Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw'igura n'igurishwa ry'abakinyi: Salah, Jesus, Wijnaldum, Ziyech, Ronaldo, Raphinha, Lenglet
Liverpool iriko iraraba ko yogurisha Mohamed Salah muri rino ci mu gihe hogira abemera gutanga imiriyoni 60 z'amapawundi, Real Madrid ikaba iri mu mirwi iriko irakurikirana ingene ivy'uyu munyamisiri w'imyaka 30 bigenda. (Sun)
Arsenal yageze ku masezerano na Manchester City ku munya-Brezili Gabriel Jesus, aba Gunners bakaba biteguye gutanga imiriyoni 45 z'amapawundi kuri uyu musatarizi w'imyaka 25. (Fabrizio Romano)
Umukinyi wo hagati wa Hollande Georginio Wijnaldum azokwemererwa kuva muri Paris St-Germain muri rino ci. Leicester City iripfuza cane uyu mukinyi w'imyaka 31, mu gihe Everton, Wolves na West Ham nayo nyene iriko irakurikiranira hagufi ingene ibintu bigenda. (90min)
Chelsea yegereye Juventus kugira bavugane ingene yoronka umukinyi w'inyuma w'umunya-Hollande Matthijs de Ligt w'imyaka 22 asigaje imyaka ibiri mu masezerano yiwe. (Goal)
Umukinyi wo ku ruhande wa Chelsea Hakim Ziyech yasavye uruhusha rwo kuva muri uyu murwi mu gihe AC Milan yatanguye ibiganiro n'aba Blues kuri uno munya-Maroc w'imyaka 29. (Sky Sport Italia, iciye kuri Mail)
Newcastle, Everton na Aston Villa yose iriko yerekana ko yipfuza Tomas Soucek w'imyaka 27, na rirya kazoza k'uyu munya-République tchèque kadatomoye neza muri West Ham, ni mu gihe agiharira ku bijanye n'amasezerano mashasha. (Sun)
Umukuru wa Bayern Munich Hasan Salihamidzic avuga ko ata kuri kuri mu bihuha bivuga ko uyu murwi wa Bundesliga ushaka kugura umusatirizi wa Manchester United umunya-Portugal Cristiano Ronaldo w'imyaka 37. (Sky Germany - mu kidagi)
Umukinyi wo ku ruhande wa Leeds umunya-Brezili Raphinha w'imyaka 25 yanse imirwi yo muri Premier League kubera yishakira kwimukira muri Barcelona. (Sport)
Chelsea igiye kwumviriza imirwi yoza ishaka kurondera umunyegori wa Espagne Kepa Arrizabalaga w'imyaka 27 inyuma y'aho abwiriye ikinyamakuru Marca ko intumbero yiwe nyamukuru ari ugukina. (Mirror)
Umumenyereza wa Chelsea Thomas Tuchel yemerewe na bene umurwi bashasha kugura abakinyi bashika kuri batandatu muri rino ci. (Telegraph)
Atletico Madrid iripfuza kugura umunya-Espagne akina inyuma ku ruhande rw'iburyo Hector Bellerin w'imyaka 27 muri rino ci inyuma y'umwaka w'inkino yari amaze akina muri Real Betis yari yatijijwemwo avuye muri Arsenal. (Goal)
Barcelona irizeye ko Tottenham ishobora kwumvisha umukinyi w'inyuma w'umufaransa Clement Lenglet w'imyaka 27 ko yokwimukira muri Premier League kugira ngo uyo murwi wa La Liga urabe ingene utangura kwikurako abakinyi bamwe muri rino ci. (ESPN)
Tottenham na Middlesbrough ntirumvikana ku kiguzi c'umwongereza akina inyuma mu murwi w'abatarenza imyaka 21 Djed Spence, mu gihe uyu murwi wo mu cicaro ca kabiri (Championship) umushakako imiriyoni zababa 15 z'amapawundi hariko n'uturusho. (Sun)
David Beckham yavuganye n'umunya-Chili akina hagati Arturo Vidal amusaba ko yokwimukira mu murwi wiwe wa Inter Miami mw'ihiganwa ryo muri Amerika MLS igihe uyu mukinyi w'imyaka 35 azoba avuye muri Inter Milan. (Marca)
Umunya-Brezili akina ku ruhande Anthony w'imyaka 22 - yipfuza cane guhamvya uwahoze ari umumenyereza wiwe Erik ten Hag muri Manchester United - ejo ku wa gatanu ntiyabonetse igihe Ajax yatangura imyimenyerezo yo kwitegurira umwaka w'inkino wimirije. (Mirror)
Umunya-Slovakia akina inyuma Milan Skriniar w'imyaka 27, yemeye kwimukira muri Paris St-Germain avuye muri Inter Milan. (Gazzetta dello Sport - mu Gitaliyano)
Paris St-Germain yashitse ku masezerano na Nice ku mumenyereza wayo Christophe Galtier uyu mufaransa akaba yiteze gusubirira Mauricio Pochettino nk'umumenyereza. (Le Parisien - mu Gifaransa )