DR Congo: Ibiganiro vya reta n'inyeshamba biratangira i Nairobi, M23 ntiyatumiwe

Umuhari M23 ari na wo uteye ingorane reta ya Congo inyuma yo kwigarurira uturere tutari duke muri teritware ya Rutshuru, uvuga ko utatumiwe mu biganiro vy'i Nairobi

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu, Umuhari M23 ari na wo uteye ingorane reta ya Congo inyuma yo kwigarurira uturere tutari duke muri teritware ya Rutshuru, uvuga ko utatumiwe mu biganiro vy'i Nairobi
Yatangajwe

Kuri uyu wa mbere, bitegekanijwe ko ibi biganiro bigira gatatu vy’i Nairobi bizokwitabirwa n’abahagarariye imirwi yitwaje ibirwanisho y’abanyecongo irenga 15, hamwe n’abandi bafise uruhara mu kurondera amahoro mu buseruko bwa DR Congo.

Hagati aho, umuhari M23 wowo ntuzovyitabira, ukavuga ko ata butumire waronse.

Majoro Willy Ngoma, umuvugizi wa gisirikare w’uyu muhari yabwiye BBC ati: “Oya, ntabwo twatumiwe i Nairobi”.

Ibindi biganiro vy’imbere y’aha i Nairobi vyagiye bitanga umusaruro mu gihe kanaka, nk’umuhari CODECO wo mu ntara ya Ituri inyuma y’ibiganiro vya kabiri vya Nairobi wiyemeje gushira ibirwanisho hasi no guhagarika ibikorwa vyawo, ariko mu mezi ya vuba wongeye gushirwa mu majwi mu bwicanyi bwakorewe abanyagihugu.

Umuhari wa M23 ubu niwo uteye ingorane biboneka reta ya Kinshasa kuko wigaruriye ibice binini muri teritwari ya Rutshuru, ukaba mbere uri ku birometero 20 uvuye mu gisagara ca goma, umugwa mukuru w’intara ya Kivu ya Ruguru.

Kuwa gatatu, abategetsi b’akarere bakoraniye i Luanda muri Angola basaba M23 guhagarika intambara no gusubira inyuma ikaja hafi y’ikirunga Sabyinyo ikava mu bice wigaruriye.

Ariko inyuma y’aho M23 yishuye ko iryo tangazo ritayiraba,  ariko ko izokwubahiriza guhagarika intambara, n’aho intambara zabandanije muri iyi weekend mu gice ca Rutshuru kiri hafi ya Masisi.

Kuri izi ntambara zabandanije, Willy Ngoma yagize ati: “Twebwe twubahirije ihagarikwa ry’intambara, ariko reta yoyo ntiyavyubahirije”.

Yemeza ko ingabo za reta arizo zibandanya kubatera.

Igisirikare ca Congo ntaco kiratangaza ku gahengwe kategetswe n’abategetsi ba Angola, Uburundi, DR Congo, Urwanda n’umuhuza Uhuru Kenyatta bari bakoraniye i Luanda.