Mu mafoto - Kwibuka: Ubwa mbere Abanyamulenge bashinga ibuye ry'urwibutso rw'ababo baguye mu Gatumba

    • Umwanditsi, Nina Iradukunda
    • Igikorwa, BBC Gahuzamiryango i Salford
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 3

Abanyamulenge baba mu Bwongereza, i Buraya na Amerika bibutse ababo baguye mu bwicanyi mu Gatumba, bashinga ibuye mu Bwongereza ry'urwibutso rw'ababo biciwe mu Gatumba haraheze imyaka 20.

Ubwo bwicanyi bwabereye mu nkambi y'impunzi yari iherereye mu Gatumba mu Burundi, kw'itariki ya 13 z'ukwezi kw'umunani mu 2004.

Bigereranywa ko bwiciwemo abagera ku 166.

Abanyamulenge n'inshuti zabo bavuze ko bashima kuba batewe iteka ryo kuronka aho bazoja bajana ingori z'amashurwe bakaruhuka mu mitima yabo.

Muri uyo mugirwa, habaye kwugurura icese ibuye rya mbere ry'urwibutso kw'isi mu gisagara ca Salford kiri mu buraruko bw'Ubwongereza.

Umugirwa wo kwibuka wabaye ku wa gatandatu mu nyubakwa z'isengero rya GoChurch Manchester.

Teresa Pepper, yaserukiye umukuru w'igisagara ca Salford, yavuze ko ivyabereye mu Gatumba bikwiye kuba icigwa ca kahise n'ak'ubu.

Yavuze ko kwibuka ari uguharanira ubutungane no gutera intege abarokotse ngo bashobore gukira ibikomere no kubandanya gutera imbere mu bumwe.

Ibuye ry'urwibutso ryari ryanditseko amazina y'abiciwe mu nkambi yo mu Gatumba
Insiguro y'isanamu, Ibuye ry'urwibutso ryanditseko amazina y'abiciwe mu nkambi yo mu Gatumba
Abashingamateka Michael Wheeler na Rebecca Long Bailey baserukira akarere ka Salford
Insiguro y'isanamu, Abashingamateka Michael Wheeler na Rebecca Long Bailey baserukira akarere ka Salford bari mu bateye iteka urubanza
Abarokotse barimo kurira kubera ababo bishwe
Insiguro y'isanamu, Abarokotse ubwicanyi bavuye mu mihingo itandukanye y'isi baracarizwa n'ababo bishwe
Ibuye rya mbere ry'urwibutso kw'isi ry'ubwicanyi bwakorewe Abanyamulenge mu Gatumba
Insiguro y'isanamu, Ibuye rya mbere ry'urwibutso kw'isi ry'ubwicanyi bwakorewe Abanyamulenge mu Gatumba ryashinzwe mu Bwongereza
Umushingamateka Rebecca Long Bailey
Insiguro y'isanamu, Umushingamateka Rebecca Long Bailey yugurura icese ibuye ry'urwibutso
Abanyamulenge bashira urugori rw'amashurwe kw'ibuye ry'urwibutso
Insiguro y'isanamu, Abanyamulenge baba i Buraya na Amerika bashira urugori rw'amashurwe kw'ibuye ry'urwibutso
Bamwe mu bajenama ba komine ya Salford bitavye urubanza. Uvuye iburyo uja ibubamfu: Philip Burch, Tanya Burch, Gina Reynolds, na Neil Reynolds.
Insiguro y'isanamu, Bamwe mu bajenama ba komine ya Salford bitavye urubanza
Mu kwibuka hari haje abakuru n'abato
Insiguro y'isanamu, Abakuru n'abato baje kwibuka
Abanyarwanda bari baje kwifatanya n'Abanyamulenge mu kwibuka
Insiguro y'isanamu, Abanyarwanda baje gufata mu mugongo ababanyi babo mu kwibuka ababo
Amazina n'amasanamu
Insiguro y'isanamu, Amazina n'amasanamu ya bamwe mu bishwe
Espérance Nyasezerano yakije urumuri rw'umwizero
Insiguro y'isanamu, Espérance Nyasezerano, umukuru w'ishirahamwe ry'abarokotse ubwicanyi mu nkambi yo mu Gatumba, GRSF (Gatumba Refugee Survivors Foundation), yakije urumuri rw'umwizero