Twavyumviye ku mbuga ngurukanabumenyi – Uganda ku nzoga zayo zankiwe kwinjira mu Rwanda

    • Umwanditsi, Gildas Yihundimpundu
    • Igikorwa, Umunyamakuru wa BBC i Nairobi
  • Yatangajwe
  • Igihe co gusoma: iminota 2

Ikigo ca Uganda kijejwe ubuziranenge UNBS kivuga ko camenyeye ku mbuga ngurukanabumenyi ingingo y'Urwanda yo guhagarika bimwe mu binyobwa biborera bikorerwa muri Uganda, ruvyagiriza ko bidakwije ubuziranenge.

Reta y'Urwanda imaze imisi mu gikorwa co kurwanya no gutuza inzoga zivugwa ko zidakwije ivya ngombwa n'ubuziranenge, aho inganda zirenga 100 zimaze kwugarwa, n'abantu babarirwa muri mirongo bakaba baratawe muri yompi.

Mu nzoga zankiwe kwinjira mu Rwanda, harimwo izikorerwa mu nganda zo muri Tanzaniya, Kenya, Uburundi na Uganda.

Itangazo ryasohoye n'ikigo ca Uganda, UNBS, rimenyesha ko hari icegeranyo citirirwa ikigo c'Urwanda kijejwe ubuziranenge FDA cerekana urutonde rw'ibinyobwa 10 bikorerwa muri Uganda vyoba bitacemerewe kwinjira mu Rwanda.

Muri iryo tangazo, UNBS ishimangira ko ivyo binyobwa vyose ukwo ari 10 bifise impapuro zemeza ko bikwije ubuziranenge n'ivya ngombwa vyose.

Rigira riti: "Ivyo binyobwa vyose bivugwa ko bitarekuriwe kwinjira [mu Rwanda] vyaremejwe na UNBS, hisunzwe ibipimo ngenderwako bihuriweko n'ibihugu bigize Umuryango wa Afrika y'Ubuseruko (EAC)".

Ku bwa UNBS, ukwo kubibuza kwinjira mu Rwanda "kwahonyanze" amasezerano rusangi yo kwemera no kwubahiriza ubuziranenge bw'ibicuruzwa vya buri kimwe cose mu bihugu vya EAC, yisunga itegeko rigenga ubuziranenge bw'uwo muryango.

Nk'uko itangazo rya UNBS ribivuga, iryo tegeko ritegekanya ko iyo hagaragaye ingorane ijanye n'ubuziranenge ku gicuruzwa runaka kiva muri kimwe mu bihugu vya EAC, ikigo kijewe ubuziranenge - mu gihugu ikidandazwa cavuyemwo - gitegerezwa kubimenyeshwa.

Ariko ikigo ca Uganda kivuga ko atari ko vyagenze: " FDA [ikigo c'Urwanda] ntiyigeze ibitumenyesha icese, mbere UNBS yamenyeye ivy'iyo dosiye ku mbuga ngurukanabumenyi".

Ikigo UNBS kibandanya kivuga ko kw'igenekerezo rya 10 Myandagaro (8) hatunganijwe n'inama kuri ico kibazo. Yahuje abaserukira Urwanda, Kenya, Tanzaniya na Uganda.

Itangazo ryaco rishimangira ko muri iyo nama "ata nsiguro ishingiye ku vy'ubuhinga canke 'sciences' yatanzwe ku mvo zatumye ivyo bicuruzwa bibandanya kwankirwa kwinjira [mu Rwanda]".

Imbere ya Uganda, Tanzaniya na Kenya na vyo nyene vyari vyasohoye amatangazo aho bishimangira ko inzoga zavyo zafatiwe ingingo yo kutinjira mu Rwanda zikwije ubuziranenge n'ivya ngombwa vyose bisabwa n'amategeko ya EAC.