Yegereyegere ya pansiyo mu Bufaransa: Amahinguriro y'ibitoro yazibiwe

Yatangajwe

Gutwaba ibitoro kuri za stasiyo biva mu mahingurira mu Bufaransa vyazibiwe, nk’uko bitangazwa n’abarongoye amashirahamwe y’abakozi, mu gihe abari mu myiyerekano bashaka gushira Ubufaransa ku mavi kubera umugambi wo kwongera imyaka ya pansiyo ikava kuri 62 ikaja kuri 64.

Eric Sellini wo mw’ishirahamwe CGT yagize ati "yegereyegere yatanguye hose".

Uyu munsi wa kabiri ubaye uwugira gatandatu w’imyiyerekano yatanguye hagati h’ukwezi kwa mbere, amashirahamwe y’abakozi akaba avuga ko iza kuba ikaze kurusha iyindi yose.

Gari ya moshi nka zose co kimwe n’izigira mu kuzimu zahagaritse ingendo, amashure menshi nayo arugara.

Imyiyerekano ishika 260 niyo yitezwe hose mu Bufaransa kuri uno wa kabiri, igipolisi kikagereranya ko abantu bari hagati y’imiriyoni 1,1 n’imiriyoni 1,4 ari bo bayitabiriye.

Mu gihe leta iterekana ikimenyetso na kimwe c’ukurekura ku mugambi wayo wa pansiyo, umwe mu barongoye amashirahamwe y’abakozi, Emmanuel Lépine, mu ndwi iheze yavuze yuko intumbero yo kuzibira itangwa ry’ibitoro "ari iyo gushira ubutunzi bw’Ubufaransa ku mavi".

Hari amahinguriro y’ibitoro umunani ku butaka bw’Ubufaransa kandi ishirahamwe rikaze cane CGT ryavuze ko abari muri yegereyegere bazibiye inzira zose ziva kuri ayo mahinguriro, harimwo n’amahingurira y’ibigo TotalEnergies hamwe na Esso-ExxonMobil.

Ariko ntibizwi neza igihe ukwo kuzibira kuzomara.

Mu minsi iri imbere abakora yegereyegere bazosaba yuko hazibirwa n’ibindi birimwo ibigo vy’umuyagankuba.

Gushika ubu, ushize ku ruhande induru zivuzwa hamwe n’uguhungabanya ubuzima biza biriyadukiza, iyi myiyerekano nta kanini ironona ku butunzi, kandi iri tegeko rirabanda intambwe zaryo ukuri kwamye mu nama nshingamateka.

Amashirahamwe y’abakozi n’abanyepolike bo ku murongo ushira imbere gusabikanya barazi ko umwanya uriko urabaherana imbere y’uko iryo tegeko rishirwa mu ngiro, ikaba ari nayo mpamvu bongereye inguvu.

Prezida Macron yavuze ko iryo tegeko rivugurura igihe co kuja mu za bukuru ari "ngombwa" kubera igihombo gitegekanywa mu gisata ca pansiyo mu Bufaransa mu myaka 25 iri imbere, nk’uko bigaragazwa n’ikigo cigenga c’abihweza ibijanye na pansiyo, Pensions Advisory Council.

Co kimwe no kwongerako imyaka ibiri ku myaka yo gukukuruka, leta ivuga yuko abakozi bazotegerezwa kumara imyaka 43 bashira amahera mu kigega c’Ubufaransa ca pansiyo imbere y’uko bashobora guhembwa pansiyo yabo yose.

Abakozi bake mu Bufaransa nibo bafise pansiyo bwite zifatanye n’ugushora imitahe y’amafaranga bikazana inyungu.

Ibihugu bibanyi vy’Ubufaransa ku mugabane wa Buraya vyaradugije imyaka yo gukukuruka muri iyo myaka iheze, kugira biyihwanye n’ukuramba kw’abantu kwa kino gihe.

Ubutaliyano, Ubudage na Espanye vyaradugije imyaka yo kuja mu zabukuru gushika ku myaka 67, mu gihe mu Bwongereza kuri ubu ari imyaka 66.

Benshi mu banyagihugu b’Ubufaransa barashigikiye iyi yegereyegere, nk’uko bigaragazwa n’ikusanya-vyiyumviro ry’ikigo Elabe.

Nk’uko iryo kusanya-vyiyumviro rivyerekana, 56% vy’abanyagihugu bashigikiye yegereyegere kandi 59% bashigikiye ko igihugu gishirwa ku mavi.

Bibiri vya gatatu vy’abantu bashigikiye imyiyerekano yo kwiyamiriza umugambi wa leta wo kuduza imyaka ya pansiyo muri rusangi, nk’uko iryo kusanya-vyiyumviro rivyerekana.

Ariko, igitigiri c’abitabira ibikorwa vya yegereyegere mu mabarabara catanguye kugabanuka mu kwezi guheze kandi abarongoye amashirahamwe y’abakozi ubu bemera yuko yegereyegere zikurikiranya ari zo zishobora kubashikana ku ntsinzi.

Thierry Cotillard, umukuru w’umugwi w’amasoko ya kijambere yo mu Bufaransa, Les Mousquetaires, yagabishije ati "amahinguriro y’ibitoro niyazibirwa turashobora gushika mu mpera z’indwi ibitoro vyadukamanye".

Umuvugizi wa leta, Olivier Véran, yabariye igitangazamakuru France 2 ati: "Ntidushaka ko abanyagihugu b’Abafaransa, ugurura twa mugina, ugara twa mugina, ‘bahohoterwa’ n’ukuzibira kw’igihe kirekire."

Mu ndwi iheze, yaragabishije yuko izi yegereyegere zishobora guteza "amahano ku bidukikije, uburimyi hamwe n’amagara".