Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zanzibar yahagaritse ikoreshwa ry'ibara ry'umunywamazi mu mashure
Umushikiranganji w'indero mw'izinga rya Zanzibar Lela Muhamed Mussa, yabujije ikoreshwa ry'irangi ry'umunywamazi (Rainbow) mu mashure kuko risa n'irikoreshwa n'abagwanira agateka k'abaryamana basangiye ibitsina.
Lela yagize ati:"Twabonye ko vyoba vyiza gukura ibara ry'umunywamazi mu mashure yose yaba aya reta canke ayo abikorera utwabo, duhindure ikiyaranga, kubera ko abo bagenzi bacu bagendera muri iyo nzira bakoresha iryo bara, kugira badutware urwaruka rwacu."
Uwo mushikiranganji yavuze ivyo kudakoresha iryo bara igihe yariko aramenyesha ivyavuye mu matohoza yakozwe na komite yashizweho ngo itohoze ibivugwa mw'ishure rimwe ko yigisha ivyerekeye abaryamana basangiye igitsina.
Yavuze ko ubushikiranganji bunezerejwe no kuba ivyo bitabaye muri iryo shure inyuma y'ayo matohoza, kuva kwa nyene ishure, ibikoresho bikoreshwa no mu nzira abigisha bakoresha mu kwigisha, basanga nta kimenyetso na kimwe cerekana ivyo vyavugwa.
Mu mezi make aheze, reta ya Tanzania yarafuse ibitabo 16 bikoreshwa n'abana mu vyigwa kw'ishure, vyagirizwa kwigisha guharanira agateka k'abaryamana basangiye igitsina - LGBTQ.
Urwo rukurikirane rw'ibitabo rwitwa Diary of a Wimpy Kid ruvugwa ko ruteye kubiri n'imico, imigenzo n'akaranga vy'igihugu.
Umushikiranganji w'indero muri Tanzania, Adolf Mkenda yavuze ko ivyo bitabo bibangamira akanovero k'inyigisho ku bana.
Amashure agikoresha ivyo bitabo azofatirwa ingingo zijanye n'inyifato n'ubutungane, harimwo no kuyugara.