Gutambana na Shakira mu Gikombe c'Isi cari ikintu 'ciza cane, cane, cane, cane, cane rwose' Ghetto Kids

Ahavuye isanamu, Getty Images
- Umwanditsi, Natasha Booty
- Umwanditsi, BBC World Service
- Yatangajwe
- Igihe co gusoma: iminota 3
Abana bo mu murwi w'abatamvyi bo muri Uganda uzwi kw'izina rya Ghetto Kids bariko barahimbaza iyindi ntambwe ikomeye baherutse gutera inyuma yo kwitabira igice c'akaruhuko k'urukino rwa nyuma rw'Igikombe c'Isi c'umupira w'amaguru ku wa Mungu uheze.
Sierra, umwe muri abo bana afise imyaka 10, yavuze ko ako karyo kahinduye ubuzima bwabo, ati: "Cari ikintu ciza cane, cane, cane, cane, cane rwose".
Naho hari abaneguye iki giteramo co mu karuhuko k'uru rukino rwo mw'ihiganwa rya mbere rikomeye kuruta ayandi mahiganwa yose y'umupira w'amaguru kw'isi, gisa n'icerekanwa mu rukino ruzwi nka Superbowl muri Amerika, amamiriyoni n'amamiriyoni kw'isi yose barahimbawe igihe bibonera aba bana bariko batambana n'ibihangange Burna Boy na Shakira.
Mu kiganiro Newsday ca BBC, abari muri uno murwi hamwe n'uwubajejwe bavuze ko baravye aho bavuye, ukungene batanguriye hasi ku mugwa mukuru wa Uganda Kampala, gushika aho bamenyekana kw'isi yose, kandi bakabifatanya n'ishure, vyabasavye ukwihangana n'ukudacika intege.
Sierra:"Nta gucika intege…..ni ugusenga Imana. Ni ukwumviriza abavyeyi, ishure ni co kintu ca mbere, nta bindi".
Sierra hamwe na Josephine afise imyaka 11 baracari mu munezero mwinshi inyuma yo kwitaba iki giteramo cabaye mu karuhuko k'urukino w'Igikombe c'Isi, hagati ya Espagne na Argentine ku kibuga ca MetLife muri New Jersey, Espagne ikaba ari yo yatahukanye intsinzi.
Josephine ati: "Narabonye Messi na Lamine Yamal!" - aba bavugwa bakaba ari ibihangange vy'ibi bihugu bibiri: kizigenza wa Argentine Lionel Messi, hamwe n'umusore akiri muto w'umunya-Espagne Lamine Yamal akunzwe cane.
"Naranezerewe cane no kubona Messi hamwe n'abantu bariko baraturaba. Narumvise umunezero udasanzwe, n'akanyamuneza katagira uko kangana, ariko kandi narumva ubwoba buke", niko yibuka
Sierra na we aca yongerako ati: "Shakira, ni umuntu mwiza cane kandi w'umutima mwiza".

Ahavuye isanamu, Getty Images for Global Citizen
Bahejeje gutamba ku rubuga rw'igiteramo, abo bana baguye mu nda ibi bihangange, Umunya-Colombia Shakira n'Umunya-Nigeria Burna Boy, umumenyereza wabo, Dauda Kavuma, akavuga ko ico cari ikimenyetso c'urukundo n'umunezero vyabavuye ku mutima, ko bitari ibintu bari barateguye.
Igihe babwirwa ko bari batowe ngo bazotambe muri ico giteramo, abo bana bararengewe kubera umunezero, kuko zari indoto zabo zari zibaye iz'ukuri.
Kavuma ati: "Bamenye iyo nkuru baciye batangura kwiruka bazunguruka, bakoma akaruru kandi basemerera kubera umunezero".
Kavuma yavuze ko abana ba Ghetto Kids bari bamaze gutamba mu ndirimbo Waka Waka ya Shakira igihe bitaba igiteramo ciswe Britain's Got Talent. Ni co gituma kubona Shakira ubwiwe abatumiye ngo bakorane igiteramo vyabateye umunezero mwinshi, kuko yari umuntu basanzwe bakunda kandi bamenyereye indirimbo ziwe.
Iyo ndirimbo Waka Waka ni iyo Shakira yasubiyemwo, yitwa Zangaléwa, ikaba yari yaririmbwe n'umurwi Golden Sounds wo muri Cameroun mu myaka ya 1980.
Kavuma yongerako ati: "Ariko ubu vyari ibihe bidasanzwe kubona Shakira ubwiwe adutumira ngo tumufashe mu giteramo ciwe.
"Iki ni ikintu kidasanzwe kuri twebwe kandi gihindura ubuzima bw'umuntu".
Kavuma yemera ko mu makaritiye y'abakene harimwo impano nyinshi cane, igikenewe gusa akaba ari ukuzikomeza no kuziteza imbere.
Ubwiwe, akiri umwana yarabaye umwana wo mw'ibarabara i Kampala, imbere y'uko ubugwaneza bw'umwigisha umwe buhindura ubuzima bwiwe.
Kubera ivyo yakorewe, yipfuje na we kuzofasha abandi. Mu nyuma yabaye umwigisha, hanyuma ashinga umurwi w'aba batamvyi wa Ghetto Kids, ugizwe n'abana bahoze batagira aho baba hamwe n'abo batashobora kwiga amashure kubera ubukene.









