Bishasha hagati ya Israel na Gaza: Hamas iremera ko yorekura abo yanyuruje mu gihe intambara yohagarara

Yatangajwe

BBC yahawe ivyemezo, ko mu gihe ibiganiro bibandanya kugira ngo ba bantu bashika 203 banyurujwe ubu bakaba bapfungiwe muri Gaza barekurwe, Hamas yemeye ko ishobora kurekura bamwe muri bo mu gihe yokwemererwa ko intambara ica ihagarara ubwo nyene.

Gushika ubu Israel ntiremera ibi.

Hamas si yo ifise izi mpfungwa zose. Zimwe ziri mu minwe y’iyindi mirwi y’abarwanyi.

Kubona bagipfungiwe muri Gaza ni ikintu gishuhije imitwe y’intwazangabo za Israel mu nteguro zazo z’igitero co ku butaka.

Ikigaragara, ni uko abo bantu bagizwe imbohe bafise amahirwe menshi cane yo kurekurwa bakiri bazima mu gihe ibi vyoba biciye mu biganiro.

Igisirikare ca Israel kivuga ko cateye ibibanza 100 vya Hamas

Igisirikare ca Israel casohoye itangazo mu gatondo ko kuri uno wa gatanu aho kivuga ko ingabo zaco zakoze ibitero mw’ijoro ryakeye ku “bigo birenga ijana vyegukira umuhari Hamas”, vyishe abarwanyi bagize uruhara mu bwicanyi buheruka mu bumanuko bwa Israel.

Indege z’igisirikare ca Israel kirwanira mu kirere nizo zakubise ibi bibanza birenga 100, harimwo inzira yo mu kuzimu, ububiko bw’ibirwanisho hamwe n’ibibanza bitari bike vyo guteguriramwo intambara.

Mu bishwe, nk’uko iri tangazo rya IDF ribivuga, harimwo Amjad Majed Muhammad Abu Odeh, "umusirikare wa Hamas arwanira mu mazi afise uruhara mu bwicanyi bw’abasivire ba Israel mu bumanuko bw’igihugu”.

Vyongeye, umurwi w’abarwanyi “bakora iterabwoba”, ufise uruhara, nk’uko iri tangazo nyene ribivuga, mu bitero vyo mu kirere kuri Israel, “wasambuwe” mu bitero vyakozwe ku gisagara ca Gaza.

IDF ivuga kandi ko yasambuye ibirwanisho vyari bibitswe mu musigiti mu karere ka Jabalya. Iri tangazo ntaco rivuga ku gitero cakozwe ku nzu iri hampande y’urusengero muri Gaza.

Imbere y’aha, umushikiranganji w’intwaro yo hagati muri Gaza irongowe na Hamas yatangaje ko igitero ca Israel mu kibanza kirimwo urusengero rw’Abagiriki cishe kigakomeretsa “igitigiri kinini” c’abantu bari bahinyegeje. Ababonye iki gitero babwiye AFP ko ikibanza kiri hafi y’Isengero ryitiriwe Umweranda Porphyria ari co catewe.

Uru ni rwo rusengero rumaze imyaka myinshi muri Gaza. Nk’uko ababibonye babivuga, igi gitero cononye uruhande rw’uru rusengero congera gisenyura rwose inzu yari iruhande yarwo. Igisirikare ca Israel kivuga ko cariko kirahinyuza iyi nkuru kuri iki igitero n’inkurikizi zaco.