Ubuhindi bwongereje abasirikare ku rubibe buhana n’Ubushinwa rurangwamwo induru

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umushikiranganji w’imigenderanire w’Ubuhindi avuga ko igihugu ciwe congereje abasirikare ku rubibe gihana n’Ubushinwa ku rugero rutari bwigere rubaho.
Jaishankar yongerako y’uko Ubuhindi budashobora kwemera ko Ubushinwa “buhindura uko bwishakiye” uko ibintu bimeze ku mupaka.
Ashikirije aya majambo yiwe inyuma y’imisi mikeya ingabo z’Ubuhindi n’iz’Ubushinwa zikozanijeko mu karere ko ku rubibe gateje impari mu ntara ya Arunachal Pradesh.
Ubuhindi buvuga ko vyose vyatanguye igihe ingabo z’Ubushinwa zivogera ubutaka bwabwo.
Ubushikiranganji bw’Ubushinwa bujejwe imigenderanire buvuga ko ku vyo buzi, ibintu “bimeze neza muri rusangi ku mupaka” kandi ko impande zompi zibandanya ziganira kuri iki kibazo.
Ubuhindi n’Ubushinwa bisangiye urubibe rurangwa n’induru rungana na 3.440km – ruzwi nka Line of Actual Control, or LAC – rutaboneka neza.
Abasirikare bo ku mpande zompi bakunze gushamirana mu turere tutari duke, mbere icuka kibi rimwe rimwe kirarenga inkombe gushika n’aho batana mu mitwe.
Impande zompi ziragerageza kugarukana icuka ciza inyuma y’imishamirano yadutse mu kwa gatandatu 2020 mu Kiyaya ca Galwan (Galwan Valley) mu karere ka Ladakh amaja mu burengero – abasirikare 20 b’Ubuhindi hamwe n’abo Ubushinwa nibura bane bakaba barapfiriye mu ntambara.

Imishamirano iheruka – iya mbere mu kiringo kirenga umwaka - ni iyabaye ku wa 09 Kigarama (12), ikaba yatumye abasirikare bakomereka bukebuke.
Impande zompi zaciye ziva muri ako karere, nk’uko igisirikare c’Ubuhindi cavuze.
Jaishankar yavuze ibi mu gihe yariko yishura ibibazo kuri iki kibazo mw’ijambo ryiwe yashikirije mu birori vyateguwe n’ikompanyi y’ibinyamakuru India Today ku wa mbere.
Ati: "Uno musi, igisirikare c’Ubuhindi carungitse ingabo zitari bwigere zirungikwa ku rubibe rw’Ubushinwa. Uno musi igisirikare c’Ubuhindi carungitswe kuzibira Ubushinwa mu gihe bwogerageza guhindura intunganyo y’icungera ry’urubibe”.
Ubushinwa ntaco burishura kuri ibi.
Imishamirano iheruka yateje imvururu za poritike mu Buhindi mu ndwi iheze, aho imigambwe itavuga rumwe n’ubutegetsi yivmbuye mu nama nshingamateka inyuma y’icipfuzo cayo c’ibiganiro ku kibazo co ku mupaka cankiwe.
Rahul Gandhi, umukuru w’umugambwe mukuru utavuga rumwe mu Buhindi Congress party, yagiriza reta kwirengagiza ibibazo biterwa n’Ubushinwa, akavuga kandi ko ingabo z’iki gihugu ”zikubita” iz’Ubuhindi ku rubibe.
Ari imbere y’inama nshingamateka ejo ku wa mbere, umushikiranganji Jaishankar yavuze ko amajambo ya Gandhi "ateza urubwa" abasirikare b’Ubuhindi anahakana ko reta itigira sindabibazwa ku biriko biraba.
"Nimba turi ba sindabibazwa ku Bushinwa, ni nde yarungitse igisirikare c’Ubuhindi ku rubibe? Nimba turi ba sindabibazwa ku Bushinwa, kubera iki turiko duhatira Ubushinwa ko igabanya icuka kibi kandi ikigiza inyuma ingabo”.










