Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Israel: Benjamin Netanyahu yiteguye kugaruka ku butegetsi - amajwi ngereranyo
Uwahoze ari umushikiranganji wa mbere wa Israel Benjamin Netanyahu yegereje kugaruka ku butegetsi ku buryo butangaje, inyuma y'aho ibiharuro vy'imfatakibanza vyerekaniye ko ashobora gutahukana intebe nyinshi mu nama nshingamateka afashijwe na extreme droite.
Ku majwi 84% y'amajwi avuye mu matora rusangi amaze guharurwa, vyitezwe ko uruhande rwa Netanyahu atahukana intebe 65 kuri 120.
Abayoboke biwe bari mu munezero yababwiye ati:"Twegereje kuronka intsinzi itagabanije."
Ariko biza kuva n'ingene ashigikiwe n'umugambwe w'aba Ultra-nationalist.
Abarongoye uwo mugambwe, Itamar Ben-Gvir and Bezalel Smotrich bamenyekanye cane mu gukoresha amajambo akarishe agwanya abarabu, akanatera akamo ko kwirukana muri Israel abanye politike n'abasivile b'abarabu "bafata nk'ibihemu".
Ben-Gvir yari umugendanyi w'umunyamacakubiri atinyegeza, umu ultra-nationaliste Meir Kahane, umuhari wiwe washizwe ku rutonde rw'imigwi yitwaje ibigwanisho na Reta zunze Ubumwe za Amerika.
Mu kwezi guheze, Ben-Gvir yaravuzwe cane mu binyamakuru aho yafatwa amasanamu ariko arasokorora inkoho inyuma yaho atewe ibuye n'abanye Palestine, igihe yariko aragendera akarere kagwiriyemwo abarabu mu buseruko bwa Jerusalem, anahamagarira igipolisi kurasa ababikoze.
Avugana n'abamenyeshamakuru kuri uyu wa gatatu, Ben Gvir yiyemeje "gukorera abanye Israel bose, harimwo n'abansi biwe".
Netanyahu, aherekejwe n'umugore wiwe Sara yaje mu giteramo c'amatora catunganijwe n'umugambwe wiwe Likud isaha 03:00 zo muri Israel (01:00 GMT) aho yakiriwe n'amashi menshi.
Anezerewe cane yabwiye abanywanyi biwe ati:"Twatsinze n'amajwi menshi y'abanye Israel batwizeye."
Hakiri kare imbere y'aho, igihe ibiharuro ngereranyo vyerekana ko uruhande rwa Netanyahu rushobora gutsindira intebe 61 canke 62, abantu baciye batangura kwigina intsinzi, aho abantu baguma basimbagurika, bazungagiza amabendera baririmba iritazirano ryiwe "Bibi".