Burundi - CNL: Rwasa yatse uburongozi abamurwanya, nabo bati 'nta burenganzira abifitiye'

Uruhande rutavuga rumwe na Agathon Rwasa mu mugambwe CNL rumwagiriza ko atwara umugambwe nk'itunga ryiwe

Ahavuye isanamu, CNL-BURUNDI

Insiguro y'isanamu, Uruhande rutavuga rumwe na Agathon Rwasa mu mugambwe CNL rumwagiriza ko atwara umugambwe nk'itunga ryiwe
Yatangajwe

Umukuru w’umugambwe utavuga rumwe n’uwuri ku butegetsi, CNL, umushingamateka Agathon Rwasa yaraye afashe ingingo yo kwirukana mu burongozi bw’uyu mugambwe abantu 11 batavuga rumwe na we yagiriza amakosa atari make.

Mu rwandiko yaraye asohoye, Umushingamateka Rwasa arabagiriza amakosa ahanini ashingiye ko bataye umurongo kandi batagikora ibikorwa vy’umugambwe.

Ni inyuma y’icuka kibi kirangwa muri uno mugambwe, haraciye amezi arenga umunani, aho aba bakuwe mu mabanga y’uburongozi bw’uyo mugambwe bagiriza Umushingamateka Rwasa ko afata CNL nk’itunga ryiwe.

Iki cuka ni co catumye ku wa 02 Ruheshi (6), umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, umutekano n’iterambere, Martin Ninteretse, ahagarika vy’agateganyo ibikorwa vyose vy’uyu mugambwe “gushika ibisabwa vyose bishizwe mu ngiro”.

Hampande y’umurwi w’abantu cumi bari mu burongozi bw’umugambwe, ari nabo bari bahanganye n’umushingamateka Rwasa amenya, hiyongeyeko umushingamateka w’inama nshingamateka y’umuryango wa Afrika y’Ubuseruko, Cathy Kezimana, yagirizwa ko “yataye umurongo ngenderwako n’amategeko ndangamutima y’umugambwe CNL, hamwe no kutubaha inzego zimukurira”, nk’uko biri muri uru rwandiko.

Uburyo Umushingamateka Kezimana yatowemwo ntibwahimbaye abashingamateka begukira umugambwe CNL kuko yemejwe n’inama nshingamateka y’Uburundi bobo basohotse.

Mu makosa yagiriza aba bantu, harimwo ko “berekanye inyifato yo kutubaha ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza [Convention nationale], ari na rwo rwego ntahinyuzwa rw’umugambwe, hamwe n’izindi nzego zirongoye umugambwe, bakongera bagakoresha ibimenyetso vy’umugambwe uko bashaka”.

Ni mu gihe uyu murwi w’aba bakuwe mu mabanga wowo uvuga ko ano makoraniro kaminuza y’umugambwe yabaye hadakurikijwe amategeko, ivyahavuye binemewa n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi, n’aho umushingamateka Rwasa wewe abihakana.

Mw’uru rwandiko Umushingamateka Agathon Rwasa asigura ko yandikiye umwe umwe wese muri aba bantu 11 ku makosa amuraba kugira ngo yisigure, ariko y’uko ata n’umwe muri bo yishuye kw’ikete yandikiwe.

Mbega abo yahagaritse bavuga iki?

Skip podcast promotion and continue reading
WhatsApp channel ya BBC Gahuza

Amakuru ya BBC Gahuza ako kanya kuri WhatsApp yawe

Kanda hano ujyeho

End of podcast promotion

Umushingamateka Terence Manirambona yari asanzwe avugira uno mugambwe ubu akaba ari ku ruhande rw’abatavuga rumwe n’umukuru w’umugamwe, avuga ko Agathon Rwasa ata burenganzira bwo gufata ingingo nk’iyi, mu gihe ari mu begwa n’ibibazo biri muri uno mugambwe.

Yabwiye BBC ati: “Nta muntu n’umwe harimwo umukuru w’umugambwe arekuriwe gufata ingingo nk’iyo yo guhagarika bamwe mu bagize inzego z’umugambwe, mu gihe izo nzego nyene, na cane cane ibiro bikuru vy’umugambwe, zidashobora gukorana”.

“Ikigaragara ni uko iyo ngingo yoba ari iy’umukuru w’umugambwe we nyene ubwiwe kuko ibiro bikuru vy’umugambwe ari rwo rwego rwonyene rushobora gufata ingingo nk’iyo naho nyene rwisunze amategeko y’umugambwe yemejwe mw’ikoraniro kaminuza yo mu 2019”.

Mu gihe ikoraniro kaminuza riheruka ryo gushinga inzego nshasha ryateshejwe agaciro ko ritemewe n’amategeko, umushingamateka Manirambona avuga ko gushika uno musi inzego zemewe n’amategeko ari izashinzwe mu 2019, izi nazo akavuga ko ikiringo cazo kizorangira mu mwaka uza wa 2014.

Ati: “Nta ngingo n’imwe iha uburenganzira umukuru w’umugambwe yo guhagarika abagize ibiro bikuru vy’umugambwe bafise ikiringo kizorangira inyuma y’imyaka itanu, iki naco kikazorangira mu mwaka itanu, na we nyene arimwo”.

Umushingamateka Manirambona avuga kw’izina ry’uyu murwi utavuga rumwe n’umushingamateka Rwasa, amwagiriza ko gushika ubu ata kintu na kimwe yagiriza abo yaraye yigije inyuma “kiretse ivyagiye biravugwa nk’ibihuha, kandi na we nyene yagiye avuga, ariko ntiyerekane icemezo na kimwe”.

Kubw’iwe, ingingo yaraye ifashwe n’umukuru w’umugabwe CNL yo kwigiza inyuma uyo murwi w’abatavuga rumwe na we “ihishije ibindi bintu”, akabona ko ahubwo ije gusambura umugambwe.

Avuga ati: “Twebwe tubona ko iyi ngingo ifise intumbero yo gusambura umugambwe duhereye ku rwego rukuru rw’umugambwe”.

Avuga kandi ko iteye kubiri n’ivyasabwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati, umutekano n’iterambere rusangi, aho yarategetse ko “ibikorwa vyose n’amanama vy’umugambwe CNL bihagarikwa kiretse, inama zokwicarira ikibazo n’icuka kibi biri mu mugambwe”.

Ati: “Rero biratangaje kubona ingingo nk’iyo ifatwa, igafatwa n’umwe mu bari mu bibazo, basangiye ibibazo”.