DRC -Italy: Gupfungwa ubuzima bwose ku bishe Ambassadeur Luca Attanasio

    • Umwanditsi, Emery Makumeno
    • Igikorwa, BBC Kinshasa
  • Yatangajwe

Sentare ya gisirikare muri Repuburika ya Demokrasi ya Congo yaciriye urubanaza rwo gupfungwa ubuzima bwose abagabo batandatu bagiriwe n’icaha co kwica uwaserukira Ubutariano muri ico gihugu mu 2021.

Luca Attanasio ari mu bantu batatu bapfuye barashwe inyuma y’aho urukurikirane rw’imiduga ya ONU barimwo rugwiriye mu mutego.

Umushoferi wiwe niwe yapfuye ubwa mbere hanyuma we n’uwamucungerera umutekano bagendana baranyuruzwa, bapfa mu nyuma igikorwa co kubatabara kigenze nabi.

Ivyo vyabereye mu buseruko bw’ico gihugu burangwamwo umutekano muke, akarere kayogozwa n’imigwi myinshi yitwaje ibigwanisho.

Igitero cabaye igihe bariko baraca mw’ibarabara ryo muri Parc ya Virunga, ikibanza c’umurage w’isi wa Unesco kiri mu bumanuko bwa Goma, aho bari kugendera umugambi wa PAM wo gutanga ivyo kurya.

Batanu muri abo bagabo batandatu bagirizwa ubwo bwicanyi bafashwe mu kwezi kwa mbere mu 2022 bakaba bafungiwe mw’ibohero rya gisirikare rya N’Dolo ku murwa mukuru, Kinshasa. Uwugira gatandatu ntazwi iyo ari.

Ubushikirizamanza bwavuze ko abo bagabo bari mu ‘’mugwi w’inkozi z’ikibi’’ aho bamaraiye kwica umushoferi Mustapha Milambo bari bafise umugambi wo kugumya Attanasio n’Umutaliano ajejwe umutekano wiwe bagendana Vittorio Iacovacci kugira babasabeko ingwati [yo kubarekura].

Umushikirizamanza Godé Bamusamba Kabambaa yari yabasabiye igihano co gupfa.

Muri urwo rubanza rwari rwatanguye mu kwezi kw’icumi, abaregwa bavuze ko ivyo bemeye igihe basambwishwa ubwa mbere bavyemeye kuko bariko baraborezwa igufa.

Umushingwamanza wabo, Joseph Amzati, yabwiye BBC ko bazokwuguruza.

Yavuze ko urubanza rutabaye neza kuko mu bacitse kw’icumu uko ari bane ata n’umwe yaje kuba isura (umutangabuhamya) imbere ya sentare.

Abagirizwa, bose umushingwamanza wabo avuga ko bahora banyonga taxi-moto, bategetswe kuriha miriyoni zibiri z’ama dorari ($2 million) z’indishi ku miryango y’ababuze ababo.