Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Zelensky yagendeye Ubudagi umunsi umwe yemerewe ibigwanisho
- Umwanditsi, Laura Gozzi & Jaroslav Lukiv
- Igikorwa, BBC News
- Yatangajwe
Umukuru wa Ukraine Volodymyr Zelensky ari i Berlin mu biganiro n’umushikiranganji w’Ubudagi Olaf Scholz n’umukuru w’ico gihugu Frank-Walter Steinmeier, urugendo rwiwe rwa mbere mu Budagi kuva Uburusiya buteye Ukraine.
Urwo rugendo rubaye Ubudagi bwaraye bumenyesheje ko bugiye guha Ukraine ibigwanisho biciye hafi miriyaridi 3 z’ama dorari.
Ku mugoroba wo kuri uyu wa mungu, prezida Zelensky araja guhabwa agashimwe k’iteka gakomeye, agashimwe kitiriwe Charlemagne.
Ako gashimwe gahabwa abantu bakora ibishoboka vyose ngo bateze imbere ubumwe bw’Abanyaburaya.
Abandi bari bamaze kukaronka barimwo Winston Churchill, Papa Francois na Bill Clinton.
Ashitse mu Budagi Zelensky yanditse kuri Twitter ati: ‘’Namaze gushika mu Budagi. Ibigwanisho. Imfashanyo ikomeye. Uburyo bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere. Gusanura. UE. OTAN. Umutekano.’’
Ku wa gatandatu Ubudagi bwahishuye imfashanyo yabwo y’ibigwanisho ya mbere nini kuri Ukraine.
Bwavuze ko buzotanga ibigwanisho biciye hafi miriyaridi 3 z’ama dorari bigizwe n’ibiduga vy’intambara (chars) vya Leopard n’ubuhinga bwo kwivuna ibitero vyo mu kirere.
Ku mvo z’umutekano, reta y’Ubudagi nta vyinshi yamenyesheje ku ho prezida Zelensky aza araja uyu munsi – ariko yamaze kubonana na prezida w’Ubudagi kandi yitezwe kugira ibiganiro na Chancellier Olaf Scholz.
Ibinyamamakuru vyo mu budagi vyavuze kandi ko, ku muhingamo, prezida Zelensky aja kugendera Aachen, igisagara kiri mu burengero yitavye ibirori vyo gushikirizwa agashimwe kitiriwe Charlemagne.
Indege y’umukuru wa Ukraine yashitse iherekejwe n’indege zibiri z’intambara z’Ubudagi.
Prezida Zelensky yaje mw’ijoro ava mu Butariano mu rugendo yagizeyo ku wa gatandatu aho yabonanye na mugenziwe Sergio Mattarella, umushikiranganji wa mbere Giorgia Meloni yongera yakirwa na Papa François mu mubonano wiwe bwite.