Ukraine: Bishasha mu ntambara y’Uburusiya

Yatangajwe

Igisirikare ca Ukraine gitangaza ko Uburusiya bwakoze ibitero vy’indege mu ntara ya Kherson zikarekura ibibombe bitanu vyo mu bwoko bwa KAB-500 vyarashwe n’indege z’intambara zine zo mu bwoko bwa Su-35.

Igisirikare kivuga ko ata bantu bakomeretse canke bapfuye, uretse amazu y’abantu yononekaye.

Kivuga kandi ko ku musi w’ejo hatewe ibisasu vya muzinga bingana na 56 mu mazi yo mu ruzi rwa Dnieper hamwe no mu bigwati nibura bitanu mu ntara za Kherson na Berislav.

Uburusiya ntaco buravuga kuri ano makuru.

KAB-500 ni ubwoko bwa bombe z’Uburusiya bashobora kuregera, imwe imwe ipima ibiro 500 (500 kg).

Ukraine – Russia: ‘Nta biganiro dukeneye ibintu bikimeze uku’

Avuga ku bijanye n’umugambi w’amahoro, umunyamabanga w’umurwi w’igihugu wa Ukraine ujejwe umutekano no kwivuna abansi, Oleksiy Danilov, asaba ko ataworondera guhatira Ukraine mu biganiro mu gihe Uburusiya burondera kubandanya busambura igihugu.

Danilov yanditse ku rubuga rwa Facebook ati: "Mu gihe intumbero y’Uburusiya bwateye igihugu cacu itarahinduka, iyi nayo ikaba ari iyo gusambura Ukraine, utwigoro tw’amahoro tugize imisi tuvugwa ntaco tuvuze uretse ko ari ku nyungu z’Uburusiya”.

“Ntidukeneye ko mwama mutubwira ivy’ibiganiro, duhe ibirwanisho bikwiye gusa. Ibirwanisho ni we muhuza nyawe kandi ni rwo rurimi rwonyene Uburusiya butahura”.

Ntavuga neza na neza ubwoko bw’utwigoro tw’amahoro yariko arashaka kuvuga, ariko ejo ku wa gatandatu, umukuru w’igihugu ca Brezili Luiz Inacio Lula da Silva yasavye ko haba ibiganiro hagati ya Ukraine n’Uburusiya.

Lula ariko agerageza kugarura ubucuti hagati ya Brezili n’ibihugu vy’uburengero inyuma y’imyaka ine y’ubutegetsi bwa Perezida Jair Messias Bolsonaro, ariko haracari ukutumvikana ku kibazo ca Ukraine.

Uyu mukuru w’igihugu ca Brezili aherutse gutera uburakari Ukraine mu kuvuga ko na Kyiv ifise uruhara muri ino ntambara, kandi igihugu ciwe kikaba kitagiye hamwe n’ibihugu vy’uburengero mu gufatira ibihano Moscou canke mu guha ibirwanisho Kyiv.

Inyuma y’umubonano yagiranye na Perezida Marcelo Rebelo de Souza wa Portugal, Lula yabwiye abamenyeshamakuru i Lisbon ati: "N’aho reta yanje yiyamiriza ivogerwa ry’ubusugire bwa Ukraine, turashigikiye ko haba inyishu ya poritike kuri iyi ntambara biciye mu biganiro”.

Lula ati: "Turakeneye vyihutirwa umurwi w’ibihugu vyokwicarana na Ukraine n’Uburusiya. Brezili ntishaka kwivanga muri ino ntambara. Brezili ishaka amahoro”.

Uwuserukira Ubushinwa mu Bufaransa yinubiye ubwigenge bw’ivyahoze bigize URSS

Uwuserukira Ubushinwa mu Bufaransa Lu Shai yinubiye ubwigenge bw’ibihugu vyiyonkoye kuri Reta Zunze Ubmwe z’Abasoviyeti yongera yerekana amakenga ko Crimea yoba koko yegukira Ukraine. Ibihugu vyo mukarere ka Baltique ntivyihanganiye aya majambo, bikaba vyaciye bisohora itangazo ryo kumwiyamiriza.

Ku wa gatanu ku mugoroba, Lu Shai yabwiye imboneshakure yo mu Bufaransa LCI TV ko ibihigu vy’icahoze ari URSS bidafise “igihagararo mpuzamakungu nyaco kuko nta mwumvikano mpuzamakungu wigeze uhaba wo kubiha igihagararo c’ibihugu vyigaba bikiganza”.

Nayo ku vyerekeranye n’aho akarere ka Crimea kegukira, Lu Shai yavuze ati: " Biravana n’ingene ufashe ikibazo. Hariko ikintu kimwe kizwi. Kuva mu ntango, Crimea yamye ari iy’Uburusiya. Khrushchev ni we yafashe Crimea ayigabira Ukraine mu gihe c’ubutegetsi bw’Abasoviyeti”.

Uyu munyaporitike akora mu buserukizi bw’Ubushinwa asaba kandi ko “impari” ku vyerekeye imbibe z’inyuma y’ubutegetsi bw’Abasoviyeti zihagarara.

Ejo ku wa gatandatu, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire yavuze ko afise “impungenge” kuri ano majambo, aca asaba Ubushinwa gusigura aho buhagaze.

Abashikiranganji bajejwe imigenderanire ba Lettonie/Latvia, Lituanie na Estonie bariyamiriza aya majambo yashikirijwe n’uyu muserukizi w’Ubushinwa.

Umushikiranganji w’imigenderanire wa Estonia, Margus Tsahkna, avuga ko amajambo ya Lu Shai "ababaje" kandi ko atumvikana. Ubushikiranganji bw’imigenderanire bwa Estonia kandi bugiye gutumako uwuserukira Ubushinwa muri iki gihugu.

Tsahkna ati: "Intumbero yacu ni ukwerekana neza ko ivyiyumviro nk’ibi bidashobora kwihanganirwa kandi ko Estonia ari igihugu cikukiye”.

Nk’uko bivugwa n’umushikiranganji w’imigenderanire wa Lithuania, Gabrielius Landsbergis, amajambo ya Lu Shai ni kimwe mu bituma ibihugu vya Baltique bitizeye Ubushinwa “mu mugambi w’amahoro muri Ukraine”.

Nayo umushikiranganji wa Lettonie ajejwe imigenderanire Edgars Rinkevics avuga ko amajambo y’uyu muserukizi w’Ubushinwa adashobora “kwihanganirwa na gato”.

Ati: "Turiteze insiguro ku ruhande rw’Ubushinwa, tukizera kandi ko aya majambo azokwiyamiriza”.

Uwuserukira Ukraine mu Bufaransa, Vadym Omelchenko , ku ruhande rwiwe, avuga ko uwuserukira Ubushinwa afise “ingorane ziboneka ku bumenyi ndangabihugu”, canke naho ijambo ryiwe riteye kubiri n’aho Pékin/Beijing (umugwa mukuru w’Ubushinwa) ihagaze “ku twigoro twayo two kugarukana amahoro muri Ukraine yisunze amategeko mpuzamakungu, intego n’amabwirizwa ngenderwako mu masezerano y’ihirahamwe ONU”.

Utu twigoro kandi twaragarutsweko mw’itangazo rusangi ry’Ubufaransa n’Ubushinwa inyuma y’urugendo Perezida Emmanuel Macron yagize i Pékin mu ntango z’uku kwa kane. Muri iri tangazo, impande zompi zariyemeje “gushigikira utwigoro twose two kugarukana amahoro muri Ukraine”.