutamba?

Aseka, ati: "Barambeshera ubu singitamba cane ahubwo naratamvye karahava kera! Ubu singitamba, ariko iyo turonse akanya (n’umwana wa mabukwe) turagacishako kugira ngo twiyibutse.”

Mu myaka mike iheze hariho isanamu yakwiriye ku mbuga hwaniro yerekana Ndayizeye ariko aratamba n’umutambukanyi wiwe. Benshi barayihererekanije kandi barayikunze.

Ni izihe ndirimbo ukunda?

Aseka rwose ati: “Slow, kugira ndamwiyegereze (madamu wiwe) na twist. Twist iraryoshe rwose!”

Nuko arahaguruka aratamba gatoya, atwereka ingene bayitamba!

Video hamwe n'ikiganiro Imvo n'Imvano kuri iki kiganiro na Domitien Ndayizeye birimo gutegurwa...