Uriko ubona ku rubuga aherekana amakuru mu nyandiko gusa, hakoresha uburyo buke. Ja ku rubuga nyamukuru ubone amakuru mu nyandiko iherekejwe n'amasanamu.
Njana ku rubuga nyamukuru canke aho gusoma gusa
Ibindi vyerekeye ingene urwo rubuga rugutwara uburyo (ama mega) buke
Ayavugwa mw’igura n’igurishwa ry’abakinyi: Mbappé, Walker, Di Maria, Laporte, Lingard, Ramos, Buffon
Umukinyi w’inyuma wa RB Leipzig na Croatia Josko Gvardiol w’imyaka 21, ari hafi yo kwimukira muri Manchester City ku giciro kitari bwigere kibaho muri uno murwi c’imiriyoni 86 z’amapawundi. (Telegraph)
Umumenyereza wa Fulham Marco Silva w’imyaka 45 yanse amasezerano n’umurwi wo mw’ihiganwa ryo muri Arabia Saoudite(Saudi Pro League) aho yari kuronka umushahara w’imiriyoni 17 z’amapawundi. (iNews)
Umusatirizi wa Paris St-Germain n’Ubufaransa Kylian Mbappe w’imyaka 24 ashaka umushahara w’imiriyoni nibura 206 z’amapawundi kugira ngo yinjire mu murwi uwo ari wo wose muri rino ci. (Mail)
Newcastle United iripfuza abakinyi bo hagati b’Ubwongereza, Kalvin Phillips w’imyaka 27 akinira Manchester City, hamwe na Conor Gallagher w’imyaka 23 akinira Chelsea, mu gihe ivyo kurondera umukinyi w’inyuma wa Southampton Umwongereza Tino Livramento w’imyaka 20 vyananiranye kubera igiciro. (Telegraph)
Aymeric Laporte ariko aratera amero Arsenal na Juventus, mu gihe uno Mufaransa w’imyaka 29 akina inyuma atabona neza kazoza kiwe muri Manchester City. (Mundo Deportivo)
Manchester City iripfuza kugumana umukinyi wo ku ruhande, Umwongereza Kyle Walker w’imyaka 33, asanzwe aronderwa na Bayern Munich, ikaba igiye kumuha amasezerano mashasha. (Fabrizio Romano)
Lyon yegereye umurwi Chelsea iwusaba umukinyi wo ku ruhande Umunyamerika Christian Pulisic w’imyaka 24 ikaba yemera kuwuha imiriyoni 25 z’ama-euro, mu gihe kandi asanzwe aronderwa na AC Milan ku miriyoni 14 z’ama-euro. (Athletic)
Umukinyi w’inyuma wa Chelsea Cesar Azpilicueta w’imyaka 33 agiye kwimukira muri Atletico Madrid muri ini ndwi mu masezerano y’imyaka ibiri, aba ba Blues bakaba biteguriye kumurungika kuri gusa. (Fabrizio Romano)
Brentford yemeye kugura umukinyi w’inyuma wa Wolves umunya-Irlande Nathan Collins w’imyaka 22 ku kiguzi kitari bwigere kibaho muri uyo murwi c’imiriyoni 23 z’amapawundi. (Sky Sports)
Wolves yasubiye kwanka imiriyoni 35 z’ama-euro zitangwa n’umurwi Napoli uherutse gutahukana ihiganwa ry’Ubutaliyano, Serie A, kuri umwe mu bakinyi bayo b’inyuma, Umwongereza Max Kilman w’imyaka 26. (Athletic)
Umukinyi wa Fulham umunya-Israel Manor Solomon w’imyaka 23 yari yatijijwe muri Shakhtar Donetsk ariteguye kwimukira muri Tottenham, ikaba yamaze kumwemerera amasezerano y’imyaka itanu. (Athletic )
West Ham yegereye ku mugaragaro umukinyi wo hagati wa Leeds United Umunyamerika Tyler Adams w’imyaka 24. (Yorkshire Evening Post)
Everton ivugwa ko yemera gutanga umusatirizi w’Umwongereza Ellis Simms w’imyaka 22, canke umusatirizi w’Umufaransa Neal Maupay w’imyaka 26, kugira ibaguze n’umukinyi w’inyuma Umwongereza Scott Wharton w’imyaka 25, asanzwe akinira Blackburn Rovers. (Football Insider)
Uwahoze ari umukinyi wo hagati wa Manchester United na Nottingham Forest Jesse Lingard w’imyaka 30, ariko arimenyereza hamwe n’umurwi Inter Miami wo mw’ihiganwa rya Amerika MLS, inyuma y’aho Wayne Rooney abeshurije ko uyu Mwongereza azokwimukira muri DC United. (Mirror)
Uwahoze ari umunyegori wa Juventus, Paris St-Germain n’Ubutaliyano Gianluigi Buffon w’imyaka 45, yemerewe amasezerano y’umushahara w’imiriyoni 25 z’amapawundi kugira ngo yimukire mw’ihiganwa ryo muri Arabia Saoudite, Saudi Pro League. (Mail)
Sergio Ramos w’imyaka 37 aboneka ko ari we mukinyi akurikira agiye kuronderwa na Inter Miami, uno murwi w’ihiganwa rya Amerika, MLS, ukaba wipfuza uno mukinyi w’inyuma yahoze akinira Real Madrid na Paris St-Germain inyuma y’aho amariye kuba yidegemvya. (Mirror)